IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > umutekano > Cibitoke : Ingwano yaheze abateye bativuze

Cibitoke : Ingwano yaheze abateye bativuze

lundi 5 Nzero 2015

Ingwano yari imaze iminsi itanu hagati y’abarwanyi bataramenyekana hamwe n’abasirikare b’Uburundi yaheze kuri uwu wa gatanu igenekerezo rya 2 Nzero 2015, ikaba yaheze abasirikare b’Uburundi bataramenya abari bateye igihugu c’Uburundi, nk’uko bishikirizwa n’igisirikare c’Uburundi. Abarwanyi 95 barahasize ubuzima, icenda barafatwa, mu gihe ku rundi ruhande hapfuye abasirikare babiri, hamwe n’abanyagihugu babiri harimwo umwana akiri muto bitavye Imana.

Mu gisirikare c’Uburundi bamenyesha ko izo nkozi z’ikibi zari zitwaje ibirwanisho bigizwe n’inkoho za Kalashinikov, za muzinga (mitralleuse) hamwe n’izindi. Umuvugizi w’igisirikare c’Uburundi, Colonel Gaspard Baratuza, amenyesha ko bisunze ivyagiye birafatanwa abo barwanyi baharurwa hagati y’ijana na mirongo ibiri na batanu hamwe n’ijana na mirongo umunani bari bateye Uburundi, biboneka ko bari baje bagamije gushika mw’ishamba rya Kibira baciye muri komine ya Buganda, Murwi na Bukinanyana. Mu gisirikare c’Uburundi bamenyesha ko abo barwanyi bari bafise intumbero yo gushinga aho mu Kibira ibirindiro bizobafasha kwigisha akarangamutima kabo hamwe no kurondera abanywanyi hirya no hino, gutyo bakazoca bategura ibitero mu gihugu cose imbere y’uko amatora ya mbere azoba.

JPEG - 1.2 Mo
Colonel Gaspard Baratuza, umuvugizi w’igisirikare c’Uburundi

Abanyagihugu bumvise abo barwanyi bavuga ko ari "Abo kwa Mutama"

Mu gisirikare c’Uburundi bamenyesha ko muri iyo minsi itanu bari bamaze barwana n’abo bitwaje ibirwanisho, batashoboye kumenya abaribo, kiretse gusa ko babonye mu mpapuro basanganye abafashwe, ko baje bava ahitwa I Mutarure, muri Repuburika iharanira intwaro rusangi ya Congo. Colonel Gaspard Baratuza, umuvugizi w’igisirikare c’Uburundi amenyesha ko ribaye irya mbere haba igitero c’abaitwaje ibirwanisho, bakamara hafi indwi yose, ariko hakabura abiyitirira ivyo bitero. Muvyo bashoboye kumenya gusa, n’uko icegera c’umuvugizi w’abo barwanyi azwi kw’izina ry’iritazirano rya AK47 (izina ry’inkoho yo mu bwoko bwa Kalashinikov), ariko bamwe mu banyagihugu bumvise abo barwanyi bakamenyesha ko bumvise bavuga ko ari "abo kwa Mutama". Gaspard Baratuza, umuvugizi w’igisirikare c’Uburundi asigura ko gushika ubu bakirindiriye amatohoza yamaze gutangura gukorwa, ariko agatomora ko abo barwanyi atawe baravuga yabatumye, yaba ku ruhande rw’abatavuga rumwe n’ubutegetsi canke ahandi ahariho hose.

Abafashwe bagizwe n’urwaruka rukiri ruto

Muri iyo ngwano yari imaze iminsi itanu, mu gisirikare c’Uburundi bamenyesha ko bahaburiye abasirikare babiri, hamwe n’abanyagihugu babiri nyene bitavye Imana, harimwo muri abo babiri umwana umwe akiri muto yahitanwe n’urusasu. Abandi basirikare indwi barakomeretse, mu barwanyi naho bakaba babuze abagera kuri 95, hamwe n’abagera kw’icenda bafashwe bagirwa imbohe. Abo bafashwe bagizwe n’urwaruka rw’abakiri bato biboneka ko batarenza n’imyaka 25, hakaba harimwo n’umwe bivugwa ko yahora kuri kaminuza.

