IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Edouard Nduwimana arashigikiye urwandiko rw’uwutwara CNDD FDD i (...)

Edouard Nduwimana arashigikiye urwandiko rw’uwutwara CNDD FDD i Bubanza

samedi 21 Ruhuhuma 2015, par Egide N

Umushikiranganji w’intwaro yo hagati mu gihugu Edouard Nduwimana amenyesha ko ashigikiye ivyashikirijwe n’umukuru w’umugambwe CNDD FDD mu ntara ya Bubanza, ahubwo akavuga ko n’iyindi migambwe yari ikwiye kwigisha nk’ivyo nyene mu gihugu cose.

Mu rwandiko rw’impapuro icenda rwasohowe n’umushingamateka Juvenal Havyarimana arongoye umugambwe CNDD FDD mu ntara ya Bubanza, mbere urwandiko uwo mushingamateka wenyene yiyemerera kuba ariwe yarusohoye, bavuga ko abakeba b’umugambwe CNDD FDD ari amashirahamwe avuga ko ataho yegamiye muvya poritike amwe amwe, amaradiyo nka Isanganiro, Bonesha, RPA na Renaissance hamwe n’inani z’imigambwe nka RANAC na ADC Ikibiri. Muri urwo rwandiko, uwo mushingamateka akaba asaba abagumyabanga kurikanura, bagahindura imikenyuro kuko ibihe biha ibindi, uko vyari mu mwaka w’2005, 2010 bishobora gutandukana n’ivyo mu mwaka w’2015. Uwo mukuru w’umugambwe CNDD FDD mu ntara ya Bubanza yabwiye abanywanyi b’uwo mugambwe ko nibataraba neza, ko bishitse bagatsindwa, batazoronka aho bahungira, kuko mu Rwanda no muri Tanzaniya hasigaye hameze nk’i bwishwa. Uwo mushingamateka yegetse n’igitero cabaye mu ntara ya Cibitoke kubo yise abakeba b’umugambwe CNDD FDD, bagizwe n’insamirizi zigenga hamwe n’amwe mu mashirahamwe adaharanira ivyicaro vya poritike, abo bose umushingamateka Juvenal Havyarimana akabagiriza ko bashaka gushikira ubutegetsi baciye mu ntambara.

Mu kiganiro ABADUSERUKIRA caciye kuri RPA mu gatondo ko kuri uwu wa gatandatu, umushikiranganji w’intwaro yo hagati mu gihugu Edouard Nduwimana yamenyesheje ko ashigikiye ivyo vyashikirijwe n’umukuru w’umugambwe mu ntara ya Bubanza, ahubwo akavuga ko n’iyindi migambwe yari ikwiye kuja mu gihugu cose, nayo ikigishe nk’ivyo nyene. Umushikiranganji Edouard Nduwimana akabona ko izo nyigisho ari umukenyuro w’ukwitegurira amatora muri CNDD FDD i Bubanza, akagira ati : "Abataragenda baratakaje umwanya."

JPEG - 55.8 ko
Edouard Nduwimana, umushikiranganji w’intwaro yo hagati mu gihugu

François Bizimana yahoze ari umushingamateka mu karere ka Afrika y’ubuseruko, akaba ubu ari muri FNL ya Agathon Rwasa, yibukije ko mw’ibwirizwa nshingiro ry’Uburundi, ingingo ya 96 ibuza ugucanishamwo amoko, agatangazwa n’ukubona umushikiranganji w’intwaro yo hagati mu gihugu ashigikira imvugo icanishamwo, kandi ishobora gukwega urwanko n’ukurabana ribi. Kubwa François Bizimana, iyo mvugo ya Edouard Nduwimana si iy’umushikiranganji, ahubwo avuga nk’uwuri mu bateguye urwo rwandiko, kuko atoshigikira uwavuze ko abateye mu Cibitoke ari amaradiyo n’amwe mu mashirahamwe adaharanira ivyicaro vya poritike, kandi asanzwe azi neza ko Reta arimwo hamwe n’igisirikare c’Uburundi bagumye bamenyesha ko bataramenya abo bateye mu Cibitoke.

