IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > CNARED : Imyiteguro y’ibiganiro yaraheze

CNARED : Imyiteguro y’ibiganiro yaraheze

samedi 5 Kigarama 2015, par egide

Mu runani CNARED bamenyesha ko biteguriye kuganira kandi ko bamaze gutegura ibizoganirwako hamwe n’umurwi w’abazoserukira urwo runani mu biganiro. Muri CNARED bagasaba ko ivyo biganiro vyonyaruka.

Itangazo urunani CNARED rwasohoye rimenyesha ko mu nama yabo igira gatanu yabereye mu gisagara ca Bruxelles kuva kw’igenekerezxo rya mbere gushika kurya gatatu Kigarama 2015, abagize CNARED bakoranye kugira bahurize ku bazoserukira urwo runani mu biganiro, hamwe n’ibizoganirwako.

JPEG - 110.6 ko
Nyangoma Leonard, umukuru w’urunani CNARED

Urunani CNARED rubandanya kumenyesha ko rwemera ubuhuza bw’umukuru w’igihugu wa Ouganda Yoweri Museveni, kandi ko bemera n’igisagara ca Kampala ko arico coberamwo ivyo biganiro. Ariko rero, muri urwo runani basaba ko Yoweri Museveni yofashwa n’abaserukira ishirahamwe rya Afrika y’ubuseruko, abo mw’ishirahamwe CIRGL, abaserukira ubumwe bwa Afrika, ONU, ubumwe bwa buraya hamwe na Reta zunze ubumwe za Amerika. Muri CNARED bamenyesha ko bahejeje imyiteguro, ko intambamyi yonyene y’ibiganiro isigaye ari Reta y’Uburundi.

Ku bijanye n’umurwi CNDI (Conseil National du Dialogue Interburundais) w’igihugu uheruka gushirwaho kugira utunganye ibiganiro, muri CNARED bavuga ko batazokwitaba ibiganiro bizotegurwa n’uwo murwi.

Mu biganiro bizobera mu Bubirigi kw’igenekerezo rya 8 Kigarama 2015 hagati ya Reta y’Uburundi n’ishirahamwe ry’ubumwe bwa buraya, ku bijanye n’iyubahirizwa ry’amasezerano y’i Cotonou, muri CNARED basaba ubumwe bwa buraya kuzokwibutsa Reta y’Uburundi ibiganiro vy’i Kampala navyo.

IGIHE

Messages

  • Twebwe abenegihugu dukeneye amahoro,agashomeri kaveho,tureke guturatura.

  • mwarimuziko muzogifata none vyarabataye kuwamazi, musigaye mwingingira reta kwitaba ibiganiro!!!! abarundi ibiganiro twarabitanguye, ivyobindi vyamagaburanyama turavyiyamirije. nivyabanaho muzoganiribindi akakamanda abanyagihugu bihereye mutama ntimuzemukomakome, ico nigiti kiturirwa!!!!.. mwabonyeko atatuguvu mufise hama ngo nyarutsanyatsa ibiganiro....abazungu baramaze kubahinyura.....

  • nimuganire niyonzira yonyene isigaye!

  • Uno musi iyo muja mu matora nk abandi uburundi buba butekanye ayo mahera muronka y ukuganira yokoze ibindi,ikindi opposition yanyu ntakigenda

  • Nibaza Ko Mwogabanya Ama Declarations Ahubwo Mukiyumvira Ukuntu Mwogira Pression Reta Ikemera Ibiganiro Kuko Umwanya Ni Ikigwanisho Reta Iriko Irakoresha.Mb Muravye Urutonde Rw’abantu Bazoganira Na EU Ntimubona K Ari Ugusamaza Amakungu?Na Kampala Muzoganira Na Njangwa,Concilie,jacques Bigirimana N’izindi Ncoreke,la Honte!

  • NONE KO CNARD YEMERA IBIGANIRO RETA Y UBURUNDI IRINDIRIYE IKI?MBEGA UWUGANIRA NIMUBI?NDABAJIJE.MURAKOZE.

