IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Ibirwanisho mu banyagihugu batabifitiye uruhusha ntibirahera

Ibirwanisho mu banyagihugu batabifitiye uruhusha ntibirahera

samedi 22 Kigarama 2012

Ibigwanisho bicira umuriro biguma vyiha inkumbi uko bukeye uko bwije kuko biboneka neza yuko mu Burundi abanyagihugu babitunze batabifitiye uburenganzira ari benshi. Naho biri uko umugwi ujejwe gukura ibrwanisho mu banyagihugu ngo umaze kwakira ibirwanisho birenga ibihumbi 15.

Umugwi w’igihigu ujejwe gukura ibirwanisho mu banyagihugu umenyesha ko umaze kurangura ibitari bike muri ico gikorwa n’aho impinga ikiri ndende. Ibirwanisho birenga ibihumbi 15 ngo biramaze gusubizwa n’abanyagihugu. Ivyo ngo vyahora bikoreshwa mu bikorwa vy’ubusuma canke ubundi bugizi bwanabi. Uwo mugwi umenyeshako hariho n’abanyagihugu bahora babitunze kugira bikingire umutekano canke bakingire ubutunzi bw’abo.

Uwo mugwi usaba Reta gusubira guhimiriza abanyagihugu bakibitunze maze babisubize ku bushake bwabo. Aho ni mugihe ibirwanisho birenga ibihumbi 100 vyoba bikiri bu banyagihugu batabifitiye uruhusha kandi bikaba bidasiba kwiha inkumbi.

Mugwengezo Chovineau ari mu mugambwe UPD zigamibanga utavuga rumwe n’uwuri ku butegetsi avugako naho umugwi wigihugu ujejwe gukura ivyo bigwanisho mu banyagihugu umenyeshako igikogwa cagenze neza ngo ahubwo ntaco bakoze mugihe biguma binyuragiranwa mu banyagihugu. Ati iyo ni ingorane nini mugihe ibigwanisho bigera ku bihumbi 100 bikiri mubanyagihugu nayo ibigera ku bihumbi 15 gusa arivyo bimaze gusubizwa ngo vyerekana ko igikogwa kikiri kirekire kuko intumbero itashitsweko.

chovineau Mugwengezo agasabako izo nkoho zova mu banyagihugu nayo Reta igatunganya ukundi gusha ico gikogwa nayo abanyagihugu ngo bagahabwa inyigisho zikwiye kubijanye n’amabi ategwa n’ivyo bigwanisho bicira umuriro hakabaho inyigisho zukwigisha abrundi kuvavanura n’agatima kabi ,abarundi bakamenyako iyo umuntu mutabona kumwe ibijanye na politike ko adacaba umwansi. Ati abarundi nibakundane bareke kwama bicana kandi ari bamwe ahubwo bafanye kubaka igihugu.


Jean Marie Mayonga

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.