Accueil > Amakuru > umutekano > Cibitoke : Yishe mwenewabo abanje kumucumita imbugita
Cibitoke : Yishe mwenewabo abanje kumucumita imbugita
jeudi 18 Mukakaro 2013
Mu ntara ya Cibitoke umuntu umwe yaragandaguwe mw’ijoro ryo kuwa kabiri rishira kuwa gatatu ku musozi Nyenkondo, komine Mugina, yishwe na murumunawe abanje kumucumita imbugita.
Amakuru ava aho muri komine Mugina amenyesha ko abo bavukanyi babiri bari bamye barashwana ku murango. Bugorovye umwe muribo (murumunawe) yaciye yitanga uwundi amusanga aho yari aramwica abanje kumusogota imbugita.
Mu gipolisi bamenyesha uwo mwene gukora iryo shano yaciye ahunga, bakaba bikeka ko yinyegeje mu gihugu c’Urwanda. Abegereye umuryango w’abo bavandimwe babiri bamenyesha ko imvo z’ubwo bwicanyi yoba ari amatati y’amatongo.
Muri iyo ntara ya Cibitoke, harakunze kuboneka ubwicanyi akeshi aho usanga buvuye ku kaborerwe canke aho usanga ari abubakanye bacanyemwo.
Egide Nduwimana