JPEG - 45 ko
Abafashwe n’igisirikare ni icenda b’urwaruka rukiri ruto

Colonel Gaspard Baratuza umuvugizi w’igisirikare c’Uburundi arabeshuza abavuga ko hari abarwanyi bishikanye bagaca bagandagurwa, akamenyesha ahubwo ko ata n’umwe muri abo barwanyi yishikanye, ko abafashwe bose bariko bararwana. N’aho umwe mu bamenyeshamakuru bari muri ico kiganiro cabaye kuri uwu wa mbere yatanze akarorero k’ivyo yiboneye wenyene ku rubuga rw’ingwano ahitwa mu Kibimbi, aho abarwanyi bagera kuri 47 bishikanye baca baragandagurwa, umuvugizi w’igisirikare c’Uburundi yavyamiriye kure. Colonel Gaspard Baratuza ariyamiriza kandi abagiriza abasirikare b’Uburundi ko bakoranye muri iyo ngwano n’abahoze ku rugamba hamwe n’urwaruka rw’Imbonerakure za CNDD FDD.
Colonel Gaspard Baratuza asigura ko abanyagihugu bo muri komine Murwi na Bukinanyana ahabereye izo ngwano bafashije mu guhanahana amakuru n’abajejwe umutekano hamwe n’ukwerekana aho boba biketse abo barwanyi, ivyo navyo kubwa Colonel Gaspard Baratuza, bakaba babirekurirwa n’ibwirizwa shingiro.

Igisirikare c’Uburundi carafashe ibirwanisho bitari bike vy’abo bagizi ba nabi, bikaba bigizwe n’inkoho zo mu bwoko bwa Kalashinikov 45, ibikoho vya muzinga bitanu, ibitera amabombe icenda hamwe n’amabombe yavyo, ubufuni, ibikoresho vyo gutumatumanako amakuru ku rugamba, ibikono vy’amasasu, hamwe n’ibikoresho bifasha kuraba kure.

JPEG - 45.2 ko
Inkoho zigera kuri 45 za Kalashinikov zarafashwe

Abasirikare barakezwa ku gikorwa baranguye

Mw’itangazo ryasohowe kuri uwu wa mbere, rigasomwa na Colonel Baratuza muri ico kiganiro, ubushikiranganji bwo kwivuna abansi bwamenyesheje ko bukeje inzego zose zakoze igikorwa gihambaye kugira umwansi yari yiyadukije mu ntara ya Cibitoke ateshwe mu mwanya muto. Muri ubwo bushikiranganji bw’ukwivuna abansi barahumuriza abanyagihugu bo mu ntara ya Cibitoke ko umutekano ari wose. Ku bijanye n’abarwanyi baguye muri izo ntureka bagaca bashingurwa mu matondo y’abanyagihugu, Colonel Gaspard Baratuza arahumuriza akamenyesha ko babaye barabahamba aho kuko hari mu ntambara, ariko akamenyesha ko vuba abajejwe intwaro bagiye gukorera hamwe n’abajejwe umutekano, kugira abo barwanyi bakurwe muri ayo matongo, bajanwe mu matongo y’abapfuye.

JPEG - 47.2 ko
Mu gisirikare c’Uburundi bamenyesha ko abafashwe ari abarundi bose
JPEG - 47 ko
Harafashwe n’ibikoho vya muzinga

Egide Nduwimana

Messages

  • Ndongeyekwemerako uburundi bufise abasirokare karuhariwe! Uwavuze kwaribabitumwako ntiyabeshe kandi yaribazibikwiye!

  • Nishimiye ikigikorwa cakozwe nabashinzwe umutekano wigihugucacu kandinongera mpaza igisirikare cigihugucacu cabuze abasirikare babiri bazira kugirango jewe murundi nuwundiwese aba mwububurindi ntidusbikirwe nizonkozi zibibi baremeye bitega uruzasu baribarashe ngorujekwica umweregihugu bemera kurwitega rwicabo kugira umu yangibuvu nkire nongeye nokuremesha imiryango yabo. ABASHINZWE GUTOTOHOZA ABOMWAFASHE MUBITONDERE MUBAKUREKO INKURU ZIMWE MUZOZITUBWIRE KANDIHAZOBEHO NIZOMWIBIKIRA. MURAKOZE.

  • Turashimira igisoda canse kwica izo nkozi zikibi zafatiwe ku rugamba,tugasaba ko zosaba ikigongwe bakazisubiza mu ruhongore zigafasha abandi kubaka igihugu mu mahoro nta ngere.bibe akarorero ku muntu wese yifuza kuzana ingwano mu Burundi.

