IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Gitega : Imiriro ya nyakanga yononye ibitari bike

Gitega : Imiriro ya nyakanga yononye ibitari bike

dimanche 8 Nyakanga 2013

Imiriro ya Nyakanga yari imaze iminsi itari mike mu ntara za Bururi na Gitega yarononye ibitari bike.

Mu ntara ya Gitega, amahegitari 300 na mirongo ine y’imikaratusi niyo yahitanwe niyo miriro, ku musozi CENE, komine Gitega, Itaba na Bugendana mu ntara ya Gitega.
Ku musozi Rubanzi, haraheze ukwezi kumwe gusa, amahegitari 40 niyo yari yahitanwe n’iyo miriro yiyadukiza cane cane mu gihe c’ici.

Ivyo bibanza vyose vyatewe n’imiriro, igahitana ibiti vy’imikaratusi n’amashamba cimeza yabaye agahombo kanini ku banyagihugu bahora bakoresha iyo mikaratusi mu gucana amakara hamwe no mu gihinguramwo imbaho baheza bagakoresha mu bwubatsi n’ibindi bikorwa. Ni agahombo rero kanini ku ntara ya Gitega yari isanzwe idafise ishamba cimeza.

Ivyo bitara vy’imikaratusi vyari vyatewe ku mfashanyo ya banki ya Afrika y’iterambere, imfashanyo yo gutera imikaratusi ku kibanza c’amahegitari ibihumbi bitatu n’amajana indwi na mirongo itanu n’indwi ku musozi CENE.


Egide Nduwimana

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.