IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > FIFA yanse gutanga inshumbusho

FIFA yanse gutanga inshumbusho

jeudi 26 Ruhuhuma 2015, par Egide N

Ishirahamwe ry’umupira w’amaguru kw’isi FIFA rimenyesha ko ritazoshumbusha imigwi yo mu bihugu vya buraya itashimye ingingo ryafashe.

Ishirahamwe ry’umupira w’amaguru kw’isi FIFA riramenyesha ko ritazoshumbusha imigwi yo mu bihugu vya buraya itashimye ingingo ryafashe yo gushira mu kwezi kwa Munyonyo na Kigarama inkino za nyuma z’igikombe c’isi kizobera mu Quatar mu mwaka w’2020.

Umunyamabanga mukuru wa FIFA, Jerome Valcke yavuze ko adashobora gusabira imbabazi iyo ngingo yafashwe yo kwimurira izo nkino mu gihe hagwa urubura (hiver).
FIFA ivuga ko yafashe iyo ngingo kugira izo nkino ntizizokinwe mu gihe c’uruzuba rurenze rwo muri Quatar, ku buryo kandi bitazogira n’ingaruka zikomeye mu mahiganwa amwe yo mu bihugu vya buraya.


Ornella Akimboneza

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.