  • Ndashimiye igisirikare cuburundi kukazi kabo bakoze nkaca nsaba nImana rugiravyose yaakire abasoda bacu mubwami bwayo kuko bazize kurwaanira abanyagihugu nkaca mpa nimpanuro yabasore bakiri bato ko borekwa guhendwa nabanyeporitike kuko ataneza babifuriza . Imaana ihezagire Uburundi nAbarundi bose Nigisoda cacu citanze mugukingira igihugu nabarundi bose

  • Yooo.mbega yemwe none abo bantu bateye igihugu cacu ni bande?ariko BACA umugani mu kirundi ngo "Nuwaririmbiye mu kuzimu yaramenyekanye"natwe abarundi tuzoteba tumenye abo bantu.

  • N’abasigayeyo canke binyegeje munzego nibaseruke tubatabur’amahaha n’impemero kuko abajejw’umutekano ntabwoko ntamugambwe, ntantara uwuzotera weeeeeese tuzomuseny’iborogo atacamira n’abo kwa Nzabampema basambuwe muri Congo uy’umunsi nibishikane ataraho tuzobatabur’amahaha nk’abandi kugeza kukanyuma uwawucanye azowota hatisunzw’ikintu nakimwe

  • none yamyambaro yagisirikare hamwe n’ibirato bavuga ngo vyatanzwe na sinduhije biri he?
    abo ko ari abarungitswe na Adolf yariyiteguriye guhungabanya umutekano inyuma yogukurwa mw’iperereza none akaba akomwe munkokora na Gaciyubwenge be na Niyombare ses principaux rivaux mwashaka ubutegetsi buce buvyemanga?

    rindira bizoja ahabona basha bareke kubeshera intungane zo muri opposition. nashimiye opération ya Gaciyumbwenge na niyombare

  • uwutobita abako
    mando ntiyoba ari umuru/di w’umtima.gufata lance roquette zinganuko na mi-klach sha bari biteguye.

  • Abobantu uyiyimisi itanugusa baribamaze kuruvamba niyoyaritumye amagufayabo yanikizahejuru ubwiso bugatuna? Nimuburebere amata nutujumbu mubazamishe kuko nabasbimiye mumatohoza bariko barabakorako kobarimwo baravivisbukuri.

  • Ba mwandika inkuru ifise akamaro nka Land nukuri abo bantu ni abaleta itacumvikanye ko ..Bareke kutubesha kandii bizoja ahabona..Mpaye pole Euphrasie wo muri frodebu yasatswe n abandi..Bareke kwitoza utunyoni..,,,

  • Yaaaa ingwano yaheze mutamenye uwabateye!!!mufise iperereza??etat major???G2 de ??polici??? None mwuva igihugu kikiri igihugu???mugabo kwica ?nokurasa abaryamye hasi??mwabimenye yaaaaaa dd nabawe bose mukora ibitagira ubwenge ???ewe burundi waragowe nico gituma umu congomani azana ibiziga vyabagwaye ebola akaza kubita iwawe !!!ariko ibigugu bizotuvako gute???

  • Abarundi bamye kuva kera ari ihanga rigizwe n’abahinga muvyo kurementanya: muri Bujumbura News banditse ko abaciwe ku rugamba bose atari abarwanyi ahubwo ari abanyagihugu ko ari ir "ihonyabwoko", hanyuma kandi uwo mumenyeshamakuru akavuga ko yiboneye abarwanyi 47 bishikanye ariko bakagandagurwa bunyamaswa( contradiction). Ico dukwiye kumenya nu ko" iturufu ya genocide" yatanguye guta agaciro. Ntihagire abaza baratanguza intambara, babivuna ngo nihonyabwoko. Ubu abarundi bararambiwe n’intambara, bakeneye amahoro n’iterambere. Intambara ikenewe n’iyivyiyumviro.

  • Imana ishimwe igikuru nuko bateshejwe barananirwa.

  • NDASHAKA KUBWIRA UWARIWE WESE URI GUSHUKA URU RUBYIRUKO NGO RUJYE MU NGWANO KO ARIMO AHEMUKIRA ABARUNDI N’IMANA.NTABWO GUHIRIKA UBUTEGETSI BISABA BURI GIHE KUJYA MU NTAMBARA KUKO BYAGARAGAYE KO ABANYAGIHUGU UBWABO BADAFITE IBIGWANISHO BASHOBORA KUGIRA ICYO BAKORA MU GUKURA UBUYOBOZI. MUHAGARIKIRE AHO RERO GUSESA AMARASO Y’INZIRAKARENGANE MUZISHUKA NGO ZIJYE KU RUGAMBA KUBERA KO MTABONYE IBYO MWIFIZA(IMYANYA Y’UBUTEGETSI).

