IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > CNDD-FDD : « Général KARARUZA Athanase yagandaguwe n’abansi b’Uburundi (...)

CNDD-FDD : « Général KARARUZA Athanase yagandaguwe n’abansi b’Uburundi »

jeudi 28 Ndamukiza 2016, par egide

Umugambwe CNDD-FDD umenyesha ko wababajwe cane no kubona Général de Brigade KARARUZA Athanase yagandaguwe mu gihe hari haheze iminsi mikeya Komiseri Mukuru ajejwe agateka kazina muntu mw’Ishirahamwe Mpuzamakungu ONU Zeid Ra’ad Al Hussein amenyesheje ko mu Burundi abasoda bo mu bwoko bw’abatutsi bahoze mu gisirikare ca kera bita aba ex-FAB bariko baratotezwa, banyuruzwa kandi bicwa.

Uwo mugambwe CNDD-FDD uvuga ko umenyereye kwumva ibinyoma nk’ivyo uwo mukozi wa ONU yama yashikirije ata kindi bigamije atari ugukamira mu coze abashatse gutembagaza ubutegetsi bakora iterabwoba no kwambika ibara Igihugu c’Uburundi, nk’uko vyashikirijwe mw’itangazo umugambwe CNDD FDD wasohoye, uhoza umuryango wa Général de Brigade KARARUZA Athanase aheruka kugandagurwa, hamwe n’umugore wiwe, n’umwe mubamucungerera ubuzima.

Iryo tangazo uwo mugambwe wasohoye rigizwe n’ingingo 8

1. Umugambwe CNDD-FDD waraguye mu gahundwe aho wumviye inkuru y’incamugongo y’ukugandagurwa kwa Général de Brigade KARARUZA Athanase, umupfasoni wiwe n’umwe mu bamucungerera ubuzima kw’igenekerezo rya 25 Ndamukiza 2016 aho abamwatse ubuzima bamutegerereye imbere y’ishure rikuri ryitiriwe Mutima Mweranda muri zone Gihosha yo muri komine Ntahangwa mu Gisagara ca Bujumbura

2. Umugambwe CNDD-FDD ubanje kwiyamiriza ubwo bwicanyi butagira izina kuko bene gukora iryo bara berekanye ko ata kindi bashoboye gukora mu buzima bwabo cogirira akamaro Abenegihugu uretse kubacira ku buhomba. Ubwo bwicanyi bwakorewe iyo ntwazangabo inyuma y’aho mu buhinga bwo gutumatumanako amakuru bwa none hari amajwi y’abakora iterabwoba nka Rose HAKIZIMANA yavuga ko abasoda b’abatutsi bokwivuna ngo kuko bategerezwa kugandagurwa, ivyo akaba yabivuze haheze akanya gato iyo ntwazangabo igandaguwe

3. Umugambwe CNDD-FDD urifatanije n’umuryango w’umuhisi Nyakwigendera Général de Brigade KARARUZA Athanase ukaba wifatanije nawo muri aka kababaro kadafise uko kavugwa urimwo. Umugambwe CNDD-FDD uramenyesheje kandi ko n’Abagumyabanga bababajwe cane n’ubwo bwicanyi bwakorewe iyo ntwazangabo yakunda igihugu, ukaba uboneyeho n’akaryo ko guhoza abagenzi biwe bari mu nzego zijejwe umutekano, basangiye urugamba rw’amahoro muri iki gice c’akahise karanze ubuzima bw’iyo ntwazangabo Uburundi bwabuze butanka. Umugambwe CNDD-FDD urahojeje kandi abo bakorana mu biro vy’Icegera ca mbere c’Umukuru w’Igihugu

