IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Ibiziga birenga 60 vy’abahitanywe n’imvura y’isegenya vyatowe

Ibiziga birenga 60 vy’abahitanywe n’imvura y’isegenya vyatowe

lundi 10 Ruhuhuma 2014

Imvura y’isegenya yaraye iguye, yahitanye abantu barenga 60 nk’uko bimwe mu biziga twavyiboneye, n’abandi bakaba babandanya gutorwa bamaze kwitaba Imana co kimwe n’abakomeretse, abahahamutse kubera iyo mvura yaguye abantu batanguye kuryama.

Nk’uko bamwe mu miryango yabuze babitwiganiye, bavuga ko iyo mvura yatanguye kurwa nk’igihe c’isaha zibiri z’ijoro, ariko amazi akaba yagiye guhitana abantu n’ibintu nk’inyuma y’isaha zine z’ijoro, mu gihe imiryango myinshi yari yamaze kuryama, bamwe bakavuga ko ayo mazi yabahwikiye bamaze gusinzira, aca aza arimwo amabuye menshi kandi manini manini.

Emmanuel Ndagijimana yabuze abana batanu

Emmanuel Ndagijimana, umwe mu bavyeyi baraye babuze abana kuri uyu w’Imana igenekerezo rya 9 Ruhuhuma, avuga ko iyo mvura yaje nk’agasema. Ndagijimana avuga ko ku bana batandatu yavyaranye n’umupfasoni wiwe ubu asigaranye umwana umwe w’imyaka icenda. Iyo mvura igihe yagwa nk’uko yavyiganiye ikinyamakuru IGIHE, avuga ko yagerageje guhungisha abana ariko biranka. Amenyesha ko yateruye abana babiri, umupfasoni wiwe aheka umwe aterura uwundi, ariko iyo mvura irabatwara, n’uwari mu mugongo w’amezi atandatu, iyo mvura ikaba yaramumuhekuye, aratwagwa n’amazi. Ivyo biziga bitanu, bakaba bagiye barabitora ahatandukanye. Bamwe mu bitavye Imana batorwa mu Gatunguru, abandi muma quartier ya komine Kamenge.

Gushika ku mutaga wo kuri uyu wa mbere, ibiziga bikaba vyaguma bitorwa umwe, aho usanga amazi ariko arakama. Muri iyo mvura nyene, hakaba hoba hitavye Imana n’abaporisi batatu bo ku kirindiro co mu Gasenyi nk’uko twabibwiwe n’abanyagihugu, vyongera biremezwa na bamwe mu baporisi twahasanze, aho bavuga ko iyo mvura yasituye ikirindiro, batatu bakaba boba baratwawe, baca baritaba Imana.
Abaporisi n’abasirikare b’igihugu bakaba bariko barafashanya n’abo mu mashirahamwe afasha imbabare gukura ibiziga mu mazu canke mu misozi. Amarira n’agahinda bikaba arivyo vyaranga abanyagihugu babuze ababo muri iyo mvura y’isegenya.

Saidi Juma umukuru w'igisagara ca Bujumbura

Umukuru w’igisagara ca Bujumbura yari aho habereye ako kaga, akaba yamenyesheje ko Reta iriko irita ku rutare, kugira bashobore gukura aboba bitavye Imana bakiri mu bibanza bitandukanye. Juma Saidi akaba yavuze ko ibitigiri vy’aboba bitavye Imana bitaramenyekana, ariko ko bariko barakorana n’amavuriro atandukanye yo mu gisagara ca Bujumbura, kugira ashobore kwitaho abantu bariko barajanwa ku bitaro boba bagihema, bakurikiranwe.

Bamwe mu bashikiranganji bagize Reta y’Uburundi bakaba nabo nyene bari bishikiye kuri ivyo bibanza bitandukanye vyaraye bihuye n’iyo ngorane y’imvura y’isegenya, bamwe mu bashingamateka n’abakenguzamateka, eka tukaba twanabonye na bamwe mu bahanuzi b’umukuru w’igihugu.

Bamwe bagize Reta y'Uburundi

Umushikiranganji w’umutekano Gaburiyeri Nizigama yari mubaje kugarukira kuri abo baraye bacitse amaboko, akaba yahojeje imiryango yabuze, ndetse aca amenyesha ko kubera ingorane z’ibibanza vy’uburuhukiro, abitavye Imana bose bahava bashinguranwa iteka kuri uyu wa mbere, igenekerezo rya 10 Ruhuhuma uyu mwaka, ndetse Reta ikaba ariyo ija gufata mu minwe ico kibazo, hamwe n’ukuriha amafaranga y’abariko bavurirwa ku bitaro bitandukanye.