  • wewe wiyita rufyiri,umengo urimburabwenge kowahora uterubwoba abarundi ngurafise abagwanyi mwenashobuja muzohungabanisha umutekano hamwe nabona mwandika ngomuragabisha ivyomugabisha none bamwe wahora ukangisha nabo mbonye9 bafashwe mpiri bahatswe kunyweshwa ibamba, shaaaa amatohoza ntabwo yabuze oya budya tuyarondera kuriwewe shebuja wiyomivyimba wabeshe ngonabagwanyi ufise kumbe arabifatirinzira imanuka muburoko canke murungike abandi boharaho bokwinanata

  • Iyo Baba Bumva Abasigaye Bari Kwumva.Nibabure Kuja Kurima Ngo Bashaka Gutwara Aruko Batumaze.Ese Bazotwara Imbwembwe Abantu Twaheze?

  • uwabatumye arakwiye gushengezwa ,birateye ubwoba guhenda abana nkabo imbere y’ingabo tuzi nkiz’uburundi

  • NONE DUKORESHEJE UBWENGE ATARI FANATISME KUKI LETA ITAVUGA ABARI BO???NTA BURYO IFISE BWOKUMENYA ABAYITERA ??ABO BANTU BARI HE KUGIRA BITEGURE NUBWO TUBONA BAFASHWE MPIRI??ARIKO UMUVUGIZI AVUZE URUMVA KO ADASHAKA KUVUGA UKURI???!!!!!

  • Amahoro! Barundi!Ndagirango nkebure kandi nibutse umuntu yanditse ngo "itiurufu ya Genocide yataye agaciro"! Amenye aho ibihugu byacu byavuye naho bijya!Niba genocide ntacyo yamubwiye azarinda apfa atazi ikiremwamuntu ico arico.Mbega uruyoya,umutamakazi,umurwayi bajya ku rugamba,umugore atwite ?Ntibibashikire nico mbifuriza byonyine.Ahubwo bibabere isomo ,mbega impunzi mwabnye nazo imyaka n’imyaka ntaco byababwiye!!!

  • Nagomba nkebure abantu atarimana ko ivyukora vyose nibitagushira kukushajebidatevyeutaburabandi amahaha ureka urikurorora uvumo mumuryango wawe kuko ivyovyose utakuyemwo nakimwe kiretse ibizokwiyongerakuvyo uriko urakora bigiye gushikira uruvyaro gwawe canke abavyeye,abavukanyi n,abandi kandi ntizoshikautakiriho

  • Nagomba nkebure abantu atarimana ko ivyukora vyose nibitagushira kukushajebidatevyeutaburabandi amahaha ureka urikurorora uvumo mumuryango wawe kuko ivyovyose utakuyemwo nakimwe kiretse ibizokwiyongerakuvyo uriko urakora bigiye gushikira uruvyaro gwawe canke abavyeye,abavukanyi n,abandi kandi ntizoshikautakiriho

  • abo bana ntiboshobora kwikorera inkoho tubona bafashe, bakarwana 5days. Jewe mbona finalement abateye nyakuri baraheze, abo bafashe ngo babatwaze ibirwanisho nibo basigaye aribo babo.

    Abateye ndabona barwanya Accord d’Arusha, bashaka ko tutagira uburenganzi bwo gutora dusubire mu ntwaro z’abahima b’i Bururi. Bazihenda kabisa kuko sinduhije abatuma abana biwe bibereye mu mashuri hanze y’iguhugu.

