IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > umutekano > Gabriel Rufyiri abona ko ibiganiro bihuza abanyeporitike vyobera hanze (...)

Gabriel Rufyiri abona ko ibiganiro bihuza abanyeporitike vyobera hanze y’igihugu

samedi 6 Ruheshi 2015

Gabriel Rufyiri umukuru w’ishirahamwe OLUCOME , yavuze aho ibintu bigeze ku va imyiyerekano itanguye yo kwiyamiriza ikiringo ca gatatu ca Petero Nkurunziza.

Gabriel Rufyiri, avuga ko umutekano wa bamwe mu bari mu mashirahamwe ataho yegamiye mu vya poritike umeze nabi, ndetse akavuga ko bamwe bafise n’imitahe ibahagarika. Uretse ivyo, amajambo y’iterabwoba babwirwa, nayo yemeza ko, aza yunyura ibihuha. Aha Rufyiri, avuga ko amajambo yabwiwe na Bertin Gahungu atwara igendereza hagati mu gihugu, ko uwo atwara ishirahamwe rirwanya abonona amatungo ya Reta, ari mu bononye igihugu yamuteye ubwoba.

Rufyiri kandi, abandanya avuga ko hari inama zigirwa na bamwe mu bashinzwe umutekano w’umukuru w’igihugu n’abo mw’igendereza, izo nazo zikabera hafi y’aho aba, kandi zikaba zoba zigamije kumutwara ubuzima. Avuga ko amaze kubibwira umuvugizi w’igiporisi hamwe n’umushikiranganji w’intwaro yo hagati mu gihugu, ko hamwe yogira ico aba,hari abazobibazwa. Rufyiri akaba yavuniye akagohe abo babandanya kwica, ko bokubitiza agatima mpembero, bakibuka ko ivyo bakora bibonwa na benshi, kandi ko sentare mpuzamakungu zibabona, ko n’abandi babikoze ivyo kwica abantu muri kahise, ubu aho bari batorohewe.

Ku bijanye n’aho ibiganiro bigeze, Rufyiri abona ko, kubona ibijanye n’ikibazo cakweze izo ngorane zose kijanye n’ikiringo c’gatatu ca Petero Nkurunziza kitaricarirwa, bimaze gutuma amatora y’abajenama b’amakomine nay’abashingamateka asunikwa kabiri kose. Muri ivyo biganiro nyene, Rufyiri, yagiriza abo muri ONU ko bahengamiye ku ruhande rwa Reta, ndetse rimwe rimwe abo muri CNDD FDD bakaba bifatira mu gahanga abo badashigikiye ikiringo ca gatatu, mu kubatuka n’ayandi majambo, abo muri urwo rwego bari aho.

Rufyiri rero akabonako ibiganiro vyotuma ingorane za poritike Uburundi burimwo zihera, ivyo biganiro bitobandanya kubera mu Burundi, ko vyobera mu kindi gihugu, kuko n’ivyo bamaze kwumvikana bitigera bishirwa mu ngiro, aha akavuga nk’ imitahe y’uguhagarika bamwe mu bari mu mashirahamwe ataho yegamiye mu vya poritike, abagira imyiyerekano babandanya kwicwa abandi nabo bagapfungwa n’itotezwa bagirirwa, hamwe n’amaradiyo yigenga n’ubu atavuga.

Gabriel Rufyiri rero akabona ko mu minsi 40 bamaze bari mu myiyerekano yiyamiriza ikiringo ca agatatu ca Petero Nkurunziza, abanyagihugu b’abarundi berekanye ko bashoboye guhindura ibintu, gutyo, n’uwundi mutegetsi wese yoza hanyuma, akaba yohakura icirwa, ko atotwara abarundi uko wewe avyifuza, ko yokwisunga amategeko y’igihugu.


IGIHE

Messages

  • Dukosore,atwara OLUCOME au lieu d’APRODH.

  • Bareke igihe giheze sico gisaigaye. Ivyo mutama uvuga nivyo neza cane.

