IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Eloge Willy KANEZA yatahukanye agashimwe mpuzamakungu kitiriwe Peter (...)

Eloge Willy KANEZA yatahukanye agashimwe mpuzamakungu kitiriwe Peter Mackler

mardi 23 Myandagaro 2016, par Egide NDUWIMANA

Umumenyeshamakuru Eloge Willy KANEZA yahora akorera insamirizi BONESHA FM ubu akaba akorera IJWI RYA AMERIKA i Bujumbura yatahukanye agashimwe mpuzamakungu gahabwa umumenyeshamakuru yagize umwete n’ubuhinga kurusha abandi mu mwuga w’ukumenyesha amakuru.

Ako gashimwe kagiye guhabwa Eloge Willy KANEZA muri uwu mwaka w’2016 kitiriwe Peter Mackler, uwo nawe akaba ari umumenyeshamakuru yahora arongoye itororokanirizo ry’amakuru ry’Ubufaransa (AFP) muri Amerika, akaba yitavye Imana giturumbuka mu mwaka w’2008.
Uwo Peter Mackler yarakoreye kandi ibimenyeshamakuru bitandukanye kw’isi, ndetse akaba yaranditse n’ibitabu bitandukanye.

JPEG - 19 ko
Umumenyeshamakuru Eloge Willy KANEZA yahora akorera insamirizi BONESHA FM ubu akaba akorera IJWI RYA AMERIKA i Bujumbura

Ako gashimwe katanguye gutangwa mu mwaka w’2008, kagatangwa uko umwaka utashe ku mumenyeshamakuru yarushije abandi mu gukorana umwete n’ubuhinga.

Eloge Willy KANEZA w’imyaka 34 asanzwe kandi ari mu batanguje SOS Médias Burundi, ihuriro ry’abamenyeshamakuru b’Abarundi bagiye hamwe kugira batange amakuru yizewe kandi yatohojwe, inyuma y’iturirwa ry’amaradiyo ryakurikiye ugushaka gutembagaza ubutegetsi kw’igenekerezo rya 13 Rusama 2015.

Negussie Mengesa, umuyobozi w’igisata ca Afrika mw’IJWI RYA AMERIKA, yamenyesheje ko Eloge Willy Kaneza yari akwiriye kuronka ako gashimwe, kuko ari umumenyeshamakuru abushitse, adatinya kandi aha ijambo impande zose adahengamye.

Tubamenyeshe ko uwo mumenyeshamakuru azoshikirizwa ako gashimwe kw’igenekerezo rya 13 Gitugutu 2016, mu gisagara ca Washington, mu nyubakwa za "National Press Club"


IGIHE

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.