IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > FENADEB iharura abana 16 bamaze kwicwa, abarenga 600 batandukana n’imiryango (...)

FENADEB iharura abana 16 bamaze kwicwa, abarenga 600 batandukana n’imiryango yabo

vendredi 20 Munyonyo 2015, par egide

Mu gihe kuri uwu wa gatanu igenekerezo rya 20 Munyonyo 2015 isi nzima ihimbaza isabukuru y’imyaka 26 iheze hashizweho amasezerano mpuzamakungu y’ukwubahiriza agateka k’abana, ishirahamwe FENADEB risaba ko abahohotera agateka k’abana boshengezwa mu butungane.

Uburundi busanzwe bwarateye umukono kuri ayo masezerano, uwo munsi ukaba ugeze abana bo mu Burundi babangamiwe n’ibihe Uburundi buriko buracamwo, kuva hatanguye ukwiyamiriza ikiringo ca gatatu ca Petero NKURUNZIZA.

FENADEB (Fédération des associations engagées dans le domaine de l’enfance au Burundi) yasavye ko umushikirizamanza kizigenza wa Repuburika y’Uburundi ko hokorwa amatohoza y’abana bamaze kwicwa kuva hatanguye imyiyerekano y’ukwiyamiriza ikiringo ca gatatu ca Petero NKURUNZIZA gushika ubu.

Muri FENADEB baharura abana bagera kuri 16 bamaze kwicwa abandi barakomereka, abana bagera ku 600 batandukanye n’imiryango yabo, abana bagera kw’ijana bahagarikwa n’igiporisi mu nyuma bararekurwa, hamwe n’abaharurwa mu bihumbi bahagaritse amashure.

Mw’itangazo ryateweko umukono na Yakobo NSHIMIRIMANA umunyamabanga mukuru wa FENADEB, basaba Valentin BAGORIKUNDA, umushikirizamanza kizigenza wa Repuburika ko hokorwa amatohoza ku bishe abana n’ababahohoteye, abagiriwe n’icaha bakurikiranwe mu butungane, n’imiryango yabuze abana ihabwe inshumbusho.


IGIHE

Messages

  • M uguma mubahindira mumabarabara mutabona none m uzoba Baza Bande? Arimwe mubarungika kutera amabuye abapolisi

  • none abobantu bishe abobana ntimworaba mukabafata bagahanwa.?ahohoho abobana bazohava babamara.

  • none abobantu bishe abobana ntibofatwa bagahanwa vyisunzwe amategeko.?ahohoho abobana bazaguvahava babamara.

  • none abobantu bishe abobana ntibofatwa bagahanwa vyisunzwe amategeko.?ahohoho abobana bazaguvahava babamara.

  • amatohoza nakogwe abagirigwa nicaha bahanwe hisunze amategeko

  • Namahoro!

    kuriwo wese yoba akurikirana ibintunibindi jewe ndumwe mabantu baba hanze nasa nshimitse kubo shobo gushika kumuntu cibure kumugwi ujejwe ,wishinze guhemba noguherekeza abanyamahanga kwiga no gushiramunyandiko nshimikiro kubijanye namahera be ni nimpapuro zinzira zabakozi mpuzamakungu , kugirango habeho gusabikanya kwaba vuga canke bamuka kuburundi nivyiza yuko bofashanya mugu kurikirana imitahe n’imishahara
    biri kubiri nutwigoro twabagiraneza .

    kenshi bamwe bara shoboro kuyakoresha bakuyeko akanyungu be nagahimbaza muswi kubigorera abandi mukubashiriza bimwe murivyankegwa.

    Strombergs ni societe mwo kwisunga mugushikanira ibibazo nyamukuru kubo mumakungu mwobamuzi nurudandaza rushasha .
    murakoze.

