IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Frederic Bamvuginyumvira: "Ntitwanka umuhuza Yoweri Museveni"

Frederic Bamvuginyumvira: "Ntitwanka umuhuza Yoweri Museveni"

mercredi 8 Mukakaro 2015

Icegera c’umukuru w’umugambwe FRODEBU,Frederic Bamvuginyumvira,amenyesha ko batanka umukuru w’igihugu c’Ubuganda Yoweri Museveni,umuhuza mushasha mu bibazo vya politike biri mu Burundi.

Mu kiganiro yahaye iradiyo Ijwi rya Amerika,Frederic Bamvuginyumvira amenyesha ko icihutirwa ari uko umuhuza yotangura gushika,bakamwumviriza kandi bakaraba ko ashobora gutorera inyishu ukibazo c’Uburundi.

Frederic Bamvuginyumvira amenyesha ko ivyasabwe mu nama y’abakuru b’ibihugu vy’akarere ka Afrika y’Ubuseruko bidashoboboka mu kiringo gisigaye,imbere y’uko amatora y’umukuru w’igihugu aba.

Kubwa Frederic Bamvuginyumvira,iminsi cumi n’itanu yasabwe n’inama y’akarere ka Afrika y’Ubuseruko ni mike cane,ibibazo vy’Uburundi ntivyoba biratora inyishu.Avuga ko abakuru b’ibihugu vy’akarere ka Afrika y’Ubuseruko barushe kuko batanga inyishu zidafatiye ku kuri.

Mwomenya ko iyo nama y’abakuru b’ibihugu vy’akarere ka Afrika y’Ubuseruko yabereye i Dar Es Salaam yasavye ko amatora y’umukuru w’igihugu ategekanijwe kw’igenekerezo rya 15 Mukakaro yokwimurirwa kw’igenekerezo rya 30 Mukakaro.


Van Naris Mugisha

Messages

  • Jewe iconobasa abanye poritike nibagire ibiganiro bunvikane baduhe amahoro nicogikenewe kubisigaye naho nibareke gushira inyugungu zabo imbere!!!!!!!!!!!!!!!!!!!!

  • Peter <INYANKA KUBWIGWA YABWIWE NUKO AMASO ATUKUYE>HEMBA RERO ABA POLICE TURABE AKARINYUMA KARAHINDA URABAZA BUYOYA AZOKUBWIRA•

  • MWEBWE MUKINA POLITIKE NIMWUMVIKANE KUKO INAMA IRUMBA INGIMBA

  • NIBAREKE KUDUSAMAZA ISANGO TURAYIZI FEREDERIKO ARIBAGIYEKO IWABO MUMUGAMBWE VYABANANIYE GUTORA UMU CANDIDAT NONE BARADUGIJE AMAZURUNGO LETA Y’UBUMWE NI BARINDIRE 2O2O TUZOBAHA

  • iciyumviro cabatavugarumwe nareta Nikibekirabangirwa inyumayimyaka 5 kizoheza kigaruke.

  • kwunguruza amatora sico kibazo,ikibazo ni 3e mandat idakurikiza amategeko.

  • MWE MUVUGA YUKO OPPOSITION IRIKWIRABASAMAZA ABANDI NGO IVYO ISABA NGO BIZOGARUKE NYUMA YIMWAKA 5 MURI IBIJUJU! MBE HARYA MWE NA OPPOSITION NINDE AHAYE ASAMAZA ABANDI MBE NGO ISANGO RYANYU RI RWARI NGO BUCE MUJA KWIYAHURA NGO MUTOYE PETER? ASHA MUJE MWAMA MWIBUKA YUKO IYO UMURIMYI AHAYE ARIMA NINYONI NAZO ZIBA ZIHAYE ZIKORA IMIGAMBI! NAGOMBA NDABAHEBUZE YUKO ATA PETER AZOGENDA ASUBIYE KURONGORA UBURUNDI! NATWE INKOHO DUHAYE TUZOZA DUPANGA AMASASE MURI ZA CHARGEURS KANDI IMISORE YACU IROREREYE IRYOGENEKEREZO GWANYU NGO MUZOJE KWIYAHURA HAMA NATWE DUCE TUGOMORORA INTEKO RWACU HAMA TUZE TURABE MBE MWIHENDA YUKWARIMWE MWENYENE IMBONERAKURE NICO PIPOLISI VYANYU NIZO NTERAHAMWE MUZI KURASA BARABAHENZE SA!

