IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > umutekano > Gihanga : Umunyagihugu yarashwe n’abacungera umukuru wa CNDD (...)

Gihanga : Umunyagihugu yarashwe n’abacungera umukuru wa CNDD FDD

lundi 16 Munyonyo 2015, par egide

Umunyagihugu azwi kw’izina ry’itazirano rya GASONGO niwe yagandaguwe arashwe mw’ijoro ryo ku munsi wa gatandatu. Umuporisi yamurashe yamwagirije ko yariko yurira uruhome rw’inzu y’umukuru w’umugambwe CNDD FDD i Gihanga, ibidahurizwako n’abanyagihugu.

GASONGO yahora ari umufundi w’amabombo yari umubanyi wa Paul Ndimurwanko, umukuru w’umugambwe CNDD FDD i Gihanga. Yadandaguwe n’abaporisi bacungera umutekano w’uwo mukuru w’umugambwe, mu giporisi i Gihanga bakamenyesha ko bariko yurira urugo rw’iyo ndongozi ya CNDD FDD. Mu giporisi bagiriza kandi GASONGO ko yasanganwe gerenade mu mufuko.

Abanyagihugu b’i Gihanga bamenyesha ko baheruka uwo GASONGO ariko arataha nk’igihe c’isaha zine z’ijoro, mu nyuma amasasu menshi aca arumvikana. Ababanyi b’uwo yagandaguwe bemeza ko ata bikorwa vy’ubugizi bwa nabi bamuziko, akaba yari umufundi w’amabombo.

Ikiziga ciwe cabonetse mu gatondo ko kuri uwu w’Imana, akaba yari yarashwe amasasu menshi. Agashavu kari kenshi mu banyagihugu babana na GASONGO, bakavuga ko badatahura urwo rupfu.


IGIHE

Messages

  • nibamanze barabe aho ico kiziga catowe bagasanga cari impande y’urugo rw’uwo mukuru w’umugambwe bizoba bigaragarako yari umugizi wa nabi.

  • Police yakoze akazi kayo. Iyo batamurasa yari kwisasira benshi uwo Gasongo Sindumuja.

  • Ibigugu birama gernade kugira uyitere wokurira inzuu kweli barek kubesha hari ibindi vyihishij yamwish munyuma amushiramwo gernade kuko nta nsiguro yoatanga

  • cndd fdd irimo ishira mu ngiro ivyo Nkurunziza na Reveriyano bivugiye vyo kwica umurundi umwumwe ivyo vyabaye kuri gasongo

  • tabarabara uburundi cnrd kuki abantu bashize muburundi mwebwe muri mubiki se bazaza barica bake Bose bahere bukebuke guma murya indya ziburayi kazikanyu kura amagambo mushire mubikorwa

  • Njye mbona abarwanya Nkurunziza huzuyemo abasazi(nkawawundi barasiye i Bujumbura yafunze ibarabara)Indaya (nka Maggy), Abanywarumoge(nka Audifax), abateramwaku (nka Pacifique) ukongeraho abandi bafite nostaligie yo gutsemba abahutu nkuko babikoze 72. Muri make bose ni abanyabyaha nka Gahini.

  • Uwo musingantahe ya gandaguwe nimba atagiye muwo mugabwe wabi canye, nti yomutebeje kumugandagura.abo ba porisi bahawe misiyo nuwo bagendanira, nticuvikana nimyaka bari babanye uyomusi niwo Gasongo yarabonye koyokwicirako, uwo mugabo wa DD uwo niwamugambi mubi bateguye wokumara abatabakurikiye.

  • JEWE MUGISHA MBONA KO GASONGO WISHWE AHOGWA UBUSA NUMVIRIJE IVYO ABANYAGIHUGU BAMUVUGAKO

  • NONE NTIWUMVA ABO B APOLISI KONABO ALAB CANYI AHUBWO L ETA NIBAHANE YISUNZE AMATEGEKO

  • Umugambikorawatanguye ? Abarundi, Turimpumyipe, Rabirekurigasongo, Jewendahojejeumuryangowabuze!!! Abasigayenamwegumemutwicatuzorabaamaherezoyanyu?Ukomutwicanikonamwemuzofa, Mwabadde mwe Imanirababona

  • Ark Twe Abarund Badufata Nk’ibijuju Nk’ivyo Vyagirizi Mwumva Bifis’umutwe N’amaguru? Iyo Gerenade Ah Ntitwaciy Twumva Neza Methode Yazananyemwo, Ark Nibakomeze Bice Ikosa Sibo Je Mbona Riva Kur Nya Mu Pasitori Wabo Ark 2 Nak N’abagabo Nabo Bazobibazwa.

  • Ukwica , ugutukana , ukwiba ,amabi yose abarundi batari bwabone ku mugaragaro tuyabonye ku ntwaro ya NKURUNZIZA. Nntwaro y’uwo muntu igereranywa ni ya wa mu Prisida wa OUGANDA yitwa IDI AMIN DADA . Uko yahejeje niko Nkurunziza Pierre azoheza IMANA yaramaze kumugaragaza .N’umwicanyi akomeye kandi nawe azopfa urwagashinyaguro nk’uko ariko abikorera abamuhaye icubahiro.Abo nabo bamushigikiye kumbure bazocika intege kugeza aho bazotahura ko ikibi ari kibi .Ingendo y’amacakubiri , inda ndende , kutagira ico wibanga , ubuhimbiri , umwina canke umunoho w’ivyisi, guta ubuntu , kwishira hejuru , gusenga ibigirwa mana nk’umugambwe eg CNDD FDD); canke umuntu ( eg; Nkurunziza),kwikwegerako, kuba intahanurwa canke intumva, guta imico kama , kutagira kirazira , kwitwaza igikenye , ingeno yo gucinyiza abandi, kurenga amabwirizwa y’igihugu n’amategeko, gusambura ubumwe bw’abarundi , kwitwaza ubwoko kugira ugumane vyanka vyakunda ubutegetsi bw’igitugu bikabije , ivyo vyose n’ibiri mu rutonde rw’ivyavuzwe bizogaragara mu misi ya nyuma y’ukubaho kw’isi.Nta gitangaje rero kubona umuntu w’ikinani nka Nkurunziza kuko abasa nawe baragwiriye ariko abanyakinyoma ntibazigera batsinda kandi n’aho batsinda bimara umwanya urume rumara.ABANYABUNTU NTABWO BAZOHERA NK’IFU Y’IMIJIRA ARIHENDA AHUBWO WE N’ABAMEZE NKAWE NIBO BAZOSHIRA NK’UKO YAVUZE.

  • Haaaa Vyose Namayobera Jewe Mbona Isi Igeze Kumusozo Ndi Mubuhungiro Inyarugusu Nasanze Gupfya Nihose Nahimana Gusa

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.