  • nn muburundi ntazu yinama ahari?canke mutera akajagari kugira mwironkere agafe de mission?mana ninde atakunda agafaranga?

  • bamugira urupfasoni mukwishura ahowewe ntayowafyuye?wamubonyegute?

  • Rufyiri abo banyagihugu uvuga n’abahe? Ahubwo urantwengeje! Izo nkehwa nizo uriko uravuga? Iyo muba mubafis ngira muba mwafatishij igihugu intoke! Ahubwo umusi abanyagihugu twoshavura har’igihe mutokworoherwa! Muraja ngaho mukanika amenyo mwita imbere ukamengo nimwe muzi ukuri mwambwamwe?

  • Rufyiri avuga ukuri ntimumuhore ukuri kwiwe,kuko ibibazo bagiye gutorera umuti birahambaye kuko nibabandanya kw’ijambo ryoguhagarika Peter Nkurumbi kwitoza ubugira gatatu mungaye Peter naza ngurube ziwe batabahitanye.nayo Consilie wewe ntazonasubire kuvurwa ngaha kurubuga twaramenye ko asigaye ari indaya ya Peter.

  • uwo nimumureke kuko afise ivyiyumviro bimurega!

  • Ivyo Rufyiri avuga nivyo ibiganiro vyiza vyobera aho badater wa igitsure kumpande zose bagataha batah anye nabaje kubafas ha gushira mungiro iv yo bafunditse. Ababis higikiye uhoraho abaj imbere abakomeze

  • Mwebwe none mubona ivyo biganiro vyobera mugihugu icahe?ko tubona n’iyabereye i dar-es-salaam ataco vyavuyemwo.abarundi nimuze twambaze Imana kuko ntizokwemera kw’abantu bayo bapfa rubi.

  • None Tweho Abatize,tuzobigenza Gute Ko Nabize Bibitayekuwamazi?Abasenga Nibasengere Ikigihugu Cacu C’UBURUNDI kuko hasigaye arah’IMANA Gusa.Kuko Twebwe Abanyagihugu Twumvirije Ingene Biriko Biragenda Twumva Twabuze Ico Dufata N’ico Tureka.Nimugire Ico Mwodufasha Mukudutorera Umuti Kukibazo Igihugu Cacu Gifise?Abize,nimutumenyeshe Twebwe Abnyagihugu Uruhara Twobigiramwo Kugira Turonke Umutekano Muzoba Mukoze?

  • None Tweho Abatize,tuzobigenza Gute Ko Nabize Bibitayekuwamazi?Abasenga Nibasengere Ikigihugu Cacu C’UBURUNDI kuko hasigaye arah’IMANA Gusa.Kuko Twebwe Abanyagihugu Twumvirije Ingene Biriko Biragenda Twumva Twabuze Ico Dufata N’ico Tureka.Nimugire Ico Mwodufasha Mukudutorera Umuti Kukibazo Igihugu Cacu Gifise?Abize,nimutumenyeshe Twebwe Abnyagihugu Uruhara Twobigiramwo Kugira Turonke Umutekano Muzoba Mukoze?

  • Wewe wiyita Birahinduka.kuvuga neza birakenewe.wewe urimwo abanyagihugu bose?urashavura wewe wenyene.twebwe tuzofukama dusenge IMANA izotwishura.ahubwo nawe nusenge.nimba kizotwara Pierre ntakibazo tuzoba twishuwe.ariko amarira yabanyagihugu mbona ntazomukundira!IMANA iguhe kuvuga neza.

  • MBEGA RUFYIRI AHO WANIKIRA AMENYO WASAMANGA ABANYAMASHIRAHAMWIGIRA NGO NTA NYUNGU ZA POLITIQUE MUHARANIRA IVYO URIKO UBIVUGA WISUNZE IKI?AHO MWAMA MWIKIKA MUKIBI NGO NTANYUNGU MUHARANIRA MURATERANA ISHAVU.BA MWITONDA IVYO MUSHAKA TURABIZI NTIBIKIRI IBINYEGEZWA.MBONA USANZA AMABOSHI GUSA AHO NTACO MBEGA RUFYIRI AHO WANIKIRA AMENYO WASAMANGA ABANYAMASHIRAHAMWIGIRA NGO NTA NYUNGU ZA POLITIQUE MUHARANIRA IVYO URIKO UBIVUGA WISUNZE IKI?AHO MWAMA MWIKIKA MUKIBI NGO NTANYUNGU MUHARANIRA MURATERANA ISHAVU.BA MWITONDA IVYO MUSHAKA TURABIZI NTIBIKIRI IBINYEGEZWA.MBONA USANZA AMABOSHI GUSA AHO NTACO WAVUZE.

