IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > umutekano > Cibitoke : Abagore n’abigeme 1077 nibo bahohotewe mu mwaka w’2013

Cibitoke : Abagore n’abigeme 1077 nibo bahohotewe mu mwaka w’2013

dimanche 29 Kigarama 2013

Mu ntara ya Cibitoke, abakenyezi n’abigeme 1077 nibo bahohotewe abandi 156 bafatwa ku nguvu, 2 nabo baritaba Imana muri uno mwaka wa 2013, vyashikirijwe n’ikigo kijejwe guteza imbere ingo n’imiryango muri iyo ntara.

Ivyo biharuro vyo mu ntara ya Cibitoke biri mu cegeranyo casohowe n’ikigo kijejwe iterambere ry’ingo n’imiryango kibifashijemwo n’ikigo Seruka . Abandi bakenyezi n’abigeme bagera ku 921 bakaba bahohotewe mu bundi buryo. Muri komine ya Rugombo ni 239, komine Bukinyana 132, komine Mugina 176, komine Buganda ni 156, Mabayi ni 156, Murwi ni 196. Guhera mu kwezi kwa Nyakanga gushika muri Kigarama naho abafashwe ku nguvu bongera barahohoterwa bagera kw’i 172 ,128 bahohotewe hamwe abandi 34 bafashwe ku nguvu, abitavye Imana nabo ni babiri: umwe n’umwana w’imyaka 14 yafashwe ku nguvu uwundi nawe akaba ari umukenyezi yahohotewe n’umushingantahe wiwe.

Muri ico kigo kijejwe guteza imbere ingo n’imiryango bakavuga ko ibiharuro bishobora kuba birenga kuko hari benshi batamenyekana abandi ugasanga imiryango yabo ibihereza mu kanywababo .


KARIRE Floxella

Messages

  • Mbega inkuru yincamugongo nahano muri africa yepfo birabaho ariko twari dukwiriye kwihangana tu kareka kwica ubuzima bwabandi kandi umutekano ugakomezwa kandi natwe abantu ntitwisamareho kuko umubiri ari uwacu burundi mwirinde satani kuko ariwe mwansi sekibi imana ifashe abo bose bahuye nivyago.

  • iyo ninkwirikizi y’intambara kuko itaraba iryo bara ntiryavugwa i Burundi!Nikuhagabira kandi ivyo bikwiye igihugu cose aho umutama atacubaha uwungana n’umwana wiwe.Nikuraba BFrederic bamurekure ararengana kuko abo bose siwe kandi we ntawe yasinzikarije ubuzima!

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.