IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > umutekano > Cibitoke : Abanyarwanda badafise ibibaranga bahagaritswe n’igiporisi

Cibitoke : Abanyarwanda badafise ibibaranga bahagaritswe n’igiporisi

mardi 13 Rusama 2014

Mu ntara ya Cibitoke, abajejwe umutekano barahagaritse abanyarwanda bagera kuri mirongo ibiri batari bafise vyangombwa bibaha uburenganzira bwo kurangurira imirimo yabo mu Burundi. Bose bapfungiwe mu busho bwo mu Rugombo no mu Cibitoke.

Intara ya Cibitoke ni imwe muzikunze kubonekamwo abanyamahanga, cane cane abanyarwanda baharangurira imirimo yabo, abandi nabo bahashinga imiryango. Bamwe muri abo banyamahanga usanga hari abakwije ibisabwa n’amategeko, abandi bakaba batagira ibibaranga bibaha ubwo burenganzira bwo gukorera ku butaka bw’Uburundi. Mu bikorwa vy’ukugenzura uruja n’uruza muri iyo ntara ya Cibitoke, igiporisi carahagaritse abanyarwanda bagera kuri mirongo ibiri batagira ibibaranga. Bagifatwa baciye bajanwa gupfungirwa mu busho bwo mu Rugombo hamwe no mu Cibitoke.

Abajejwe intwaro muri iyo ntara ya Cibitoke bamenyesha ko bakiriko baragira amatohoza kugira bamenye imyidondoro y’abo banyarwanda, bakaba bazoheza bagashikirizwa inzego zibijejwe inyuma y’amatohoza. Abo bajejwe intwaro basaba abanyamahanga bose bakorera ku butaka bw’Uburundi ko kubera imvo z’umutekano, bokwisunga amategeko, kandi barondere impapuro n’ibindi vyangombwa bibarekurira gukorera mu Burundi.


Egide Nduwimana

Messages

  • Ariko abanyagwanda nibobanyamahanga bari mu Burundi gusa,kwa bakongomani mbona aribenshi atawubakoma?mugabo twebwe mu ri congo bariko baratwirukana,kobatabakoma,nkubu ntamurundi numwe arekuriwe kwiga muri congo.nikuki?

  • ntimwihende ngo mukore kuri mama wanje. kuva muri 60 ari murugombo naniho mvuka.

  • Barabe ntibazire imvo ya politike y,ibihugu tuvamwo mbe ibindi bihugu vyakure y,uburundi vyakiriye abarundi bidahana urubibi bikaba bibatunze,badahuje indimi ubwo rero abo benewacu duhuje ururimi ndumva bobareka.Barabe ko bohungabanya umutekano gusa.

  • nivyiza ko natwe abarundi twiha agateka ko abanyamahanga biyizira iro uko bashatse atavyangombwa bafise,ahubwo iryo sekeza ni ribe mu ntara zose hama abadafise vyangombwa basubizwe iwabo kandi ntibibe kubanya rwanda gusa

  • Uburundi bgakwiye kubyifatamo neza kuko havugwa interahamwe ziri muricyo gihugu. abadafite ibyangombga byobaye byiza babazanye murwanda tukareba ko zitaba ari ziriya ntindi zakoze amahano

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.