  • Muburundi turavye kiri mubambere bahohotera, agateka kabana. uyu kizigenza ntamatohoza jewe mbona azokora, kubera aratinya kuvugisha ukuri umusi yovugisha ukuri niwomusi yorara akuwe kwi rya ntebe yu bushikirizamanza. peter mumuzi inusu. abakoze ihohoterwa rya bana barikoze izuba ryaka none nikihe ubwo butegetsi bwigeze buvuga ngobuhagarike ubwo bukozibwikibi? ni cogituma murivyo basabwa nta nakimwe kizoshirwa mungiro ivyovyose vyabaye barasinye amasezerano yo gukingira abana.

  • Bavyicabuhoro Binyabarikamwibarabara Nimodoka Zibigonga Mucamwanikivyinyo Ngonapolice Vyicevyose Mubiheze

  • Ehe Fenadeb mbega abajanye abana mu migimuko bobo ko mutabavuze? Turazi ko arimwe mwagaburira abavuye guturira amapine no kwica abapolisi!

  • Agashumbusho kabana bapfiriye mumigumiko murakabaze ababatumye yo Nyangoma na Ba Pasifiqe abo basindumuja nibo bazobashumbusha kuko bapfiriye kukivi baribabatumye nakare urusizi gwapfiriye kukiguma.

  • Ego none naho abo bana babo baja mwibarabara mwoca bubica?Igihano co gupfa ko mberuka caravuyeho!Iyomyiyerekano igihano bijanye nukwica?Ahoho bigiye kugorana!Bandanya ntawuzi ingene bizohera!

  • Nashaka kwitwengera wamugani ngo akabigatwengwa nkakeza! Nku Bubiligi bwafashe abantu bahamagariye abantu guturirabandi izubaryaka burababika icese none uyumwanditsinawe ahokudushirirangaha yamafoto yoguturira abantu nokwica aba polisi bagenda babakwega munzira yishiriyeho ifoto ! Egoma amafranga kaba Biligi karabatwaye ubwenge koko! Ipuuuuuu murimburakimazi mukoreraneza ibindibihugu mugashimakuzika ! Umusumwe abomukorera bazobatwenga bababwirango" ntihabura abamara ababo ngobashaka gushimisha jewejewe!!! Ipuuuuuu kandi.

  • Hahaha Mugani Wawawundi Ngo Uhisha Ubwarinyoko Ntiwarama Iyo Urumunt Ashka Ko Igihugu Ciw Gitera Imbere Uhagarara Hagati Udahengamye Ndatangazwa Nukumva Cnk Kubona Havugwa Abana Bahohotegwa Ninzego Zumutekano Hakibagirw Kuvga Abatuma Urwo Rwaruka Kurwanya Abajejwe Umutekano Ahubwo Icarigkenew Nuko Urwaruka Rwocubwenge Rukareka Guhenda Nabanypolitike Kuk Bobo Baheza Kwonona Bisamburirako Nkimpene Bagac Bigira Mubindi Bihugu Urwaruka Akabaribo Bafungwa Abndi Bagafa Cnk Bagata Izabo

  • Fenadeb murayiraba neza kuko abana yitwa ngo irafasha yaca ibatuma mu migumuko bagaca baza ikabagaburira. Turasavye ababijejwe bayigireko amatohoza

  • Basha ndabasavye ntimucafuze abantu bo muri Fenadeb kuko bamye bari neutre bavugira abana gusa. Jewe ndi muri cndd fdd nasomye iyo communiqué yabo yose, bavuga impande zose je cite "la Fenadeb demande au Procureur général de la République d’établir les responsables de ceux qui ont manipule les enfants, ceux qui les ont tué, blessé et ceux qui les ont recruté les enfants dans des groupes armés". Ariko tuvuze ukuri abo bantu mwumva bahengamye ? Ahubwo uwo mu journaliste yavyanditse niwe ahengamye. Je félicite iyo Fenadeb naho atayo nzi, bavuga neza kandi bavugira abana neza badateranije. Bravo Fenadeb ! Emmanuel K.

  • Fenadeb bakora neza ntimubabeshere. Ce sont de véritables professionnels qui maîtrisent leur métier. Coup de chapeau! Batabarije bose batavanguye. Ils sont venus même àkamenge igihe hqri hapfuye umwana. Ntavyo naziga ariko narababonye kandi en pleine crise !

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.