IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > umutekano > MONUSCO yemeza ko uwurongoye abarwanyi ba FNL yemeye kwishikana

MONUSCO yemeza ko uwurongoye abarwanyi ba FNL yemeye kwishikana

jeudi 8 Nzero 2015

Ibitero bimaze iminsi ku barwanyi ba FNL mu gihugu ca Repuburika iharanira intwaro rusangi ya Kongo, bigeze ku rugero rushimishije nk’uko bishikirizwa na Martin Kobler, aserukira ONU muri ico gihugu.

Mu kiganiro ku banditsi n’abamenyeshamakuru, umuvugizi wa MONUSCO (Mission de l’Organisation des Nations-Unies pour la Stabilisation en RDC) avuga ko bariko baromora yaba abarwanyi ba FDLR bo mu gihugu c’Urwanda, canke aba FNL ba Nzabampema Aloys b’i Burundi. Umuvugizi wa MONUSCO Charles-Antoine Bambara akaba yabariye abamenyeshamakuru ko hamaze gufatwa ingingo zikomeye za gisirikare zo gutuza iyo mirwi yose ihungabanya akarere k’ibiyaga Binini. Charles-Antoine Bambara abandanya avuga ko ashimishwa kugeza ubu n’igikorwa ca mbere caranguwe n’abasirikare ba MONUSCO bafashanije n’ab’igihugu ca Congo iharanira intwaro rusangi, mu gusambura amakambi y’abasirikare ba FNL.

Martin Kobler arongoye MONUSCO ( Mission de l’Organisation des Nations-Unies pour la Stabilisation en RDC)

Amenyesha ko ndetse amaze kuvugana na Aloys Nzabampema avuga ko ariwe arongoye abarwanyi ba FNL, aho wenyene yiyemereye gusubiza ibirwanisho, akishikana ku basirikare ba ONU. Charles-Antoine Bambara akaba yabariye ikinyamakuru mediacongo.net ko n’abandi bokwishikana, canke hagakoreshwa inguvu, mu kubaka ibirwanisho, canke mu kubatuza.

Mukamenya ko mw’ituzwa ry’iyo mirwi y’abarwanyi isanzwe ifise ibirindiro mu Buseruko bwa Congo, bamwe bamaze kwishikana, aha tukavuga nk’umukuru w’abarwanyi ba Force de Résistance Patriotique azwi kw’izina rya Justin Banaloki batazira Cobra Matata, ubu abarizwa i Kinshasa, aho arindiriye kuzoshikirizwa ubutungane ku vyaha vy’ubwicanyi yagirizwa.

Ariko rero General de Brigade Aloys Nzabampema akavuga ko atari vyo, ko we ari mu Rukoko mu Burundi, ko kandi batageza gushira ibirwanisho hasi we n’abarwanyi biwe, kuko batinya ko boca bashikirizwa Reta bariko bararwanya. Avuga ko bazoguma barwanya Reta ya CNDD FDD gushika ku kanyuma. Agasaba ahubwo ko Reta y’Uburundi yorekura abapfungwa bose ba poritike.


Aristide Nizigire

Messages

  • Hhhhhhhhooooooohhhhhhooooo,muzane atubwire neza impamvu araza abarundi rubunda

  • nibabatuze turabe ko agahengwe koboneka mukarere kandi bategeke leta yu Burundi batuze Milice IMBONERA KURE ZIGIZE KINANI MUBURUNDI AHO ZICA ZIGAKIZA .LETA CNDD FDD IBONA ATACO IVUGA.

    KANDI BAHANE ABAGIZE UBWICANYI NDENGERA BUTUNGANE MU BURUNDI .