  • None Nikuki Bo Batatumiwe Munama Ya Le8 Kandi Batari Babuze Ivyo Bokwagiriza Iyo Leta Yabicanyi

  • none ko mwahejeje ningonga aho hari icizovamwo!! ubu leta niyo ifise ivola ubwo mwe birabasaba kugenza make kuko muri mumahanga,abari mugihugu babarusha inguvu.

  • none ko mandat ya 3 mutemera igira ihere,ntimubona ko mutagifise uruvugiro, leta nayo nimutemera ivyo ibasaba izoca yigarukira ngaha ibujumbura mwe muzojahe? gushika ryari? mukorayo iki? iyi leta niyinyeshamba ivyo muyikangisha vyose ni ubusa, nivyanka vyose bazofungura imyumbati nkakurya babigira mukibira. abo bazungu nabo babizeza ibitangaza nimugira ico mushikako muzakorera inyungu zabo kuruta inyungu z’abanyagihugu. birabasaba gushuramo ubwenge bwishi cane.

  • namba nyangoma azoganira wenyene ko abo murikumwe bose bakurikiranwa nubutungane. bahonyoye mugihugu cuburundi aruguca tubaruma tukabashira kizigenza wa repuburika nyakwubahwa. bagorikunda.

  • None komwahejeje nimutunganye inzego?erega letat niyo ifise ijambo ryanyuma kuko niyo ifisigihugu,nimwabamwibazako mugiye gushikira ubutegetsi nimuteshwe mute ,ahobwo niho intambara yosutama kuko abanyagihugu nibobitoreye inzego abatabishima nibabandi nyene?erega nabandi barafise ivyoboshikiriza kndi bobo numutigirinyamwishi harya mwarahunze kukigarukamwo bizobagora sindababesha.kagame yarabahenze ngazobafasha kugifata none vyaramutayekuwamazi none mushaka muronkere mubiganiro vyaratanguye kndi bigeze kure,mbekomutinya ubuhungiro imyaka ijana itarahera aho uburundi buzogarukamwo abuzukurubanyu nayomwebwe muzoza murabubona kubicapwa mubwumve mumakuru.

  • Ngwibiganiro!!!!!!!,mbenyangoma kuvahowagwaniye mwishamba nturatahura icibiganiro bivako?ivyikiringo mwabivuyemwo mukeneye gusaba ikigongwe kumbure mwihorere karababanye aho muhushirije coupe d etat,kuntwaro ya DDD gusubira muburundi subu canke hiryayejo,ikiriho nimube mukwitegurira ubutungane bwuburundi nampuzamakungu,ububirigi bwabahenze buriko bubikurako ninabwo buzobatanga kwanyakubahwa NKURUNZIZA

  • KAMARO ntukunda uburundi nabarundi ushimishijwe nuko Nkurunziza nakagwi kiwe kariko karamara abanyagihugu? rutwara mukaso rutibagiwe nyoko.

  • ndi umurundi Ibi umutama kamaro avuz nivyo avuz ukuri nanj nivyo nagire nvuge hoba invugakuri nka jew na kamaro cnared yorets kwica abantu ibeshera reta reta ni invyeyi cnared reka kwica abantu bicitwa vuba ubumwabomvye muriko muratumwatumwa impaga nkurunziza abateye non ngo naze tuyage tumusabe ikigongwe hhhhheeehhh niharambe Rwasa na petero nibo bagabo uburundi bushaka.

  • KO bahaye bemera ibiganiro numva ari sawa . ikindi nuko bohagarika gusuka mu ntambara abene Burundi na cane cane urwaruka .

