IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > umutekano > Cibitoke : Abagirizwa uburozi barara ntibuca

Cibitoke : Abagirizwa uburozi barara ntibuca

lundi 22 Nyakanga 2014

Mu ntara ya Cibitoke havugwa abantu bandika amajambo y’iterabwoba ko ari abarozi, ariko abikekwa ko aribo bandika izo nzandiko bakaba bamaze gufatwa.

Muri izo nzandiko zimaze n’ugukwiragira mu ntara za Bubanza, abiketsweko ubwo burozi bakaba barara ntibuca, bamwe ndetse bikavugwa ko bamaze n’ukuyanyaga. Muri iyo ntara ya Cibitoke komine ya Bukinanyana, hakavugwa intonde z’abantu bagera kuri 40 bagirizwa uburozi.

Mu ntwaro muri iyo komine baragabisha uwo wese atera ubwoba abandi ko afashwe atazihanganirwa. Babiri rero muri abo bandika izo nzandiko bakaba bamaze guhagarikwa, ubu bariko barabazwa mu giporisi mu ntara ya Cibitoke. Mukamenya ko mu mwaka w’2013 abantu bagera kuri 14 aribo bagandaguwe bagirizwa uburozi muri iyo ntara nyene, inyuma yaho habonekeye inzandiko zitagira imikono zavuga abantu baroga kandi babwirizwa kuzicwa.

Izo nzandiko zinyuragiranwa mu mayira z’abo bagirizwa uburozi zikaba zitera ubwoba ababa bavuzwe ko ari abarozi, aho mw’ijoro batarara mu mihana yabo.


Aristide Nizigire

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.