  • Nabandi nibishikane, kuko amaherezo y’inzira ni mu nzu. Agathon wewe ubona atishikanye. Ariko rero abaramutswa igihugu ntibace batwaza agahahazo canke ngo bibazeko batsinze Rurayi, ahubwo bihutire kwibaza igituma ababashaka gurwanya ubutegetsi, bikubite agashi, bakosore utunenge tuhari. Kuko bitebe bitebuke barotwarura kandi Abarundi barobashimira canke babashire imbere y’intahe(tôt ou tard, ils devront rendre compte un jour.) Uburorero Hussein. Habré yahora atwara igihugu ca Tchad ari imbere y’urukiko rwa Afrika, umutama Buhari yigeze gutwara Nigeria, naho ashaje kandi akitswe n’amagara, abanyagihugu baratohoje uburyo abayeho basanga ntiyigeze yiba itunga ry’igihugu kandi yarikubikora, kuko ubu abayeho nkumunyagihugu asanzwe. Ubu Abanyanigeria benshi bamusavye ko yosubira kutegeka igihugu cabo, kuko uwuhari bamwagiriza amakosha menshi na canecane kunanirwa kurwanya umuhari w’iterabwoba.

  • ico mutazi ni umugambi mubi abanyaburaya bafitiye abanyafrika !!!!! Ubu abarundi twibagiye yuko uwo munyamerika kobler ari kwica abanyafrika,ari wa mugambi wabo wo kwica, gusahura abanyafrika, nkuko Clinton na leta yiwe babigenje mu kwicisha Ndadaye Melchior, Ntaryamira na habyarimana ? Ikindi tugomba kumenya nuko abao bazungu batagira urukundo , baragukoresha, bakagutonesha ,hageze ko bakwica barakwica kandi ugapfa nabi.

  • Mana garukira abarundi na karere.Aloys arishinye abarwanyi biwe nabo bazishikana?Izo mbonerakure zirindiriy MONESCO izihagurukire.

  • DD umwaka ugutaguriye nabi pe?zabampema wamurugitse kurondera rwasa?bibananira ingene mumusubiza mugisirikare ?muti wewe tuzoguha vyose zurahugabanya umutekakano uze uratwigishiriza imbonera kure ?none imbonerakure mwaraye muzikozeko!!!zabampema nawe agire yishikane abagwanyi barega 65 biwe barapfuye kandi harimwo nabasoda naba police !!!hinge bakwereke video yose yingene binjiye ingene babaho hanyuma turabe ingene uvyisigira ????sentare yabazugu ntugire ngo niyo yanyu ?onu yaraguheze ngo ntaco yabonye uca urashinyika amabwena ngo vyaheze!

  • He Nwari,uransekeje,nti utegereje ingufu za 0NU ko arizo zizotsindira FPL yanyu?kiretse umaze abarundi bagera 70% niho ivyo wiyumviramizobaho

  • Barundi, Nimumenye Ko Uburundi Butegeze Buronka Indongozi Zibushitse! Intwaro Za Cami Zarangwa Nukunyaga Ivya Barundi, Leta Za Républika Zaranzwe N’ugukumirana Bifatiye Kubwoko, Kuntara Hamwe Nakamwana Wa Mama Tutibagiye Ibiturire Nukutitwararika Ivyo Bategerezwa Gushika Nunomusi! Nubu Ntamahoro Tuzoronka Gushika Twikebuke!

  • nakaga mwa bagabomwe tekano i gwano yahahitiye murayibuka wucane muzowota igitangaje jembona kenshi ahava abo ariho hasinzikaye kurusha mwabana b’IMANA heba igwano uyitsinze kutazobu mu kuru wigihugu ata mashure ugira ntuzobukironka ningurube uja kuragira ndavuga simvura abana bacu baribakwiye kwitonda murakoze

  • mbega aho umukuru w’i gihugu yavugako uwuzotangira intambara ko izohera iwe iherere iwe, nimbeba zo munzu zironke, ntibumva? reka bawote/ bashaka babe nka barya bo mucibitoke? uwo mpanura yoza tukubaka igihugu biciye mumamatora/

  • @mwalimu wesha nimba ?utagwaye ivyowanditse bihuriyehe nivyo naditse

  • Ega Nubundi Kwari Uguta Wakuba!Mwishamba Se Avanyeyiki?Iyaguma Muhira Akorora Inkoko Ziba Zaragwiriye!Yitwa Nde?