  • Mwitegure kuja mubiganiro ariko mwitegurira guhagarika iyontambara yokumara abarundi mwatanguye hanyuma muzemsabaikigongwe ko mwogaruka mugihugu kmuhira mwitegurire amatora yo 2020 naho usanga muzeye Amado Kuri reta mfatakibanza ngaho muronse kuko abanyagihugu twaritoreye indongozi ntimusubira kutwaka uburenganzira bwogutora nka 2005. Niyovyaba kuko naho bazomanza baze kubaza twebwe benigihugu tubiyamirize kumutaga riva. Mwame mumenya kwatayindi nzira Atari amatoraaàaaaa

  • KOMERA CNARED TURABASHIGIKIYE NAYO IZO NTOZO ZIHENDA NGO MUGOMBA KUGENZA MAKE ZIRIHENDA KUKO ARIMWE MUHAMBAYE KUKO MWAGONDOJE IYO LETA ITANEMEWE NAMAKUNGU KANDI IGOMVYE KUNANA NAHO IZOHEZA IKUBITWE NTINTERAHAMWE ZO KWAHAVYARIMANA!

  • Muzopfa muyenzera shakambaze kanyeshamba mufise abantubangahe boshobora gusigura ibibazo vyanyu? Gende mukabona mutafatiweyo nzobahera mwe will nyamitwe muramuzi mwumvise ibihangange bizojayo hahhahahahha mukae conjo nka nyangoma sinduhije moiz godefrua bagaciyubwenge umuzungu gutembagaza ubutegetsi iburai uciribwa ugokunyongwa mweharya muneganega ahomwaneguwe ngoja 2

  • CNARED Irivuguruza Mumajambo Ivuga?Ubu Iremera Ko I Burundi Dufise Leta?None CNARED Niyo Izotanga Intumbero Y’ibiganiro Kw’ivuga Ngo Yaramaze Gutegura Ibizoganirwako?Nibavyandike Tubimenye Bashir’ahabona Abazobaserukira Tubabone!Nibasabe Ikigongwe Ko Bamenje Bagaruke Twubake Igihugu!Ok

  • Mwitegure kuja mubiganiro ariko mwitegurira guhagarika iyontambara yokumara abarundi mwatanguye hanyuma muzemsabaikigongwe ko mwogaruka mugihugu kmuhira mwitegurire amatora yo 2020 naho usanga muzeye Amado Kuri reta mfatakibanza ngaho muronse kuko abanyagihugu twaritoreye indongozi ntimusubira kutwaka uburenganzira bwogutora nka 2005. Niyovyaba kuko naho bazomanza baze kubaza twebwe benigihugu tubiyamirize kumutaga riva. Mwame mumenya kwatayindi nzira Atari amatoraaàaaaa

  • SINAREDE.NDABATERA.INTEGE.ARIKOBAZOTWARENEZA.BATARAVYE.NKUNZI.NKABASABAKO.AMATANGAZOYABO.BOYASOHORERA.NOKWIJWIRYA.AMERI.NABIBISI.KUKO.UBUBUHINGA.NTIBUKORESHA.BOSE..SHAKAKUMENYA.ICOYOKORA.HAMWE.PETEROKURUNZA.YONANA.KUBUTEGETSE.MUBATUBARIZE?

  • Courage.ubuntu burihabwa kand mukomere kw ijambo mwapfunditse vyose bizokunda.

  • Courage.ubuntu burihabwa kand mukomere kw ijambo mwapfunditse vyose bizokunda.

  • TESHWA MUTE NTA MA CNARED NGAHO KANDI MWIHAYE KUMARA ABARUNDI MUBESHERA LETA. KUMBURA MUZE GUSABA IKIGONGWE ATARI AHO MUZOGUMA MUTERERA INDURU HANZE NAWE MUTAMA ARIKO ARAKINYIGANZA. RINDIRA 2020 NAYO NTIMWIZERE TRANSITION KUKO TWEBWE ABANYAGIHUGU TWAHIMVYE KO MUTURYA MUTWIHISHIJEKO NK’INDA KUMBE NTANEZA Y’ABENEGIHUGU MUKENEYE. TWARABAHINYUYEEE...!