JPEG - 222.4 ko
Daniel Gelase NDABIRABE, umuvugizi w’umugambwe CNDD FDD

4. Umugambwe CNDD-FDD urababajwe cane no kubona ubwo bwicanyi bwakorewe intwazangabo Général de Brigade KARARUZA Athanase mu gihe hari haheze iminsi mikeya Komiseri Mukuru ajejwe agateka kazina muntu mw’Ishirahamwe Mpuzamakungu ONU Zeid Ra’ad Al Hussein amenyesheje ko mu Burundi abasoda bo mu bwoko bw’abatutsi bahoze mu gisirikare ca kera bita aba ex-FAB ngo bariko baratotezwa, banyuruzwa kandi bicwa. Umugambwe CNDD-FDD uramenyereye kwumva ibinyoma nk’ivyo uwo mukozi wa ONU yama yashikirije ata kindi bigamije atari ugukamira mu coze abashatse gutembagaza ubutegetsi bakora iterabwoba no kwambika ibara Igihugu c’Uburundi. Ivyo vyose vyarigeze no gushikirizwa imbere y’uko hagandagurwa abategetsi bakuru mu nzego za Gisirikare FDN n’Igiporisi c’Igihugu PNB. Ivyo vyipfuzo vyiwe bikaba bifise intumbero yo gucanishamwo inzego zijejwe umutekano. Umugambwe CNDD-FDD ntiwokwibagira kandi kumenyesha ko hari Amashirahamwe Mpuzamakungu yihaye igikorwa co gusambura inzego z’Igisirikare n’Igiporisi mbere rimwe na rimwe abicisha mu matangazo acira umuriro yama ashikiriza canke mu guhagarika imfashanyo zaronswa izo nzego

5. Umugambwe CNDD-FDD usavye abasirikare bose kuguma bafatanye mu nda, babandanye kwerekana ko ari ingabo z’igihugu kanatsinda no mu bihe bigoye igihugu cacu gihitiyemwo barakoranye ubwira mu mirimo yabo ya minsi yose n’aho hari abanyeporitike bashatse kubahendahenda ngo babakoreshe mu migambi mibi bari bateguye yo guhungabanya inzego z’Igihugu. Ubasavye kubandanya bahagarariye amahoro kanatsinda nibo nkingi y’ubwigenge bw’Igihugu

6. Hisunzwe ibiri mu ngingo y’Inama nkuru ya ONU ijejwe umutekano inomero 2248 yo ku wa 12 Munyonyo 2015 yasobanuwe neza n’iyindi ngingo y’iyo nama nkuru ya ONU ijejwe umutekano kw’Isi inomero 2279 yo ku wa 1 Ndamukiza 2016, Umugambwe CNDD-FDD urasubiriye kumenyesha ko utazokwigera udohoka ku mugambi wawo wo guharanira amahoro naho abakora iterabwoba bobo babandanya imigambi yabo mibi. Ni naco gituma wiyemeje kubandanya witabira ibiyago bihuza Abarundi vyaba ibibera mu gihugu hagati canke hanze y’Igihugu, ariko ukamenyesha ubugira kandi ko utazokwigera uganira n’abagiye mu migumuko banashatse gutembagaza ubutegetsi

7. Umugambwe CNDD-FDD urasavye Abarundi bose na cane cane abajejwe umutekano kudacika ivutu, bongere bagume bafatanye mu nda nk’uko Nyenicubahiro Umukuru w’Igihugu Petero NKURUNZIZA yabibasavye, mw’ijambo ryo guhoza Abarundi yashikirije ku mugoroba wo ku wa 25 Ndamukiza 2016, aho yamenyesheje ko ugutsinda umubabaro, ukwigumya no kutihorahorana ari umuryango ushikana ku ntsinzi ivyo navyo bikaba bitanezera na gatoya abansi bipfuza intambara no gusesa amaraso y’abana b’Uburundi

8. Umugambwe CNDD-FDD urangije rino tangazo ushimira Nyakwigendera Général de Brigade KARARUZA Athanase ku bintu vyose yaranguye mu guharanira amahoro n’iterambere ku gihugu camwibarutse na cane cane ku gikorwa kidasanzwe yakoze mu kubuza abansi bademokarasi bashaka gutembagaza inzego zitorewe n’abenegihugu ku wa 13 Rusama 2015. Aho ari niyakirwe neza kubera ivyo yaranguriye bagenzi biwe igihe yari akiri mw’Isi nivyo Imana izoherako mu kumuha ikibanza c’iteka kimukwiye mu bwami bw’ijuru.


IGIHE

Messages

  • Uwo Mumeje Mbe Aribaza Ko Atazo Shikigwa Amaso Mukora Imana Iraya Bona Kandi Tura Gabishije Imbo Nerera Kure Zo Muga Tuguru Zirigwa Zira Hohotera Aba Ari Izitwagwa Nuwo Bita Riho Nidasi Murabandanya Tura Babona

  • mana mushobora vyose tabara igihugu c’uburundi kuko kigeze kumusozo ayamaraso yose ariko aramenwa afise uwo azoharugwako kandi muragaba kuko imana igiye kubarandura.

  • Nizere ko atishwe nimbonera kure !! aliko se aba Gels cg aba col batagira escort y , imbere ninyuma barabona badashize cg ntibazi uwo barwana nawe !!! ntibali bumenye icyabakubise kabisa !!!