  • Ivyo biganiro uvuga ni inkinamico. mbega nivyiki, bimaze iki, baganira iki, bimaze iki kubarundi. Kubera iki hari ibiganiro? Kubera umuntu umwe yanse kubahiriza amategeko y’igihugu. None iyo umuntu ahonyanze agateka k’igihugu n’abanyagihugu hakenerwa ibiganiro? Va i buzimu muje i buntu.

  • Nama numva bamwe nabandi bavugango hariho abarundi badakunda igihugu cabo, ndevye ivyuyumugabo avuze arimubarundi badankunda igihugu cabo, ariko arimubarundi bikunda bagakunda ibibahimbara vyabogusa. Ndababwirako ivyobintu uyumugabo avuze ntanakimwe vyobabiriko birungura abarundi nu Burundi, ariko kugatwe kiwe harimwo inyungu nini, umva nkubu bavuze ati ibiyago bizebirabera Kenya, maze uyumugabo akaba mubagenda mwivyobiyago noneho bakabahamagara ngobaje Kenya bamareyo nkumwaramo umwegusa, nkamahera yomuvendako kuva agiye gushika agarutse yohemba umwigisha womuri Primary igihekingana nkimyaka hafi 15 ariko ivyobiyago bibereye iburundi nimiburibori ivyobomuha mugiheyobari mwivyobiyago vyobabishoboye guhemba uwomwigisha nkimyaka hafi 5 Ahorero barundi muzizemuratahura kohariho abitwaza kobaharaniratwebwe kumbebishakira kutudugiramo bishikire kungungu zabogusa. Ndababwirako aryanaherayose babaha ngobarikobaraduserukira ninkuko tubatwasinye tuvugango hagarika canke gabanura ivyomwahora muduha maze mubihe abobakanaka. Turakwiyerero kuzaturabiyamiriza kuribimwe bababavuze.

  • MURARABANEZA BIBERE MUGIHUGU HARIKIBAZO ABASI BUBURUNDI NA BARUNDI NTIBONGERE KUNDUCA MURYAHUMYE PEREZIDA IYAKUREMYE IRAKUBONA ABARUNDI IBICEBIRENGA90% TUKURINYUMA

  • MBEGAYEMWE ABARONGOZI BU BURUNDI,BOKWEREKANAGUTE KO HARICO BIFASHIJE GUTE? IYO BABA BAZIKO BATAZOVUGANA IVYEREKEYE ICO GIHUGUBAZOBABAGIYEMWO BOGUMYAHA MUGIHUGU CO MPETSO IBAHEKA BAGASINZIRA IMANA IKUHIRA

  • None hari uyobewe ko rufyiri ari mubatanga ababombe amaze imînsi ategwa mumamodoka i Bujumbura? Mbe barya bagore bidandariza ivyamwa yateye mabombe ahahoze isoko nabo bazitoza mukiringo ca gatatu?Bitebebitebuke intahe izofata ijambo baduhe abacu baturiye ku mapîne.

  • Nimba inyishu ari umurundi umwe murabo wita inkehwa ari batatu nukuri nokwereka yuko naw umushigikiy ufis inkehwa zabiz .ariko nuko izo nkehwa nizatsinda zizitwa intwari kandi naw uzobuguzwa mak na obr ntayo azoja mu mifuka yabantu kandi ntituzo subira gsaba amakungu umusada ngo turakeny kuko b birababaj trop kubona tutaronka na 20% ya buge

  • Komera mutama weho wavuga neza

  • Murahagabira Abo Bashaka Ko Ibiganiro Bibera Mukindi Gihugu Nukuburabuza Amatora,rero Inzego Zigabe.

