IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Croix Rouge Burundi irafise ingorane nyinshi

Croix Rouge Burundi irafise ingorane nyinshi

vendredi 30 Munyonyo 2012

Muri kino gihe umuryango utabara imbabare croix- rouge ufise Ibibazo bitatu bikomeye harimwo gufasha kwakira impunzi z’abarundi ibihumbi mirongo 35 bariko batahuka bava mu nkambi y’i Mtabila muri Tanzaniya.

Anselme Katiyunguruje atwara Croix Rouge mu Burundi avuga ko ikibazo gikomeye ari ugufasha guha imfashanyo abarundi bahungukuka bavuye muri Tanzaniya. Ubu hamaze guhunguka abarenga 9000 bashikiye mu ntara ya Makamba mu kurindirako barindira ko basubizwa mu matongo yabo. Croix Rouge ibaha impuzu, ivyambarwa, imfungurwa n’imiti yo kuvura ingwara zo gucibwamwo y’abana batoya. Gushika mu mpera z’uyu mwaka, barundi barenga ibihumbi 35 bategerezwa kuba batahutse ku nguvu kuko HCR yabatse ubuhungiro kuva mu kwezi kwa Myandagaro uyumwaka, Croix Rouge imenyesha kandi ko izobandanya ifasha abo barundi. Hari rero n’ikiza ca korera ngo kiza gusongera isibe.

Ingorane igira kabiri ni iyo kwakira impunzi z’abakongomani bavuga ikirundi barenga 360 bamaze guhungira mu Burundi bavuye mu kiyaya ca Rusizi. Bavuga ko bahunga intamabara hagati y’aba MAYI MAYI n’ubwoko bw’abavuga i kirundi. Croix Rouge ifise amakenga ko hashobora kuba n’abakongomani bahunga intambara zihuza umuhari M23 n’igisirikare ca Congo FARDC.

Ivyo bibazo ngo biragoye gutorera inyishu nkuko Katiyunguruza yavyemeje. Asaba ko abafasha muri ico gisata bose co gutabara imbabare ko bokongereza inguvu kugirango abo bantu bose bashobore gutunganirizwa.
Mu nama Croix Rouge yagiranye n’abakozi bayo bose, Anselme Katiyunguruza arirongoye yamenyesheje kandi y’uko Croix- Rouge itegekanya kwugurura ishirahamwe rizoshobora gufasha ku rwego rw’igihugu.


Ingabire Marie Claire

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.