  • Mr Frederic SVP Museveni ntakwiye kuza kuvuga Democratie i burundi kandi atamenya icarico. Il n’a pas de lecon a donner c’est meme une insulte pour notre cause.

  • Wewe wigize : Ubugaboburihabwa: urasara cg urakomeye? Wewe nabanyu turazi ko mwamenyereye kwica ariko ntimuzotumara kuko kuba twarasigaye 72 ubuho ntimwibaze ko bizogenda kurya natwe turaha . UWUZORUKARISHA RUZOMUMWA.

  • none ga yemw na Frodebu yitez kuj mu biganir? iserukiye aba frodebu abahe mu burundi? ko uw mugambw umeng warifuse.uw muhuza arabanz atihoze neza abazomusanganiza am agenda.nibiburiburi leta yoganira n Rwasa we tubona abamutoye nn ikibiri kitanaronse na 1% coganira iki.ntabara mutuyagire.n’intebe imw barabuze nn ayo iyo nduru bayivugiriza iki?

  • emma
    muntunge nishure uwo muntu ativuze izina, hewe wamuntu urota intambara uragowe ntubone mutera ama grenade mukica inzira karengane ngomwibazeko muzoduterana nintambwe habanamba, turindiriye musohore izo nkoho mwahawe hama mukubitwe nkimbwa yivye.

  • Ni bayunguruze ariko murico kiringo barabe batorere inyishu ibibzo vya politike bihanze Uburundi.Ariko ibiganiro ntibibe inyuma yamatora y’umukuru w’igihugu.

  • Ntimuharanire.Inda.Zanyu.Gusa.Muzokwibukwa.Nimutahemuka.Nka.Abadede.Bicaye.Kumivyimba.Yabantu

  • Ew wew wiyita ubugaboburihabwa uri ikijuju canyuma amas yaker ntagihoma urutaro witez ngo uzofat inkoho uz kwic wanguh uzob ugiy kwiba ba pacifique barakubesha ndagucir agac urawaca uzorab bizoher iwaw mb yamigumuko ntiyahez kudeta ntiyas ahubwo ubwo bwoko uvamwo ntibwumva muzopfa uko

  • AMATORA NIBAYASUBIREMWO YOSE KUGIRANGO BOSE BAYAJEMWO

  • Barundi benewacu ndabasavye mumenye icatsi n,ururo mutahure kahise kanyu naho mugeze uyumusi,MUSEVENI mwibagiyeko ari mubantu bateye ibibazo mukarere?muzokanura ryari?Mbega niki catumye KENYATA na KAGAME bataboneka?Barundi
    bincabwenge muragabe uwo muhima azobakora nka NTARYAMIRA na HAVYARIMANA.Ariko ndatangazwa nabakozi bikinyamakuru igihe ukuntu baterekana ivyiyumviro vyacu bagahitamwo kwerekana ibitutsi ukuri bakakunyegeza.Yaba tutsi.hutu nabatwa mwirinde intambara ahubwo mukomeze ibikorwa.Noneko hahunga abatutsi gusa nibo babangamiwe gusa mugihugu?Nsaba ministre des affaires etranger avyereke amakungu.Murakoze..