  • cnared umengo murarwaye mumitwe ngo ntimuzoganira numurwi washizweho na reta none mushakande nimuze muburundi muherekezwe nayo makungu mwizeye ntaco muzoba nimwaba mukunda abarundi atari kubazanamwo umuriro abo reta yatoye muvyera mutavyemera nabo muzoganira nagira mpanure cnred ibambure yemere reta ihari ubu kuko itayemeye yoshaka ikareka guta umwanya kuko inzira yintamba ntayo boshobora mwohera nkifu yimijira nkuko kizigenza yabivuze sabikigongwe vyose birashoboka

  • niba mugiye ikampala muzohera nka ya M23 rindira muzoraba. turasavye leta ko ivyo muzopfundika vyose vyoza abanyagihugu natwe tukavyemeza canke tukabihakana kuko nitwe vyose bigirako ingaruka mwibereye iyo za beligique.

  • Izo Mbonerakure Z’itarima Zivuga Ik

  • none Nyangoma ko ata reta nimwe wigeze wemanga aho ntushaka kumera nka Twagiramungu wo mu rwanda na Etienne kisekedi wo muri congo? nabo murikumwe bashobora kuba baguhenda nyuma bakazakugambanira,ivyo urimo uvyitondemo cane. gusa abarundi isinzi turishakira amahoro nibibangombwa twese tuzinjira igisoda ariko tuyarondere, ayo makungu nayo ubu twarayahinyuye.

  • Ibiganiro Twebwe Abanyagihugu Niyo Tugomba IGihugu Cu burundi Kigasubiramumahoro

  • Jew Nanj Icombon Nuk Uwomurw Worek Gusara Nguri Nivy Uhay Wigira. Ahubw Nuk Batomboj Bakabah Indor Iyo Bari Nayubund Yo Bagum Mu Burund Bokwibneyek. Bakore Guta Igihug Bonger Basab Ivyo Basab Atarih Bari? Ahubw Ntander Bagir. Kimw Gsa Nibarek Kwirirw Barosha Bene Wac Bagumy Ngah Ngo Bater Intambr Akab Arib Bahasga Agatw. Barund Mwes Muz Twim Amatw Iyo Mihimbir Igomb Kuturaz Mwishamb Nka Ker Kd Twar Twiftiy Amahr. Mwes Hamw Komer.

  • ndaramukije mutama nyangoma nabakunzi buru rubuga. mutama jw ndabateye intege ariko jw mbona bitoroshe kweri kuko mwebwe inzira 3 Mwari mufise hasigaye imwe gusa yo kuganira:
    1 ko amakungu abafasha mugufata igihugu
    2 kuganira
    3 gutana mumitwe
    mwizonzira zose mbona umengo ntihenze hasigaye imwegusa yokuganira

    ivyobihugu rutura bibashigikiye ntibishobora kwemera kwiteranya nibindi bihugurutura bishigikiye umugambwe uri kubutegetsi muburundi.
    nonegashanyangoma twubaha urabonako uburusiya vyokwankana na amerika kubera ikobazo cuburundi?

    none gamutama mwebwe ntimubona ko amakungu ubumwe bwaburaya, ubumwe bwafrika na amerika bamaze kumenya ukuri kukobazo cubundi ko atari icimanda .amoko kuko inzego zose ziraserukiwe muburundi canke icapolitike. ivyo mwasaba amkungu iyobiba obikunda biba vyarangiye imyaka. jw icombona gisigaye nuko reta yuburundi yocabugufi namwe nye mugaca bugufi mukicarahamwe nakare muri abavukanyi kuko ntaho muzoshirana mukaraba icokogwa kugira ububwicanyi buhagarare bicitwa vuba. twebwe banyarucari bomurutoke ntitwize twishakira ubumwe ibikorwa hamwe namajambere.murakoze!

