IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Hoba hari umugambi wo gusambura urunani FORSC

Hoba hari umugambi wo gusambura urunani FORSC

vendredi 13 Ntwarante 2015

Umukuru w’urunani rw’amashirahamwe ataho yegamiye mu vya poritike FORSC avuga ko hari abantu baherutse kumwigana ijwi, mu ntumbero yo kumucafuza n’ukumwambika ibara.

Umushingwamanza Vital Nshimirimana arongoye urunani FORSC avuga ko iryo rementanya kw’ijwi ryiwe ryatanguye mu mwaka uheze, mu kwezi kwa Ntwarante, aho hari ikiyago c’irementanya, cakozwe n’abantu, ariko ayaga n’umwigeme, mu ntumbero yo kumucafuza, n’ukumutera ubwoba, mu ibikorwa asanzwe arangura mu runani asanzwe arongoye. Ku wa 17 Munyonyo, bitavye inama umushikiranganji w’intwaro yo hagati mu gihugu Edouard Nduwimana, yari yatumiyemwo abari mu mashirahamwe ataho yegamiye mu vya poritike, aho ndetse bamwe nka Pacifique Nininahazwe arongoye FOCODE na Justine Nkurunziza arongoye COSOME bifatirwa mu gahanga n’umushikiranganji Nduwimana, amenyesha ko iryo jwi ry’irementanya nyne, ryaciye rirungikirwa abantu batandukanye kuri iryo genekerezo, harimwo bamwe mu baserukira ibihugu vyabo, abakora mu mashirahamwe mpuzamakungu atandukanye, abamenyeshamakuru n’abandi.

JPEG - 124.9 ko
Umushingwamanza Vital Nshimirimana arongoye urunani FORSC

Umukuru w’urunani FORSC ndetse akanavuga ko yigeze kuburirwa n’umwe mu bakozi bo mu biro vy’umukuru w’igihugu ko, iryo jwi ry’ikinyoma ryagira rishirwe kuri imwe mu maradiyo akorera ngaha mu Burundi, kugira iryo rementanya rigire inguvu, ariko uwo muntu arasukamwo mabisi, ndetse arahanuro ko ritokoreshwa. Vital Nshimirimana, akavuga ko minsi yose hagize igikorwa canke intererano batanze yaba ku biraba ubuzima bw’igihugu, iryo jwi ry’ikinyoma ryuzuye irementanya, rica risubira kuzunguruka, rikarungikirwa abantu batandukanye.

Umukuru w’urunani rw’amashirahamwe FORSC akavuga ko yanditse urwandiko ndetse rwashikiriye n’ikinyamakuru IGIHE, mu ntumbero yo kubamenyesha yaba abazi urwo runani, abanywanyi barwo hamwe n’abasanzwe bafashanya n’urwo runani, ko hari umugambi wo gusambura FORSC uriko urategurwa. Ariko akabandanya avuga ko kugeza ubu, yaba ico kinyoma canke iryo rementanya ariko aragirirwa, bidashobora kugira ico bihinduye mu rugamba batanguye n’abo bari kumwe mu mashirahamwe atandukanye ataho yegamiye mu vya poritike, mu kurwanira agateka ka zina muntu, ubutungane, intwaro rusangi na cane cane mu kurwanya ikiringo ca gatatu ca Petero Nkurunziza.


Aristide Nizigire

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.