IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Cibitoke: Ibihano bikomeye vyafashwe kubadandaza kanyanga

Cibitoke: Ibihano bikomeye vyafashwe kubadandaza kanyanga

mercredi 29 Rusama 2013

Muri iyi minsi haribonekeza urudandazwa rw’inzoga zitandukanye zitemewe n’amategeko, kandi zonona n’amagara y’abantu. Izo nzoga zikaba zivurwa cane mu ntara za Cibitoke, Mwaro, Kirundo na Muyinga eka ndetse n’ahandi.

Mu ntara ya Cibitoke rero kuva kw’igenekerezo 28 Rusama 2013, barahagurukiye abagira urwo rudandazwa ndetse n’abakora izo nzoga zibangamira rwose amagara y’abantu, nazo zikaba ari nka kanyanga, umunanasi, umudiringi. Abahora ari bakaruhariwe mu kuzikora ndetse no mu kuzinywa barafatiwe ibihano bikomeye.

Kuva ubu, umuntu wese azofatwa ariko akora ubwo bwoko bw’inzoga zitemewe n’amategeko azoriha ihadabu y’amafaranga ibihumbi amajana abiri, mu gihe naho uwohirahira agafatwa ariko arihereza ubwo bwoko bw’izo nzoga azoriha ihadabu y’amafaranga ibihumbi ijana.

Abanyagihugu rero bo mu ntara ya Cibitoke atari bake barashimishwa n’izo ngingo na rirya abanyagihugu bahora bidoga ko amatungo y’imiryango yari yarahahoneye, bayajana muri izo nzoga.

Izo ngingo rero zikaba zafashwe mu nama yahuje buramatari w’iyo ntara n’ abajejwe intwaro barikumwe n’abajejwe umutekano.


Aristide Nizigire

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.