  • AHO HO KARABAYE NAMBA ABANTU BITEZE KO MU BURUNDI HARIHO UMU PRESIDENT NDETSE KWISI YOSE ATWARA KUGEZA ABAMURWANYA BAGASHIMA KO ATWARA NABI N’IMANA SATANI YA YAGIRIJE NGO ITWARA NABI YIYEMEZA KUYI KUBITA COUP D’ETAT ARIKO NIMANA NTIYAMWIHANGANIYE YACIYE IMUKORORA IVYO RERO NI IVYA SATANI

  • icombon abategetsi bomuri Afrika benshi birabagora kwubaha abo batwara bakabonako abanyagihu ataco bamaze iyo bagizico bavuga kuma bwirizwa nshingiro y’ibihugu vyabo ivyo bituma abategetsi bumvako bakomeye naho ataco bimaze kugaya uwaguhaye ububasha bwukuba Umukuru w’Igihugu. ham ico nohanura umuntu aziko aterera ivyiyumviro ngaha yubahe agateka kabandi ntatukane nivyo biranga abantu biyumvira mur Democratie

  • Ahubwo rufyiri natubwire abo banyagihugu banka perezida na mandat yiwe ya kabiri!abo batutsi bo mu gisagara gusa nibo banyagihugu burya bobuza ico umuntu akora?Twashatse kwubaha ivyavuye muri sommet!Ubwo bwose bwa rufyiri,ci kalavera,pacifique vitali n’abandi,bose barondera ama dollars,bashaka frais de mission,mbega ako ka rufyiri ninde aka menaça atari ba pacifique bashaka ku mu sacrifia be n’abandi bahutu ngo babishire kuri cnddfdd?naronderere muri abo bicanyi bakorana nawe,ariko nimba yari mu bateguye putsh nacibwe urubanza aho kurondera gufata aga hewa mu ndege ngo aja mu biganiro hanze y’igihugu,abo bose ba société civile bose bakwiye surtout gufatwa ivyo biganiro bigakorwa n’abandi atakosa bafise!!
    Abagirizwa putsh nibafatwe nyabuna ,bareke kudusamaza canke ngo baduteshe umwanya,ahubwo burya je nibazako abanka peter dukwiye kubasanga mu myiyerekano abamukunda tugaheza tugahanana,bigize surivu,iminsi ibaye myinshi,hanyuma tuzo kwassume,muvyibazako iki, abashaka peter?Kubera iki tubareka bagacafuza igihugu cacu nkuko umengo nicabo bonyene izo mpirahisi,comme ça dukubitanire ku ma barricades ruce imana!Aho ga peter ntiwotureka tukagarukana ordre mu gihugu,izo mbwa zaturambiye!!

  • jewe ndashigikiye uyu mushingantahe Rufyiri kuko ntabwo arira busema,nivyiza ko bohurira hanze y’igihugu kuko bahuriye muye mu burundi bazoterwa iterabwoba usange bashikirije ivyo bashikirije kugirango bakize amagara yabo.ariko aho boja guhurira bose nobasaba ko bobanza bakagenda kuramutsa imunzi zahunze barabe uko zibayeho banazibaze icabahungishije niho boronka n’ico boyaga gifise akamaro.

  • Mvuko tuguy hanz abanyepolitik bos bahunz bogira uruhari mugutorera ibibazo bihanz igihugu naho bikabera ngaha ni bara nisha babia mimi nuko abarundi nitwikubit agashi tureb mubarundi bangana imiriyoni cumi ko batocanamwo kubwumuntu umw gusa tumubaz anataka nini .ntang akarorero farawo yagarij imana mukurekura abanyisirayeri ivyo yabony murabizi.non nimba imana ishigikiy ubwicay nivyo mwotwubwira mwebw mu kinany ku butegetsi .kurogota kuri mpwemu wimana nicaha kitababarirwa