  • EWEBANTU.MUSENGA.GUMAKUMAVI.NAYAHANDIHO.HAGIYEKUBABA

  • Ubwo ka MWARI we ntugwaye mumutwe??Ivyuvuga vyose ninkivyumuntu bahetse acuritse.Nari nabonye wakazivye nagira ngo uri mubo twahuye imugwi.ne kuvuza iparara gusa kutaje ngujimbere ngo ndakwereke inge bakata umutwe wumuntu?ba mureka gufyina nabana b,INKONA kuko INKONA ica ishavura cane.MWARI ndakeneye umutwe wiwawe

  • @sisi yoooo nduvakushavuye ndazi ko wagize imisi mikuru??jewe ninatera sindi nkizombonerakure zanyu???uvuze ngwi inkona ???yooooohiiiiiinkona erega nizomwaraye murashe ???uwuva inguvu arizihe??uvuze ngo ukeneye umutwe wiwanje heee??jewe iconkumpa,nobaza nkakwendamunyo kuko niho wokwuva??munyuma nkafata umutima nkakurya,harya ukindida ugira,puu puu ,munyuma nkatahana agahanga kawe nkakabika aho zokwama ndakwibuka ingene nakweze mumatwi ahantu hose ufise intoboro nobaza nkahamena@igihe niwe yantaguye mureke iciyumviro kiregane

  • jewe ndatangara ABO MUCIBITOKE BABAYE IKI?BARIHO RINDIRA GATO!!!!!! MBEGA IZOMBONERA KURE ZIHIGA GUCA IMITWE ABANTU .

    DUTEGEREZWA KUBATABARA BIGUMA CANKE VYOROHA . HAMA UKURI GUTSINDE .
    HAMA ABACA IMITWE ABANTU BAZOPFANE AGAHINDA ?HAMA BAPFE BICUZA ICO BABIGIRIYE . IMANA IBARINDE UBWICANYI.

  • Mwese uko muriko murishurana wogirango ntimwarezwe ariko ndabahanure tahure demokarasi maze mukurikize ivyo idusaba ariko karaciye ingani uwo bise nyamuragi ha gushira imbere amatora ashire imbere intambaro! Banyagihugu muramurabe neza mumugire nko mu Cibitoke

  • Sisi, yavuzeko abateye igihuguciwe nibirwanisho yobacimitwe atinuwitwa Nwari niyazoza nibirwanisho azomucumutwe, jewe kurivyo mbonatamintu gishasha yavuze kukoburya abantu bateye igihugu bicwanabicane turetse nokubacimitwe. Ariko uwitwa Nwari ibintu abwiye uwitwa SIsi nokubisubiramwo kubivuga biraremereye! Ngoyogira ibinibi agasubira akabugiraguti akongera agasubira oyanimuvyisomerenamwe!!!

  • saturana nimwaruha muzohagarika ariko mumenye ko amaherezo ari murupfu.

  • ko badashaka kutubwira ukuri ngo nabo bafash ngo nibiragi bibay nko mukameng abish aba bikira bafash umusanzi hari igih ukur kuzoja ahabona yoo...bazorira

  • Harico Nibaza?None Kugirango Aloyiz Nzabampema Afate Umwanzuro Wo Kuva Mugihugu Vyari Biturutse Kuki?

  • Erga.On.Niyo.Ibaha.Ibigwanisho.Yoheza.Igakoresha.Inguvu.Guute.Mukubibaka.

  • Erga.On.Niyo.Ibaha.Ibigwanisho.Yoheza.Igakoresha.Inguvu.Guute.Mukubibaka.

  • Ico Niyumvira Nukoboreka Intambara Kuko Ntahizodushikana

  • Ahubwonzabampemanumusazimumutwentakwije,wewemumugambwe,cndd,fdd,tukugereranyanikiziga,wewewogwananabandetwebwenamasaseyokurimwambutsaturacayafisewakijujuwe,ahubwoniwishikanehakirikare,usabesoimbabazi

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.