  • @Ruhwa . Kuvuga ngo abadede bica abantu kandi umwe mubakora coups d’etat igapfuba yarivugiye ubwe ko aribo bari inyuma ya grenades zica abanyagihigu. None uri nkande wowe? Ko inkozi z’ikibi zabyivugiye

  • Yemwe abantumwese muzamuracishamwo ivyintambara twobasaba kubigabanya kuko uwozana intambara yobayihenze, nitegereje uduhunguturaho nudukobwa twitwa Imbonerakure ukuntu dushushe kugezanaho kutubonagusa bacababona mengo tuvyimbavyimba kubirwanisho kubera ukuntu dushiririye , nabasavye mukoreshe ibindivyose bishoboka ariko gukinatisha ijamwongo intambara muryikuremwo Burundi burundu akokajamwo nkoresheje kitwa burundu nakikinyarwanda mukirundini agaheriheri, bikuremwo ivyintambara agaheriheri.

  • nimwambaze yesu abatabare nayahandi murahateba

  • Kwumviriza museveni vyarivyo,ariko abobajebararungika barumvirijw arikontacovyashitsek.ubureronarindir gukemuribibazoninyuma yamator kukibibazontibiheramuburundi

  • none uwo muganda amaze kwiyongera kangahe?niwe yobuza uwo mu jejne gutwara ibindi biringo?mpaka atway nkiyo yatwaye ?je natanguy ishule banyigisha abakuru bibihugu nama numva museveni,none nkwije mirongo itatu emwe,ni mureke urwo rwaruka ruze rumushikure kandi ntagukama amata mu matako y’igihori.inyishu iraboneka y’uwo muhuza ega kandi ni aba collegue ils doivent se proteger.

  • none uwo muganda amaze kwiyongera kangahe?niwe yobuza uwo mu jejne gutwara ibindi biringo?mpaka atway nkiyo yatwaye ?je natanguy ishule banyigisha abakuru bibihugu nama numva museveni,none nkwije mirongo itatu emwe,ni mureke urwo rwaruka ruze rumushikure kandi ntagukama amata mu matako y’igihori.inyishu iraboneka y’uwo muhuza ega kandi ni aba collegue ils doivent se proteger.

  • NIBAREBE BUMVIRIZE RWASA AMATORA AZOBERE RIMWE KURI 30.

  • peter twamuhaze abanayavyajekubuntubishwen’inzara kandinibenshi.amashule y’agusa ntagise agaciro abanyeshule bacitse ibijuju kukwigishwanabi.ubukene yatejeabanyagihugu ntibuvugwa.iyonamanimwirukane!nazarababandi ukobakora!

  • peter twamuhaze abanayavyajekubuntubishwen’inzara kandinibenshi.amashule y’agusa ntagise agaciro abanyeshule bacitse ibijuju kukwigishwanabi.ubukene yatejeabanyagihugu ntibuvugwa.iyonamanimwirukane!nazarababandi ukobakora!

  • peter twamuhaze abanayavyajekubuntubishwen’inzara kandinibenshi.amashule y’agusa ntagise agaciro abanyeshule bacitse ibijuju kukwigishwanabi.ubukene yatejeabanyagihugu ntibuvugwa.iyonamanimwirukane!nazarababandi ukobakora!

  • AMATORA YA MBERE YARAHEZE...NIBANYARUTSE TWITORERE UWUZODUTWARA TWISHAKIYE KUKO TWEBWE NITWE TUZOMENYA UWODUTWARA KANDI ABISHOBOYE.KURUBWO RERO IMAA YO MWIJURU NIYO CABONA NKURUNZIZA NIBAMUREKE MURUNDI YITOZE TUBANZE TUMUHUNDE AMAJWI ATACAMIRA.KOMERA MUTAMA WEW GUSA UGUME KWIVOLANT.

  • Jewe nashaka kubaza igitumye amatora yigizwa inyuma canke naho nikuber’iki rwasa agathon atari yitojeje?

  • Uburundi Buyra Bwarikukiye ?Tvzogezayrarikunzeririnzendabwe

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.