Accueil > Amakuru > u Burundi > Eloge Willy KANEZA yatahukanye agashimwe mpuzamakungu kitiriwe Peter (...)
Eloge Willy KANEZA yatahukanye agashimwe mpuzamakungu kitiriwe Peter Mackler
mardi 23 Myandagaro 2016, par
Umumenyeshamakuru Eloge Willy KANEZA yahora akorera insamirizi BONESHA FM ubu akaba akorera IJWI RYA AMERIKA i Bujumbura yatahukanye agashimwe mpuzamakungu gahabwa umumenyeshamakuru yagize umwete n’ubuhinga kurusha abandi mu mwuga w’ukumenyesha amakuru.
Ako gashimwe kagiye guhabwa Eloge Willy KANEZA muri uwu mwaka w’2016 kitiriwe Peter Mackler, uwo nawe akaba ari umumenyeshamakuru yahora arongoye itororokanirizo ry’amakuru ry’Ubufaransa (AFP) muri Amerika, akaba yitavye Imana giturumbuka mu mwaka w’2008.
Uwo Peter Mackler yarakoreye kandi ibimenyeshamakuru bitandukanye kw’isi, ndetse akaba yaranditse n’ibitabu bitandukanye.
- Umumenyeshamakuru Eloge Willy KANEZA yahora akorera insamirizi BONESHA FM ubu akaba akorera IJWI RYA AMERIKA i Bujumbura
Ako gashimwe katanguye gutangwa mu mwaka w’2008, kagatangwa uko umwaka utashe ku mumenyeshamakuru yarushije abandi mu gukorana umwete n’ubuhinga.
Eloge Willy KANEZA w’imyaka 34 asanzwe kandi ari mu batanguje SOS Médias Burundi, ihuriro ry’abamenyeshamakuru b’Abarundi bagiye hamwe kugira batange amakuru yizewe kandi yatohojwe, inyuma y’iturirwa ry’amaradiyo ryakurikiye ugushaka gutembagaza ubutegetsi kw’igenekerezo rya 13 Rusama 2015.
Negussie Mengesa, umuyobozi w’igisata ca Afrika mw’IJWI RYA AMERIKA, yamenyesheje ko Eloge Willy Kaneza yari akwiriye kuronka ako gashimwe, kuko ari umumenyeshamakuru abushitse, adatinya kandi aha ijambo impande zose adahengamye.
Tubamenyeshe ko uwo mumenyeshamakuru azoshikirizwa ako gashimwe kw’igenekerezo rya 13 Gitugutu 2016, mu gisagara ca Washington, mu nyubakwa za "National Press Club"
IGIHE
Messages
23 Myandagaro 2016, 13:23, par kabwa
Abakorivyiza nivyiza gushimigwa niho ivyiza vyokwiyongera
23 Myandagaro 2016, 15:03, par Uprona
Felicitations Willy, urekane nababa DD bazi kwica gusa, congs ndugu
23 Myandagaro 2016, 21:35, par NYAMITWE
Ahubwo urabamaso abo ba DD ntibahave bagucamwo,burakudacukura meza ningoga,none ntuzukobakora?
23 Myandagaro 2016, 21:37, par NYAMITWE
Ahubwo urabamaso abo ba DD ntibahave bagucamwo,burakudacukura meza ningoga,none ntuzukobakora?
23 Myandagaro 2016, 21:57, par Niyomwungere Thérence
Kuvugwa Neza Bisumba Amavuta Amota Cane Kandi Yagaciro.Yarabikwiye Pe Gutdgwa Imibungo!
24 Myandagaro 2016, 14:50, par alia
turagukeje komerezaho nabanbi bakwigireho
27 Myandagaro 2016, 07:39, par AMAHORO
iyo mbwa yumu msd ariko arashimigwa mugukokeza yakoze ngo za kiriba hari imbonerakure,kuvuga ngo yaha impande zose naho utari umututsi ntajambo yaguha kandi ube upinga ubutegetsi aho mwarumvikana rero amayeli yabazungu twayahinyuye,RPAniyishigaje gushimigwa yakoze coup d etat