JPEG - 39.1 ko
François Bizimana yahoze ari umushingamateka mu karere ka Afrika y’ubuseruko, akaba ubu ari muri FNL ya Agathon Rwasa

Pacifique Nininahazwe nawe nyene yari muri ico kiganiro, yamenyesheje ko bitangaje kubona umushikiranganji Edouard Nduwimana yirengagiza ingaruka mbi urwo rwandiko rushobora kuzana ku bavuzwemwo, kuko mukubwira abanywanyi ba CNDD FDD i Bubanza ko nibihenda bagatsindwa batazoronka aho bahungira, bisigura ko baba babwiwe ko bazoca bicwa n’abo bitwa abakeba, ivyo bikaba vyotuma abo banywanyi boshobora guca bitanga abo bantu bitwa abakeba. Kubwa Pacifique Nininahazwe, urwo rwandiko rw’uwutwara umugambwe CNDD FDD i Bubanza rwerekana nk’uko umenga buca haba intambara. Nk’uko vyashikirijwe na Pacifique Nininahazwe arongoye ishirahamwe FOCODE, Edouard Nduwimana yari akwiye gutahura ko namba vyashitse iyo mvugo y’amacakubiri n’uguteranya igakoreshwa i Bubanza, vyari bikwiye ko yokosorwa, hako yosaba ko n’iyindi migambwe yose yokwigisha ivyo nyene mu ntara zose zigize igihugu c’Uburundi.

JPEG - 81.7 ko
Pacifique Nininahazwe, arongoye ishirahamwe FOCODE

Egide Nduwimana

Messages

  • Nta’ngwano’izosubirakuba muBurundi.pacific’nawe arayitanguza izoc’ihera
    Kuriwenyene’akarorero yarakabonye imurwi.

  • Akamaramaza karama. Ngo niyindi migambwe ikwiye kwigisha nkivyo nyene? Ivyo bivurwa n’umushikiranganji? None igihugu kiriko kijahe aho abagitwara aribo bigisha amacakubiri.

  • Francois, Subiramwo usomeneza ivyanditswe mwiryokete rivurwakoryanditswe nuwomushingamateka urazagusanga wewe wihenze kukontanahamwe yigeze avuga ivyayomoko urikuravuga niwitsimbatarire mwiyo FNL ya Rwasa mberesinarinzi ko wataye CNDD ya Nyangoma.

    Pasifike nawe ndashaka kukwibariza akantukamwe? mbese kwintambara twazibayemwo kuvakera zikaduhekura bimwebirenze urugero wewe nanje kuberikiki utokurikira abandi bahisemwo gukora politike muvyiyumviro ariko atarukuvugako vyasemuvyiyumviro arukumena amaraso nkukowabivuze canke nkukowamawabivuze nabomuhuje ivyiyumviro!?. Rekandakwibutse, ukazoramuka wihenze ukajamuvyintambara canke ugashigikira abashaka kuyikora tuzobikuburiza imbere yumuryango winzuyawe baryanabo bazoba bagabirije gutangura iyontambara tuzobahagarikira haryanyene bazobabagomba kuyitangurira, iconzi uzosigara widoga uvungango’ Abantubanje baribiteguye gutangura intambara bishwe bamanitse amaboko, tuzobahagarikantakibuza kubwineza yigihugu cacu ntabwo izobarikubwumugambwe urikubutegetsi canke umukuru wigihugu canke iyindimigambwe ekandetse namashirahamwe, tuzobahagarika kubwineza yabarundi bose nabanyamahanga baba ngaha Burundi ekambese nibirimu Burundivyose vyabibihema nibidahema.

