IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Human Right Watch imenyesha ko abantu 148 aribo bahohotewe mu ntara (...)

Human Right Watch imenyesha ko abantu 148 aribo bahohotewe mu ntara zine

vendredi 7 Myandagaro 2015

Ishirahamwe ryitaho agateka ka zina muntu Human Right Watch rimenyesha ko hagati y’ukwezi kwa Ndamukiza na Mukakaro 2015,abantu 148 aribo bahagaritswe bidakurikije amategeko,mu ntara zine harimwo n’igisagara ca Bujumbura.

Mu cegeranyo c’ishirahamwe Human Right Watch,rimenyesha ko abakozi b’urwego rw’igendereza,abapolisi hamwe n’urwaruka rw’umugambwe uri ku butegetsi imbonerakure aribo bahagarika ahanini urwaruka ruri mu migambwe itavuga rumwe n’uwuri ku butegetsi babagiriza kuja mu mirwi y’abitwaje ibirwanisho.

Ico cegeranyo ca Human Right Watch kimenyesha kandi ko abafashwe bakubitwa,bagahohoterwa hakoreshejwe intsinga,inkoni zikomakomeye kugira babemeze ku nguvu ko bariko bitegurira kwinjira mu mirwi yitwaje ibirwanisho mu gihugu c’Urwanda.

Ico cegeranyo cerekana kandi ko abahagarikwa bamara igihe kinini mu gipolisi kandi amategeko atari ko abitegekanya.Human Right Watch imenyesha ko yabajije abafashwe bavuga ko bamara iminsi irenga indwi mu gipolisi kandi amategeko ategekanya ko uwufashwe amarayo iminsi itarenga indwi.


Van Naris Mugisha

Messages

  • Nkurunziza itwaro yagahotoro yaturambiye bisa abandi batware. ibonerakure zikora ububisha zitumwe na wewe. wigira agahambaye mugusesa amaraso ya barundi uzoyabazwa. abakurambere barayamze bat; ugutwi kw impene kwumva kwokejwe.

  • Iyo mburu ngo ni peter imenyeko igihugu atari itongo ryuwari se na nyina abarundi turi maso,ma twi,maguru,na mutwe.

  • aho nimurabe ico mwofasha mureke kuza muratubwira ibitigiri ivyohoho turaziko birega nakure murabe ukuntu mwofasha bene burundi bareke kuzirubusa kuberamada yabanye politike bi burundi

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.