  • Birababaje kubona, abapoliticiens b’abarundi be n’amakungu babandanya bavuga ibiganiro, hama Nkurunziza petero nawe akabandanya aniga abarundi, génocide igakomera atacamira. Mbe aho ibiganiro bizoherera bazokiza nde ko abantu bazoba baheze. ridicules.
    Semerera ubwicanyi Nkurunziza ariko arakora buhagarare, hama babone kuja mu biganiro, ca devrait etre un préalable aux négociations. Mbe Mana y’isi ntiyokwereka amakungu ko abantu bahonye i Burundi.

  • Nyangoma na cnrd yawe muratangaza caane UBURUNDI nabarundi ahowaja murikanyeshamba warutsitaye kuki?kutagumye mugigu ngobahimbagu bagutore icebice vyumubiri wibuke amacakubiri yintara wagiriye murikanyeshamba nubuyaranse kuguheramwo uzopfawangara nkagahini atawuziyoyaguye rekubwicanyi.

  • Nagire ngire ico mbarira abantu Bahurikiye muri CNARD burya Ntimwacaguye neza IZINA ry’ukurongora iyo CNARD yanyu Nyangoma harimwo ikintu kivuga kugoma kutarengana kandi mwiyunviye neza kahise k’uyo Mugabo muri politike nta migisha Afise Basha muzoba mumbarira Ben’ayo mazina yaba Sinduhije SINAKIJE ba Rufyikiri ba Ntavyohanyuma be Nivyo Bizina ntibitera imigisha Hanyuma Ndabamenyeshe Abantu ntibakunda bimwe kandi ntibakunda kumwe Matata niwe yabitomoye aho yaririmba at’amas’akunda ntabona neza nshatse kuvug’iki hariho Abantu bakunda RETA hariho kandi Abantu bakunda CNARD kuruhande uru canke ruriya yaco Mwigira ba bimari vya Bagabo Oya ikizomara kandi ibi bibazo si Ukumena Amaraso ya bene wanyu mu Gihugu oya uwo si umuti ni umuvumo umuti nuko Mwohariranira IMANA nayo ikabaharira hanyuma mukicarana Migapfunika ijambo ry’umunoni Ririmwo indahiro yuko Abarundi Mutazongera kwicana Erega ruriy’abandi rutakwibagiye

  • nibateshwe bate abarundi s ABANA.

  • Aha Turi Harabandi! Uwuzi Ejo Haza, Ni Uhoraho! Abazohahamuka Bitegure.

  • Aha Turi Harabandi! Uwuzi Ejo Haza, Ni Uhoraho! Abazohahamuka Bitegure.

  • Ahaturi Harabandi! Mumenye Neza, Igihugu Si Itongo Usohozwa N’abavyeyi! Uwuzi Ejo Haza, Ni Uhoraho Wenyene! Mukunda, Mwemera, Muzobibona! Abazohahamuka Mwitegure.

  • Ahaturi Harabandi! Mumenye Neza, Igihugu Si Itongo Usohozwa N’abavyeyi! Uwuzi Ejo Haza, Ni Uhoraho Wenyene! Mukunda, Mwemera, Muzobibona! Abazohahamuka Mwitegure.

  • Ndabahe mwaramutse, hari amakuru ku
    mutakura, ce vendredi passe mundwi
    iheze ku Mutakura guhera mu ma 19h
    harafashwe abantu bashika nka 50
    kumabarabara atandukanye none kugeza ubu
    ntituramenya amakuru yabo nta
    communication nabo ishonoka, plz
    nimudutabarize canke mudutohoreze twumva
    ngo boba batwawe na commandat wa camp
    Muzinda, kugeza ubu harabaducumutima
    ngo boba barishwe, nimudufashe muzoba
    mukoze

  • @Mutakura. Abo uvuga ko bafashwe ni aba terroristes (Bokoharamu-Sindumuja). None urashaka ahari kubasanga muburoko.

  • JEWE NIYUMVIRAKO VYOBA VYIZA ABAGIZE CNARD BITAVYE IVYO BIGANIRO VYA CNDI KK ARIYO NZIRA YAMAHORO

Un message, un commentaire ?

ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.