  • shatwarabahinyuye wehonibinwa nkinyoyarayitaneye rindirawambwawe

  • Mbega ndabirabe we ubwo urazi kabarundi duciyubwenge? Barayamaze bati ingwe igutwara igitungwa ikagutanga kuraka. Ubu muramwishe none mvuze ngo yishwe nabansi buburundi? Mbega abobasirikare bamurashe wibaza komutabazi? Mugabo ntaco mubagira, guko nimwege mwabatumye mugabo bitebe bitebuke, ukuri kuzoja ahabona.

  • EREGA NONEHO MWASAZE MUGEZE AHO MWBWIRA KO MWOTEGEKA IMANA IVYO GUTANGAIVYICARO MUBWAMI BWIJURU SIVYANYU BIREKERE IMANA KUKO YO NIYO IZI IMITIMA YABANTU

  • shinwaguriza hariya imana niyo ibize gafyuni ntimumuzi ntimwomufata twarabahinyuye mugabo bite bitebuke hazogera igihe mubibazwa

  • Mutama wacu gelase urakoz kuduhumuriza cnared narayibwiy ko ntanyungu izoronkana ibingatenga byamaraso biyijejeta muntoki byabarundi iriko iratimbagura,kandi cnared mumatora iraziko ari 2% itazoyashikana nibuts ko nka jean minani atanijwi rimw gusa azokwigera ashikana rero bameny ko abarundi tugona turimaso bisuraguz mubinyamakuru arko intsinzi nitwe abarundi tuyifis muminwe yacu ntantambwe bazoduterana tutabafash murakoz.

  • uburundi burabuze umuntu wingirakamaro, ndamwika nezacane igihe yarahira Niyombare nakarwikiwe kinkorabara abamenyeshako bazagushika kumugambi wabo ugayitse wugutembagaza ubutegetsi bwitorewe nabenegihugu babanje kumutambuka umuvyimba, nubu nyakwigendera KARARUZA akaba yakora ibishoboka vyose kugirango uturwi twinkorabara tuyobowe na CNARED arintwo FOREBU na REDE TABARA aturandurane nimizi hama abenegihugu bomugisagara cabujumbura bakire amagererenade baterwa nuntwo turwi, rero abansi babarundi ivyo ntivyabanezereje kuberako bo baharanira inyungu zabo zogushikira ubutegetsi babanje kugandagura abakunda amahoro...mwabantumwe iyimirwi yinkorabara yegukira CNARED tutaitujije izokwegera abaruandi akarambaraye nukurikwaMUNGU.

  • DUSENG’IMANA YONYEN ABARIYO IDUTABARA! UBUBWICANYI NTAMWANA WUMUNTU AZOBUHAGARIKA ATAR’IMANA YONYENE!

  • DUSENG’IMANA YONYEN ABARIYO IDUTABARA! UBUBWICANYI NTAMWANA WUMUNTU AZOBUHAGARIKA ATAR’IMANA YONYENE!

  • Nimwe mumugandaguye aba dd

  • Mbega aba DD ntimuramenya kwivyo muvuga nivyo mukora abarundi twabihinyuye iyo muhejeje kugandagura abo mushaka kugandagura muca musimbira kwisunzu ryinzu mugatangura kubita intwari kugira mwerekane kwatarimwe mwabishe mugabo murabesha mwarahinyutse ngaho rero rwamakungu nkaho umengo igihe mwasohora amatangazo mwongera mutuma yamihimbiri yimburakimaze Ngo nimbonerakure ninterahamwe mumabarabara kuvuga Ko muzomesa abantu Ngo ntitwabona canke Ngo ntitwumva ibiriko biraba ubu nivyo umugambwe cndd fdd wakarwi ka nkurunziza mwateguye ahubwo ikibabaje nuko mwiyemera Ngo muri abagabo mukigamba ubugizi bwanabi mugabo mwamara kubugira bikabananira kubwemanga erega wogira Ngo babavuniye ibiti mumatwi ahandi naho wogirango babagaburiye rudedevya ejobundi intumwa yamerika muvyagateka kamuntu yarabavuniye urogohe abigisha inyifato mukwiye kugira mumvugo mukoresha aho yazigereranije nimvugo zubusazi ariko umengo ntimwumva yarababwiye Ko kandi mutokwihenda kuvyo muvuga mwibaza Ko bitabashikira ahoyavuze Ko niyo mubivuze mukirundi bavyumva mugabo wogirango amatwi yanyu bayafyukuranijemwo ibiti mugabo ntagitangaje amaraso yabantu mumaze kwica ararenze niyo abadedembesha ubu igisigaye nukozobabona mwiruka mwibarabara mwabaye ibikori ntakindi kuko amaraso yumwana wumuntu arahuma

  • Ko mutavuze ko ari Kagame umwishe?