Abanyagihugu bakaba basaba Reta kubagarukirako, kuko batagira aho bakika umusaya, eka kandi ntibagira n’impuzu zo kwambara co kimwe n’ivyo bafungura. Abana nabo, amakaye yaraye atwawe n’iyo mvura ubu ingorane kuri iyo miryango zikaba ari nyinshi, kandi zitandukanye.

Umurindi w'amazi uko waduga uja hejuru
Bimwe mu biziga vyari muri Sokaritiye

Aristide Nizigire

Messages

  • Birateye agahinda gose.Ico umwana w’umuntu ashoboye ni uguhoza ababuze ababo no guhoza abarundi bose kuko ni uburundi bwabuze ndetse ushobora gusanga harimwo n’abanyamahanga.Cette donc une perte pour l’humanité.
    Igikuru ngaha ni uko umuntu yovuga ko ibi vyose ari ingaruka mbi z’uburongozi bubi igihugu cacu gifise. Ntivyumvikana ingene abantu bategura ahubakwa ama quartiers mashasha cank amabarabara badateguye ingene amazi y’imvura azogenda. Iki ni ikintu gikomeye cane ariko sinzi ko ababijejwe boba baravyize cank ko boba babirenzako uruho rw’amazi. C’est très domage et c’est condamnable. hari hahez iminsi mike abanyagihugu bo mu Gatunguru basemerera bavuga ko amazi ava ahazubakwa Palais présidentiel bayabasunikiramwo akabononera amazu. None aho ntimwumva ko batarira busema!! Hakozwe iki kuva ico gihe?? Iyaba hari aho hambere ku ntwaro ya cami, uwo hejuru yaca yiha ubuki uravye ibiriko biraba(imvura yica abantu, imiriro mu masoko, inkuba ikubita abantu n’ibitungwa, inzara izura inzara: 73% d ela population bari mal nourris, Ubuurndi bukaba arico gihugu ca mbere muri Afrika yo munsi ya Sahara abanyagihugu bashonje). Ni ubugesera.

  • Nos penses et nos prières vont a toutes les familles qui ont perdus et aux peuples Burundais en générale

  • IVYO KIMANA AVUZE BIRAKWIYE RETA IRAKWIYE KU VYIGIRAKO AVUZE UKURI JEW NDAGUHAYE AMASHI YOGUSHIMA.

  • Ndahojeje abarundi bose babuze,n’IGIHUGU cose.kandi nkasaba ikigandaro cabene burundi.nkaba nsaba LETA yuko yofasha ababuze bose kandi igafasha nabo inzu zasenyuwe nimvura.Hama nkaba nsaba leta gutunganya igisagara cane cane ahantu hari non viabilisé ahantu abene gihugu bagiye barigurira.nkaba nsaba lete kubacira imigende yamazi namabarabara.nkaba nongeye gusaba leta yokwitabaza amakungu gufasha abantu bashikiwe niryago bose.ego muburundi harinza ariko nabene gihugu nibareke kurera amaboko baca umugani mukirundi ati Imana ifasha uwifashije.twese tuve hamwe dukore,dukorere igihugu catwibarutse na leta ntiyibagigwe abayo kuko nayo nyene igizwe na benegihugu.

  • Natangay binteranagahinda nanj. Kko jnazinduts ndavyibonera,arabapfuy,aramazu yasiduts,amamodokari amamoto yatwaw,nihatari. Koko nagasma kiyintwaro mbi turimwo. Ariko kizignza yobari ibuja?kukataj kwirabira naw hamangwahoz imiryango yabuz?emw ndabona perzida wacu afita impuhw nk?ibivyatwibukij umusi isoko yasha,numusi bicababantu mugatumba. "uwuri murushubi la fois passée,ngo Ubumwe bw’Isegenya!" asha twabonye significatio yavyo.

  • Ndahojeje ababuze ababo!
    Nizereko Nduwimana Édouard(mbona yari yahishikiye) atavuzeko ari Aba Maratiri barondewe!

  • Ndahojeje ababuze ababo nivyabo bose .Abantu nabo nibagumye akarimi bagenze nkabana b%Umukama,kimwe gu sa ndumva twokwifadikanya n’imiryango yabuze muburyo no mubisabisho.L’État nayo yoshinga umusi tukagandarira abo benewacu.Tugasaba ngo quelque soit la cause alors kaga ntikongere.