  • ewe james tu es malheureux hiiiiiiiiii

  • BURUNDI! BURUNDI! Nyemerera ndagusomere ino raport. Wahora uri igihugu c’amata n’ubuki, Ariko kuva aho amatora yo mumwaka wa 2015 atanguriye kwegerereza, niho watanguriye gutatugwa nabokwubatse nkakurya umubiri w’umuntu uhenuka bukebuke iyo utewe numugera wa cancer. Cells zofashije umubiri nizo ziwuhenura kuko ziba zamaze guhindugwa kuba abansi bumubiri. None nawe wagira ngo ufise abize bazokwubaka maze ukaboneka neza mubindi bihugu, ariko abansi bawe bahinduye ivyiyumviro vy’abakunzi bawe, none ubu nibo bagiye kugutabagura. NPORE BURUNDI! Ariko bamwe turacagukunda, ntabwo turabaha umwanya wo kudushika mumitwe yacu. Ntamuntu akinezwe n’iterambere ryawe, ahumbwo na nyarucari wanyuma yigishijwe kurazwa ishinga n’iterambere ry’umugambwe runaka; kandi iyo migambwe nizo nzu z’abansi bawe. Bose biyitirira abakunzi bawe kugira baronke akaryo ko kugucumita kumutima. Uwugize ngo akuvugire, bamusimbirako nkakurya akayabu gacakira imbeba, uyo ubuzima bwiwe bukaba burangiye. MPORE BURUNDI! Ubu turi kugerageza turabe abakunzi bawe uko basigaye bangana hanyuma turabe ko twogusubiza ahowahora. Nayo umugera waraduteye! MPORE BURUNDI!

  • Jewe nobabwirako abo bantu babuze ayo bacira nayo bamira mbe uyo mushingamateka yanditse ivyo kuva aho cndd fdd itwariye ubu Ko hageze Ko umukuru w,igihugu ava kubutegetsi niho baciye bakebura abarundi kuko bababaye cane,mbe barya bantu biswe mugatumba ntabwoko bobo bari bafise Ko mutabakingiye mbe Ko uyo yandika kurusha abandi Ko ataco yabivuzeko ntakaramu yaribwaronke?canke ntampapuro yari afise?muburundi ivyo bibabazako vyobafasha vyoguteranya abantu twarabirengeye tugeze kuntambwe gago umuntu wese aje kutunyaga demokarasi tuzomurwanya turikumwe abarundi bose mumoko yose kuko iyo niyo ntambwe twatsindiye kandi tugezeko umuhutu,umututsi,umutwa ,umuganwa bose baja hamwe bakwagwanya
    akarenganyo None ga yemwe akarorero lado hafi
    - abo bazi kwandika nibaduharurire abahutu n,abatutsi n,abatwa baje gusanganira umukuru wa RPA
    - uravye ivyabaye urya munsi wosigura gute Ko hari abagomba kuzana amacakubiri
    - abantu bose basidukanye niyonka mubwoko bwose banka akarenganyo ico nico cerekana Ko abantu bamaze kurengera ibyubwoko ubu abantu nibavuge ibindi iterambere,.........nayo ivyo vyarataye igihe
    - mbe amaradiyo yotera mucibitoke gute?
    - ivyuma bitanga amajwi bisigaye bitanga amasasu?ugusaba nivyiza ariko iyo umuntu ariko arasaba abanza kuraba Ko uwasaba yoba yomuronsa ivyo akeneye reta niyemange ivyo ikora kuko ariyo iramutswa igihugu Nimba batazi uwabikoze naho kandi batariko bagira amatohoza yo kumugaragaro iyo leta ntizi ivyo ijejwe
    - mbe Ko birirwa bapfunga abandi babasaba ivyemezo nibatumeko nduwimana bueiro arongoye umugambwe ibubanza nabo batange ivyemeza kwandika ntibihagije baba procureur n,aba commisaire batumako abantu agasakisaki nibabatumeko bavyerekane

  • Ico gituntu cinyegeje mumuganbwe ariwe Nduwimana aragaba .........sha tuzomwereka

  • Ikinshimisha nikimwe, nuko yaba leta canke imigambwe ishigikiye ubutegetsi, yaba imigambwe canke amashirahamwe yegamiye opposition,

    Ico mukwiye kwama muzirikana nuko intambara ibaye mugihugu ntirobanura, ihitana uwari wese, uhereye kuwuri kurugamba ugashika kuyirindi munda.