  • ivyo sivyiza kukubera abarundi ntitubishaka nne bazogeza ryari kwicana?

  • Hewe mutama nta soni?turazi neza ko yishwe n’imbonerakure.

  • Mbegivyo wivugisha wibaza ko ivyanyu bitazwi ? mbega kutavuze aho mwakoreye inama yo kugandagura uyo nyakwigendera hamwe numufasha wiwe? burya nuwarongoreye nyina mukuzimu yaramenyekanye.nimurindire ibihe bigenda bikuranwa, muzobibazwa umusumwe, mbegahuvuga ngo nti muzovugana nabagiye mwibarabara ! ahubwo nkamwe ndabita komuribitazi,mutiyumvira niryo muvuga. mbemwebwe komwagandaguye abantu kuvakera mubahora kobatabashigikiye mubugisha bwanyu, nabugingo nubu mukibandanya. aba bagiye mwibarabara barabasumba 100/100 kuko ivyi yumviro vyabo biratomoye kuko barwanira ukuri, nokudahonyanga amategeko yigihugu. nkubaze kandi, mwebwe ntamaraso mwasheshe mukiri mwishamba bukeye Buyoya,akabahamagara mukaja gusangirira kumeza imwe? kwibutse NDABIRABE, aho mwagiye muraca muntara nzuburundi hose twasigara turahamba abanyagihugu mwaraye mugandaguye binzirakarengane. Nyakubahwa Buyoya ya rabahaye ikaze muravugana, abo mwiyamiriza nabo komutabakeneye nta bibibakoze inkivyo mwebwe mwakoreye abarundi, nuko twebwe abarundi twibagira ningoga, ntavyiza mwakoze vyotumye muba kubutegetsi.

  • None gasha ndabirabe kowavuze vyishi kutavuze aho mwakoreye,inama yo kugandagura,uwo mushingantahe KARARUZA Athanase ? ahomwamaze imisi mugiririnama yo kumugandagura kohazwi ? abakera nibo baciyumugani ngo nu warongoreye nyina mukuzimu yaramenyekanye,rindira hazogera ahubutungane bukora. ivyo navyo wasama ngurikuravuga nibiki?

  • Mbe Mwabagabo Komugomba Kwambika Ibara Cndd Fdd Ngo Niyo Ibamaze Mbe Kuva 72 abarundi bicwa 93 Murazi Ivyabaye Gushika Uyumusi None Abobose Ni Cndd Izontumwa Za Onu Ntwarazihinyuye Bob Baronka Akazi Ahabaye Intambara

  • Abo bamenja ngo ni basindumuja nibo baguma bica indongozi za gisirikare na giporisi ntimwibuka Rwagasore ,Ndadaye’Ntaryamira.... None muricogihe harumugzmbwe Cndd fdd waribwabeho? Nimuze murisamburirako nkimpene umusi mwabuze abo mugandagura muzogandagura abagore nabana banyu

  • Ivyo bari gukora vyose vyarahinyutse. Ubwo bwicanyi bakora bazobwishura incuro igihumbi. Iyo mwijuru n’iyo cabona kandi ihora ihoze.Abarundi ubu barahabona, ntibashobora gukurikirana nyabahururu. Ivyo babonye kuva 1972 vyarabahaye isomo rikwiye. Ni bateshwe bate izo ngegera zigenzwa n’ubwicanyi n’iterabwoba, ivyari magera vyarageruye kandi igiti ntikigukora mu jisho kabiri.

  • Hamwe baSindumuja botangura kwica ntibobigira gurtyo. BaSindumuja bagendera ubuntu gushika ubu. Abaja ni bo bakura imitima mu bantu; bagakuza ko imiryango;
    Abaja ni bamwe bagaburira amazirantoke abantu; Mu biganiro barakwiye gusaba ko atawosubira gusangira n’umuja, bikaja mu masezerano no mu bwirizwa nshingiro.

  • Ntimuze muratubwira ngotugumyemutima oya ibirwanisho nirwanyu zamurikingira nkaho yapfuy izina ryiwe muriheruts ubunyene mbe urupfu rwa adorphe rugezehe zamuratubwira twumve ukuri ahaaa muburundi vyatugoye.

  • Nuko harimwo imanturo kubarundi bafise ubwenge

  • Nuko harimwo imanturo kubarundi bafise ubwenge

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.