IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Ubutungane > Hari abariko basaba indishi y’akababaro Mbonimpa

Hari abariko basaba indishi y’akababaro Mbonimpa

vendredi 4 Mukakaro 2014

Mu gihe Petero Karaveri Mbonimpa aheva asubira kurenguka mu butungane, hari na bamwe mu bavuga ko badenderejwe nawe bahava barenguka, kandi bakazoba bazanywe n’ugusaba indishi y’akababaro.

Petero Karaveri Mbonimpa akaba amaze igihe mw’ibohero rikuru rya Mpimba yagirizwa kuba yashatse guhungabanya umutekano mu gihugu no hanze yaco, mu kuvuga ko hari urwaruka rw’abarundi ruriko ruragirira imyimenyerezo ya gisirikare mu gihugu ca Repuburika iharanira intwaro rusangi ya Kongo. Amashirahamwe mpuzamakungu n’ayo mu Burundi, akaba yariyamirije iryo pfungwa ry’uyo asanzwe arongoye ishirahamwe riharanira agateka ka zina muntu n’akabanyororo APRODH.

Ku bw’umushingwamanza Armel Niyongere umwe mu basanzwe bamuburanira, asaba abacamaza baza gusasa mu rubanza rwa Mbonimpa rwo kuri uyu wa 5 igenekerezo rya 4 Mukakaro, kuza kwigenga vy’ukuri. Nayo mu mashirahamwe adaharanira inyungu za poritikeFORSC, bagasaba abanyagihugu bose babishoboye kuza gusidukana n’iyonka gushigikira Mbonimpa, kandi baze bambaye n’impuzu zifise ibara ry’urwatsi rubisi.


Aristide Nizigire

Messages

  • ahubwo kugaragaza komumukunda ntimwambare impizu gusa sa veret ahubwo nimugende mû âne mwibuye!!abarundi murazi guhendana Koko ngomuramukunda??

  • Abo nabasukanyi gusa,baramuhenze none bacanganyikiwe,ahubwo abo ntubarabona uwavuyemwo ijisho,canke uwo bameny’umunwa,kubera ukujebajeba kwiwe.bareke babandanye bazibonerako nkayimbwa yaboneye kwi barabara ry’ikaburimbi.

  • NKAHO UVUZE IKI KO ATA MBONERAKURE ZIRI MURI CONGO?????? MWESEE INTAMBARA ABA DD BAKWEGA IJE NTAWUZI UWUZOSIGARA ,,WEWE UHEJE E KUVUGA UBUSA ,,NTA SONI NKAHO EJO BUNDI UZOBA UMUKENEYE DD YAGUHINDUTSE ,,POLOTIKE NTUYIZERE ,,,IZERE UKURI...MWESE MURABIZI RINDIRA

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.