  • Rufyiri hanze ico abarundi mwariyeyo kiramaze ushaka karitiye yubatse na dialogue nka kigobe mwashomereye nabi MWamaze amwe ya maggy nayababiligi ubu mushaka ayandi? murihaye aga killdent kweli kura abao mwasubirije mayibobo mwibarabara hanyuma source du nil ni nini izobakwira ibindi Mzee Peter ni Urutare rutanyiganyizwa ivyo mutegura vyose vyarahinyutse amatora azoba kandi arabongera impfupfu mwarabibonye atasha igihe mwari mwamwivuganye intwari inserukarukamvye zikabogora igihugu mwaraye mumwamamarije ntagisigaye signa gusa 70 percent ko yabatsinze hanyuma muce bugufi aho muriko mutera igere ryanyuma KABURIYELI WE Pacifike nawe abe aregeranya ikiguzi cibiriko birononekara azobirihe aho bukera mwumva inkona ivuga umusi yavuguse nimba mwibuka kuri cotebu iriko yihereza isake nubu ni kurya ntiyaruzwa

  • rufyiri reba uhunge ncut yanj bazobibazwa nivyo ark bagutway ubuzima abana numugor bazobho nabi ham nabo bapfungw knd bokwicwa ihungire ncuti yanj umugor waw ntapfakare.

  • KOMERA KWIBANGA NTIBAKUGIRE NKA ZEDI FERUZI

  • IYO ABO BARUPFYIRI BATAGUMURA ABANYAGIHUGU NTITWARI MUMAHORO ABASUMBABO BAJA MUMABARABARA TURIBENSHI CANE MBE NTAVYO MUBONA? TUGIYE MWIBARABARA NATWE GUSHIGIKIRA PITA MBEGA MWOTWIYUGURURA? BURYA DUHOZE TUBONA NIVYIZA YADUKOREYE NYENE ABATABIBONYE NTIBAZI KURABA.

  • NYAKWUBAHWA RUFYIKIRI, KOMERA KWIBANGA RYAWE. AHUBWO SHISHIKARA USOHORE IVYIYUMVIRO KUGIRA UBURUNDI BUVE MUKAGA. RERO IVYOBIJUJU NAVYO BICIRUKA INYUMA YA PETER NKURUNZIZA BIZOPFUKO. %M.B LV%

  • Abarundi navyacu kweri ?nfo lykindi gihufu??bashaka ihindi arusha?emama hahaha

  • Emwe! Mbegabantu batacubahimana bakigirabakozo bayo naharabayigwanya bokubaha Rufyiri? Bavuko basa arikwimanayo ntikinishwa bazihurira. Icobomenya nuko twabahaze nibagende ntanibigabiro bikenewe.

  • Komera Kw’ibanga mushintahe Rufyiri.

  • Ako kagabo nako karatwenza. Hanze niho boca bavuga ibitandukanye nivyo bovugira ino

  • Ingorane turashobora kuzivamwo arihamwe twokwemera guca bugufi tugasenga IMANA.

  • esenikubera iki ayomanama atobera mu Burundi? nayo abaja mumyiyerekano nuguta umwanya ahubwo nibasubire kumirimo yabo kuko manda yabo ntiragera.

  • Nimureke gucafuza igihugu canyu na bene wanyu.mumenyko mwes murondrera inda zanyu mazabomwitirirwa akaba arbo bahsiga ubuzima.biber hanz kugra mwiyrere ifaranga!!Imana niyonkuru kndi Iraknda uburundi.

  • IBWIRIZWA SHINGIRO N’AMASEZERANO YA ARUSHA ARATOMORA NEZA INGENE BIGENDA:NKURUNZIZA N’ABO BIRIKUMWE BABONA KO INTAHE YOCA IBAKORA MUGAHANGA.NAREKE GUCURIKA IBINTU,MANDAT YA 3 SIRWIWE.IBIGANIRO AHO VYOBERA HOSE NTACO,ARIKO ABAHUZA BAKIRINDA GUHENGAMA,BAGACISHA AHO UKURI KURI.

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.