IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Général Major Prime NIYONGABO yadugijwe ipete

Général Major Prime NIYONGABO yadugijwe ipete

vendredi 1er Mukakaro 2016, par Egide NDUWIMANA

Général Major Prime NIYONGABO, umukuru w’ibiro bikuru vya gisirikare yadugijwe ipete kw’itegeko ry’umukuru w’igihugu ryo kuri uwu wa gatanu igenekerezo rya 1 Mukakaro 2016. Kuva kuri uwu wa gatanu, Prime NIYONGABO yashizwe kw’ipete rya Lieutenant Général.

JPEG - 86.6 ko
Lieutenant Général Prime NIYONGABO, umukuru w’ibiro bikuru vya gisirikare

Abandi badugijwe ipete muri iryo tegeko ry’umukuru w’igihugu, ni umukuru w’ibiro bikuru vy’iperereza, Général de Brigade Etienne NTAKARUTIMANA batazira Steve, yashizwe kw’ipete rya Général Major. Abandi bahawe iryo pete rya Général Major ni : Général de Brigade Joseph NDAYISHIMIYE SS 0071, hamwe na Général de Brigade Emmanuel MIBURO SS 0077.

Izindi ntwazangabo zitatu zahora kw’ipete rya Général de Brigade Commissionné zashizwe kw’ipete rya Général de Brigade. Abo nabo ni : Général de Brigade Commissionné Agricole NTIRAMPEBA SS 0423, Général de Brigade Commissionné Jean Paul HABIMANA SS0372, hamwe na Général de Brigade Commissionné Marius NGENDABANKA SS0244.


IGIHE

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.