IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > umutekano > Gihosha : Umuntu atamenyekanye yatowe ikiziga

Gihosha : Umuntu atamenyekanye yatowe ikiziga

dimanche 10 Mukakaro 2016, par Egide NDUWIMANA

Ikiziga c’umuntu ataramenyekana catowe muri zone Gihosha, hafi y’ishure ryisumbuye rya Gikungu muri zone Gihosha, mu gisagara ca Bujumbura.

Amakuru atangwa n’abanyagihugu begereye ahatowe ico kiziga akavuga ko ico kiziga c’umuntu w’umugabo cazanwe n’imodoka itamenyekanye mw’ijoro ryo kuri uwu wa gatandatu, nk’igihe c’isaha zitandatu z’ijoro.

Iyo modoka ikaba yamutereye mu mufurege uri ahahurira ibarabara ryitiriwe uwa 28 Munyonyo hamwe n’ibarabara rija kw’ishure Kaminuza ryitiriwe umuco (Université Lumière de Bujumbura).

OP1 Pierre NKURIKIYE, umuvugizi w’igiporisi c’Uburundi amenyesha ko biboneka ko uwo muntu yishwe anizwe, kandi ko amatohoza yatanguye.


IGIHE

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.