Accueil > Amakuru > umutekano > Gitega : Ikindi kiziga catowe
Gitega : Ikindi kiziga catowe
lundi 18 Ndamukiza 2016, par
Mu kiringo ca hafi indwi imwe gusa, ikiziga kigira gatatu c’umuntu catowe mu ntara ya Gitega mu gatondo ko kuri uwu wa mbere.
Ico kiziga ni ic’umunyagihugu azwi kw’izina rya Gaspard Habarugira, yavuka muri komine Bugenyuzi, intara ya Karusi, kikaba catowe mu gashamba, hafi y’itongo ry’abapfuye ry’abo mw’idini rya Islam riri muri komine Gitega, intara ya Gitega nyene.
Imbere y’ico kiziga, hari imiti, abanyagihugu baba hafi y’ahatowe ico kiziga bakibaza ko yoba yahitanwe n’ingwara yoba yagendana.
Uwo muntu yatowe ikiziga agize uwa gatatu mu minsi iri munsi y’indwi, muri iyo komine.
IGIHE
Messages
18 Ndamukiza 2016, 17:32, par LILI
AMATOHOZA ARACYAKOMEZA IBURUNDI
18 Ndamukiza 2016, 18:38, par Ndayishimiye Merthus
Nonekotumenyereyehakogw,amatohozakuruyonawentiyokogwa?
18 Ndamukiza 2016, 20:47, par Nyamagandika 444
Ivyobintu Biteye Amakenga , Ariko Byose Bizi Imana ; Imana Imwakir Mubwami Bwayo , Ikindi Bobaza Abiwabo Icamujanye Aho Igitega , Bakanafashya Umuryangowe Agahambanwa Iteka.