  • Mbe kugez’ubu atakuri kuramenyekana kuvyabaye mu Cibitoke .Bibaza ko vyoba bihumuriza imitima ya banyagihugu ?turasavye ukuri kuje ahabona .Tureke kuguma guteran’amajambo bamwe ngo naba abandi ngo naba .Murakoze

  • aba DD boshaka bofatana mu nda kuko abahima bakagisubirako bazobaca amavya pe jewe sindabahenda. Adolphe iyo migambi afise yo kwica umukuru w’igihugu amenye ko naho yoba afise abarwanyi bangana gute atoshobora gutsinda ndazi ko kuva 1996 ashira imbere kwica incabwenge zose iyo ziva zikagera. Yibuke ko ariwe afise amatungo menshi ngaha mu gisagara tuzoyaturira atakigongwe tumuce amavya tuyahe inkona

  • pore mwa misore mwe mwari muzi ko mugiye kuronka ubuzima muhakuye n akaziri mwagizimana ko mwashitse imbere yabajejwe umutekano ntaho mukigiye ndabibarize uwabatumye mura mubona kanatsinda nkaho ntawo muzi muzocire umugani abuzukuru komwigeze kuba ibihemu kubavyeyi banyu ubunibo muteye ingorane umwana atumvira abavyeyi yotuma... aho muzosubira kubaa nabahoze arabanyi murigorew mwa bizezemwe

  • None kobemezako batazi uwbateye abobafashe ntaco baba bajije?eseigihugu kiritwara umuntu arinjira agasohoka atawumumenye ?!

  • None kobemezako batazi uwbateye abobafashe ntaco baba bajije?eseigihugu kiritwara umuntu arinjira agasohoka atawumumenye ?!

  • kazungu aba bana wakwegeye akarambaraye ngo ugye kubarondera akazi?uzumenyeko nutasaba ikigongwe imana????uzobabazwa umunsi utazi aryamaraso yabamaze kurenguka imbere yimana azokubere icigwa cubuzima bwaw saw.

  • Nagire Nkebure Abantu Baguma Biyumvira Ko Barya Barwanyi Ari Aba Adolphe, Adolphe Nibareke Kumubeshera Kuko Turazi Neza Ko Barya Barwanyi Ari Abo Kwa Sinduhije.Nikimenyamenya Nuko Inyuma Y’inama Sinduhije Yigirishije I Bugande,yaciye Aza Mu Cibitoke Kurondera Ingene Abo Barwanyi Bokwinjira Mu Kibira. NiHo Rero Asubiye Inyuma Muri Congo Yabaha Irya Mape Ngo Bahuye Nabatutsi Bababwire Ngo Turabo Kwa Mutama. Rero Kubera Imana Ikunda Iki Gihugu Cacu Cuburundi Ntivyakunze Ko Bashika Kuri Objectif. Nahanura Sinduhije Nabo Bafatanije Ko Bobiheba Kuko Ariko Arahenda Urwo Rwaruka.Raba Bubaye Ubwakabiri ! Hanyuma Aravye Nabi Nawe Azohasiga Amabwena. Bashaka Ubutegetsi Nabakine Politique Hama Bitonde Niho Bazoshika Aho Bashaka. Kandi Baze Bibuka Yesu Yatubambiwe Kuko Ibindi Vyose Tuzobisiga Kwisi. Mwijuru Ntabwoko Tuzojanayo. Murakoze Imana Ibahe Umugisha.

  • Nagire Nkebure Abantu Baguma Biyumvira Ko Barya Barwanyi Ari Aba Adolphe, Adolphe Nibareke Kumubeshera Kuko Turazi Neza Ko Barya Barwanyi Ari Abo Kwa Sinduhije.Nikimenyamenya Nuko Inyuma Y’inama Sinduhije Yigirishije I Bugande,yaciye Aza Mu Cibitoke Kurondera Ingene Abo Barwanyi Bokwinjira Mu Kibira. NiHo Rero Asubiye Inyuma Muri Congo Yabaha Irya Mape Ngo Bahuye Nabatutsi Bababwire Ngo Turabo Kwa Mutama. Rero Kubera Imana Ikunda Iki Gihugu Cacu Cuburundi Ntivyakunze Ko Bashika Kuri Objectif. Nahanura Sinduhije Nabo Bafatanije Ko Bobiheba Kuko Ariko Arahenda Urwo Rwaruka.Raba Bubaye Ubwakabiri ! Hanyuma Aravye Nabi Nawe Azohasiga Amabwena. Bashaka Ubutegetsi Nabakine Politique Hama Bitonde Niho Bazoshika Aho Bashaka. Kandi Baze Bibuka Yesu Yatubambiwe Kuko Ibindi Vyose Tuzobisiga Kwisi. Mwijuru Ntabwoko Tuzojanayo. Murakoze Imana Ibahe Umugisha.

  • NONENUBU NTIBARAMENYA UWARAWURONGOYECANKE UBUNTBANDIBAGWANYI BARIMUKIBIRA BOHAVABAZAKUDUTERA

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.