    Abo nabo biremesha mugukokeza intambara biyumvirako imiryango yabo bayihungishije iri hanze yigihugu, abandi bafise impapuro zinzira nibindi nibateshwe bate kuko baribesha cane.

    Ico nohanura umunyapolitique wese nuko bokwiga guhiganwa bakoresheje ivyiyumviro, imigambi nubundi buryo bwose barekurirwa namategeko.

  • erega nduwimana ntakundi yarikuvuga hari ngombwa ashigire urworwandiko kuko nawenyene ari mubagomba gutigihugu mukaga

  • Edouard n’ikigwarudubi nawe arabizi

  • N’ukuri ndi Umurundi kandi sindi muto nkuko abandi babivuga gusa dusumbanya uburyo kandi ntawubura ico asumvya uwundi umuntu ashobora kugira ubumenyi bwo mwishure uwundi akagira ubwenge kuko biratandukanye cane ariko icambere nico IMANA yasize mu muntu atarico abantu basinze mu bandi.Murantunga mvuge ku vyerekeye ibi mbonye muriki kiganiro,Jew no Vuga nti hari abantu basigaye bameze nkika itamase aho irisha nkukumva umuntu aserukira RETA avuga amajambo ayicafuza agatukisha n’igihugu birababaje ariko ikintera intege jewe ndavye ingene abarundi baciye ubwenge baraye bavyerekanye ikibereye ntasubire kubesha ngo abarundi benshi baragaye ivyo abanyagihungu bagize mugushikiriza umunezero berekanye bashimira intwari ziri mu butungane zakoze ivyo ziyemeje gukora neza.jew ndaha ndavye abanyagihugu ingene bagiye hamwe atawararanye nuwundi bakagira imyiyerekano yokugushigikira ukuri ninzira karengane Bob yarahejeje kurekungwa n"intwari zize amategeko zikayamenya!!!Ico ndangirijeko Intambara izotangurira muri CNDD-FDD irangirire muri CNDD-FDD yarabivuze arabizi wenyene ico yaragitoye.Hama Nduwimana arararika abo barundi benshi Agombe ace kuri yaradiyo yabo na yambonesha kure yabo Atumire imyiyerekano yo kunegura ivyo 99.9% bashigikiye turabeko atamaramara aho azoca amenya aho abarundi bageze mu bumwe bwabo.hace haboneka basumirinda.Hama Pacifique ndakuremeshe Peter Ntazokwitoza abarundi bumutima baraye bamugaruye akenge jew nsindi Umupfumu kandi Nsimbonekerwa hariho aba CNDD-FDD bukuri Bazoboneka umusi wa congres .

  • ariko abarundi murahendana koko nibwo nabibona,ibyo kugabana ubutegetsi,ugisirikare igipolice mu buzi bwa reta hose ntitwumva hose bigendera kumoko abantu bavamwo! none ibwiriza nshingiro ryanyu ibyamoko ntibirimwo? ntumwaritoye mwese? nine ubivuze ngo yakoze icyaha. murantwegeje. rimwe narimwe pilitike mukina irabacanga.

  • Mumutahure nduwimana kuko arashigikiiwe avuga ivyo aba yatumwe

  • EDOUARD,icokibanza urimwo kirakuroka,warukwiye gutanga imihoho kukutazinikibanza urimwo bakavugabati nyabuna edouard acanisha amashirahamwe nimigambwe none?ugez mubanyagihugu?

