IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > umutekano > Cibitoke : Yishe mwenewabo abanje kumucumita imbugita

Cibitoke : Yishe mwenewabo abanje kumucumita imbugita

jeudi 18 Mukakaro 2013

Mu ntara ya Cibitoke umuntu umwe yaragandaguwe mw’ijoro ryo kuwa kabiri rishira kuwa gatatu ku musozi Nyenkondo, komine Mugina, yishwe na murumunawe abanje kumucumita imbugita.

Amakuru ava aho muri komine Mugina amenyesha ko abo bavukanyi babiri bari bamye barashwana ku murango. Bugorovye umwe muribo (murumunawe) yaciye yitanga uwundi amusanga aho yari aramwica abanje kumusogota imbugita.

Mu gipolisi bamenyesha uwo mwene gukora iryo shano yaciye ahunga, bakaba bikeka ko yinyegeje mu gihugu c’Urwanda. Abegereye umuryango w’abo bavandimwe babiri bamenyesha ko imvo z’ubwo bwicanyi yoba ari amatati y’amatongo.

Muri iyo ntara ya Cibitoke, harakunze kuboneka ubwicanyi akeshi aho usanga buvuye ku kaborerwe canke aho usanga ari abubakanye bacanyemwo.


Egide Nduwimana

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.