IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Denis Sassou Nguesso agiye kugendera Uburundi vuba

Denis Sassou Nguesso agiye kugendera Uburundi vuba

vendredi 24 Rusama 2013

Mu ntara ya Bubanza muri komine ya Rugazi, ku birometero cumi na bibiri vy’umurwa mukuru w’Uburundi, niho umukuru w’igihugu Nyenicubahiro Petero Nkurunziza yakiriye umushikiranganji w’imigenderanire w’igihugu ca Congo Brazaville.

Basile Ikouebe akaba yakiriwe n’umukuru w’igihugu ku musozi wa Kibambwe muri komine Mpanda, aho yariko arubaka ishure arikumwe n’abanyagihugu. Umushikiranganji w’imigenderanire w’igihugu ca Congo rero akaba yarazanye ubutumwa bwa Denis Sassou Nguesso umukuru w’igihugu ca Congo.

Igihugu ca Congo cipfuza ko Uburundi busanzwe buri mw’ishirahamwe ry’ibihugu vy’Afrika yo hagati CEAC, bwogira uruhara ruboneka mu kugarukana amahoro muri republika iharanira itwaro rusangi ya Congo, nayo nyene isanzwe iri muri uyo muryango.

Twobibutsa kandi ko imbere y’uko uyo mubonano uba, umushikiranganji w’imigenderanire ya Congo yari yifatanije n’umukuru w’igihugu c’Uburundi mu bikorwa vyo kwubaka ishure ryitiriwe umweranda Hari, riri ku musozi Kibenga ku Muzinda muri komine Rugazi intara ya Bubanza.


Aristide Nizigire

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.