  • we Edourd nduwimana nawe Juvenal Havyarimana ngomba mbakebure mpereye kukubibutsa ibi: uyumusi murica mugafunga inzira karengane,mugahohotera abantu mubaziza ivyiyumviro vyabo mwitwaje ayo mazina mama wanje ngo umushkranganji, mama ngo umushingamateka ariko mumenye neza ko ayo mazina umusi umwe muzoyakwa ndetse mugasohogwa no murivyo bureau muvyagiymwo maze muciribwe imanza zikwiranye nivyo mwakoz! Ntimwavutse mwitwa abashngamateka! Abashkiranganji! Imvugo nkizo zigaragaza ubwobwa mufise bwokuva kuubutegetsi kuko ubwanyu mwakoreye abarundi n’abarundikaz ivyaha binuka nkishano mugatnya kuja imbere yubutungane. Soma neza amajambo Godfroid NIYOMBARE yandky umukuru w’ighugu ko kubra kudahanugwa ngo agondwe izosi igsirikare cuburundi gishobora kwi2mwo ibice 2 ako sakarambaray, amaherezo yinzira ni munzu!

  • Edouard Nduwimana arihenda basi : asuka aba DD, we yifitiye umugore w’umunyarwandakazi. Ni vyayangara, azotaha kwa sebukwe mu Rwanda. Yamara, sinzi ko bazomwakira kuko azoba ahejeje guturira Uburundi. Yrabibonye mu myaka iheze, aho bamwiyamiriza ari 200 gusa (i Maine, muri USA). Iyo atahabona FBI, yari yabuze ayo acira n<ayo amira.
    Nkurunziza, yari akwiye kumubika aho atazosubira gusohora ijambo kw’iradiyo kuko avuga nabi.
    Nibaza ko uwamukuye ivata ari umurwayi wo mu mutwe!

  • mbega biteka baDD komufisubwogutsindwa ntimubonako mumaze kwimeninda ngo abakeba ngo namaradio namashirahamwe mbe murazi icobita democharatie mwagiye kubutegetsi mutabizi nicogituma.reka abanyagihugu buce barubacira guhunganako mwiyagirizicomwakoze sikobizohora mbe mwaraye mubonye akantu abanyagihugu bakoze kwirekurwa rya bob rugurika? baraciyubwenge!

  • hew muntu wiyita james reka kumutega imissi pacifique kuko abamushigikiy turahar kuko ata mugambi afise w ingwano wew ugashaka kuyitangura ntangorane ariko umenye abazohunga nababimenyerey bagiy mwishamba

  • emwe mureke uwo mukuru w’igihugu aramenya ko atararuta kadhafi ariko nawe yakivuyeko nabi mureke m26 iramubona natwe abanyagihugu twiteguye kuvira hasi icarimwe abana bigihugu tukiyamiriza izo ndyadya zigira ngo zirongoye igihugu kube ziriko zirarya inguvu zacu iyi ntwaro yarikwiye guhinduka tukaronka democratie nyakuri nahubundi turabe neza nti tuzobe nko mu rwanda genocide’lybia ’cyria nahandi henshi.jewe inama nomugira nakingure hakiri kare ata maraso mensh yinzira karengane zirinze guseseka zizira abitwa ngo nabarongozi bibinyoma.

  • ewe Pacifique warariye umutima aba DD,ukora aho barwaye,banse kunywa umuti ubaha none batera basinzikara,baguma bakwikanga erega wabahahamuye!!

  • Ewe Pacifique ukuri kurakurya!iyo bakoze aho wiyotsa uhinda agashitsi.ndashimiye umukuru wumugambwe ibubanza yavuze ibitomoye muga nkanegura ko yabivuze ateba.
    Iyo societe civil niradiyo zadomweko agatoke zari zikwiye gufutwa zose.
    Hama ababwiwe mwumve ntimujane nyabahururukuko ntq neza abo bakeba babaronderera.nayo wewe
    Francois Bizimana uri nsumirinda bandanya utambatamba.nuko utamaramara !

  • MWOMBARIZA FRANCOIS ICAMUKUYE KWA NYANGOMA AKABA AGEZE KWA RWASA????????????? NIWE YACIYE WA MUGANI IMBERE YUKO AMATORA ABA YA 2010 NGO UWUKURUSHA IBIJUMBU AGUTWARA IBWA!!!!!!!! NONE UBU NAWE YOBISHINGIRA INTAHE KO YABAYE INTOZO CANKE MUJERI????????? IGIHE KIZOTUBAMENYESHA ABO MURI

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.