IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Gitega: Icegera ca kabiri c’umukuru w’igihugu mu bikorwa vy’iterambere

Gitega: Icegera ca kabiri c’umukuru w’igihugu mu bikorwa vy’iterambere

lundi 21 Nzero 2013

Ku musi wa gatandatu igenekerezo rya 19 Nzero umwaka w’2013 , icegera ca kabiri c’umukuru w’igihugu Gervais Rufyikiri yarifatanije n’abanyagihugu bo ku mutumba Tankoma,mu ntara ya Gitega mu bikorwa rusangi ahariko harubakwa ishure kaminuza .

Abanyagihugu bo mu gisagara ca Gitega no mu micungararo yaco hamwe n’abavuka muri iyo ntara ariko baba ahandi bari bahuriye ku musozi wa Tankoma mu ntumbero yo kubandanya inyubako z’ishure kaminuza ririko ryubakwa kuri uyo mu musozi.

JPEG - 237.8 ko

Icegera ca kabiri c’umukuru w’igihugu akaba yabasanze ku kivi aho yifatanije nabo mu bikorwa vyo guseha umusenyi bawegereza aho hariko hubakwa iryo shure.Mwijambo ryiwe,Gervais Rufyikiri yasavye abari ngaho ko bokwitanga uko bashoboye kugirango iryo shure rihere kwubakwa hakiri kare kugira ngo ivyigwa bizotangure mu ntango z’umwaka w’2014.

Tubibutse ko iryo shure kaminuza rizoba rifise igisata cigisha ibijanye n’ubuhinga bwa none,igisata kijanye n’ivyo gutumatumanako,n’igisata kijanye n’uburimyi hamwe no kubika ibifungugwa.Ivyo rero ngo bikazotuma abanyeshure bahejeje kuri iryo shure bashobora kwishiriraho ubuzi no kubuha abandi.


Marie Claire Ingabire

Portfolio

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.