IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > umutekano > Kinindo-Nyakabiga : Abasuma bategera abatashe baragisibije

Kinindo-Nyakabiga : Abasuma bategera abatashe baragisibije

jeudi 16 Gitugutu 2014

Haheze iminsi hibonekeza ubusuma bukorwa n’abantu bataramenyekana mu masaha yo mw’ijoro mu ma komine ya Nyakabiga na Kinindo. Abo basuma bategera abatashe bakabambura utwabo.

Mu Nyakabiga ya kabiri, abanyagihugu banywera ahasanzwe hazwi kw’izina rya Facebook kw’ibarabara ry’icenda bavuga ko hari abasuma bategera abatashe, abo nabo bakikinga umwijima usanzwe wibonekeza muri iyo komine kuva igihe c’isaha zine z’ijoro. Uwutashe inyuma y’ayo masha cane cane mu ma quartiers ya Nyakabiga ya mbere bahura n’abo basuma baba bariko biyerereza canke bikinze ahantu hatabona.

Eka no muri komine ya Kinindo ni nk’uko. Bamwe mu banyagihugu bo muri iyo komine bavuga ko hari abasuma bitwaje ibihiri n’imipanga basigaye bategera abantu. Mu Kibenga hakaba hari abategerewe barakwa ivyo bari bafise vyose, na cane cane amaterefone ngendanwa, imigufu y’agaciro, impeta zikozwe mu butare butandukanye kandi buzimvye, n’ibindi.

Kuri ivyo vyose bivugwa n’abo banyagihugu, ikinyamakuru IGIHE kikaba cagerageje kurondera mu giporisi ariko ntiturabaronka kugira batange umuco ku vyo urwo rwego rusanzwe rukingira abanyagihugu rwoba ruriko rurakora kugira hatuzwe ubwo busuma n’ugutegera abatashe mu makomine atandukanye y’igisagara ca Bujumbura. Niko kwuko kubajejwe intwaro baho ubwo busuma bwimonogoje. Tubandanya tubarondera.

Aristide Nizigire

Messages

  • Polisi ni yiyambike impuzu zisanzwe hama base nkabitembereza mwijoro barabe ko nabo bafatwa

  • Aho naho muzi.woraba ibibera aha mu kivoga urenganye aha mu carama;ni agahoma munwa.inyuma ya cumi na zibiri uri kw’ikinga,ku moto canke n amaguru nturengana.bakwaka vyose ugira amahirwe batagukase ijosi!najewe ubwanjebarahanyibiye imoto mundwiiheze.ikibabaje nuko igipirisi ataco kibivgako no gutabara ntibatabara.ikindi kibabajenuko aho hantu vyitwa ko haru abazamu bararira ibigazi vya savon nord,mugabo bagbagufatiye aho hantu ntanumwe agutabara naho wovuza induru y’ingande!birababaje.

Un message, un commentaire ?

ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.