IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Gashora: Impunzi z’abarundi zaronkejwe imfashanyo

Gashora: Impunzi z’abarundi zaronkejwe imfashanyo

dimanche 3 Nzero 2016

Abanyarwanda bize mu Bushinwa barifatanije n’abarundi baba mw’ikambi y’impunzi ya Gashora ,mu guhimbaza iminsi mikuru irangiza umwaka mukubaronsa infashanyo zigizwe n’imboneshakure n’ibifungurwa.

Iyo mfashanyo yatanzwe kuwa gatandatu igenekerezo rya 2 Nzero 2016. Umukuru w’ishirahamwe rihurikiyemwo abize mu gihugu c’Ubushinwa Rwanda China Association Theoneste Higaniro yavuze ko imbere yo kugendera iyo kambi bri bararungitse umurwi uja kuraba ivyo izo mpunzi zikeneye kurusha ibindi.

Muvyo bashikirije izo mpunzi harimwo amata y’abana,imboneshakure izobafasha kuruhuka,isukari,bitegekanijwe kandi ko iryo shirahamwe rizobaronsa inyabwonko zibiri zizofasha mu bikorwa vy’ikambi.

Uwuserukira impunzi mw’ikambi ya Gashora Jean Bosco Rugira yavuze ko iyo mfashanyo izobagirira akamaro kuko impunzi zifise amatsiko yo kumeya ibibera mu gihugu kandi bizobafasha kuko kenshi usanga urwaruka rwigunga.

Ku bijanye n’imfashanyo yahawe abana, yavuze ko mw’ikambi hama hari ibibazo vyinshi ku buryo iyo haje imfashanyo zifasha mu gutorera inyishu bimwe bimwe kuko hari abana usanga barwaye indwara zivuye ku gufungura nabi n’izindi.

Uwaserukiye ubushikiranganji bwo gutahukana impunzi yavuze ko kumenya amakuru ari ikintu gikomeye kandi n’abakiri bato bakeneye kuraba inkino,kumenya ibigezweho kw’isi kugira babandanye kugira icizere c’ubuzima.

Ikambi y’impunzi y’agateganyo ya Gashora yatanguye kwakira impunzi mu kwezi kwa gatanu umwaka w’2015, ubu imaze kwakira impunzi 605, abana 246 n’abagore 143,abayibamwo baba barindiriye kujanwa mw’ikambi ya Mahama.


IGIHE

Messages

  • Nezacane iterambere mubarundi bahungiye mu Rwanda rirabishe bageze murwego rwohejuru mwiterambere. Ama televisions mumazuyabo, ama computers mumazuyabo, amaterambere , abanyarwanda bafata abarundi bahungiye mugihugu cabo nkutuntutu tutazikoko!!!

  • bagira neza twebwe turi ngaha munkambi turabishima imana ibahezagire ariko turasavye abo bazungu babibarungikana baze baza twebwe tubabarire ingorane dufise kuko ivyo baturungikiye sivyo bidushikira hadushi 10% kuvyo baba baturungikiye murakoze.

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.