  • Nshimirimana solange

  • Bavandimwe, mwihangane cyane kubera ibyo byago. Imana ibabe hafi kandi yakire mu bwami bwayo abahitanywe n’iryo sanganya.

  • ndahojejeje uwo wese yahuye nivyago nkivyo.ahubwo leta nishinge ikigega gifasha vyihuta ngira ntawobura umutima wogufasha mwene wabo yahuye n’amakuba nkayo.ababuze abababon’ivyabo bihangane cane

  • mana mana fasha uburundi ubukingire ingorane nkizi zabushikiye ntiizizongere harageze aho babanyeporitike bakoressha ugwaruka mudafise akamaro babakoreshe batera ibiti bakingire inkukura

  • oooooooh mpare kk nik bigenda kur iyisi nuk mug iconobifuriz nukwihangana pole saaaanaaaa

  • Ndahojeje imiryango yose yabuze,barundi benewacu Imana irababona,ndanasavye leta ngo ishireho compte ngo tubagarukireko. guma irababona.

  • Barundi bene wacu, ibuka ivyashikiye Pharaoh igihe yanku kumvirimana. Ibuka Inkuba zimaze Imisi zica abantu, isi ntikimera, inzara, ingeara zivyorezo, umwuzure. Ejo Impfura zose zirapfa. Ivyo vyose biriko biba mubibona. Nkurunziza arindiriye ko Jonathan wiwe ashikigwa kugira atahiru ishavu ey’Imana.

  • nagahinda birabaje,twifatanyije nababuz ababo nivyabo.ariko ko vyamaze gushika mwihangane, dusengere igihugu nabakibamwo kuko naho biruko uhoraho ntaduhevyeamageragezwa nimeshi).

  • Ndahojeje imiryango yabuze ababo nivyabo lmana ibahekwihangana

  • Imana ibakire mubwami bwayo amen...iki nikimenyetso cerekana ko ijuru ariryabakene...kuberiki imvura ice muma cartier yabakene gusa????mwihangane imana igomba kubishura isezerano ryayo,shima imana kukibaye cose kuko ariyo izi ibikurikira

  • Imana ibakire mubwami bwayo amen...iki nikimenyetso cerekana ko ijuru ariryabakene...kuberiki imvura ice muma cartier yabakene gusa????mwihangane imana igomba kubishura isezerano ryayo,shima imana kukibaye cose kuko ariyo izi ibikurikira

  • ndahojeje ababoze ababo haligihe bizashira bibozo vyiyisi nitwashika iwacu mwijuru

  • Ndahojeje abo bantu bose bahuye n´ivyago . Ndagusavye Mana wama wumva amaborogo yabawe ndagusavye ngo ubabe hafi mu marira n´umubabaro barimwo.
    Ariko ivyo vyose n´ingaruka z´imvugo abategetsi bubu bafise kuko imvugo zabo zirimwo imivumo gusa, n´amajambo abarundi tutari tumenyereye, ehe raba namwe nta n´iminsi yarihaciye uwitwa ngo ni SE Barundi avugiye ku mboneshakure abwira abanyagihugu arongoye ko abarundi buca BUBAMA, ko bazotwarwa ni SEGENYA none raba ivyaraye bishitse, ikindi kivyerekana ntibasubire guhenda abantu ngo naba Pastor ngo nabaki , ahubwo bariko badusukamwo amashetani gusa, bariko barasuka ububasha bwa shetani mu gihugu cacu, Mana Nzima turagusavye udukize uwo mubisha yateye Uburundi bwacu, dukize uwo mubi , mutembagarize mu nyenga itazima, urazi neza ko Sekibi ataciza aronderera abana bawe agomba kubahereza mu cobo, urabona Mana nzima ngibi biratanguye , turagusavye umwomore, umurandurane n´abiwe bose ubutakigaruka kumara abana bawe. Mana Nzima jewe ndazi ko uri Imana yumva kandi yishura, turabigusavye dushimitse kandi uzobikora kuko wama wadukoreye vyinshi ibi sivyo bizokunanira kuko uri IMANA NZIMA, IMANA Y´ICUBAHIRO. Amen

  • Ndahojeje abarundi bose bene wacu babuze ababo, nongera ndabasabira ngo Imana ibahe ukwihangana muri bino bihe bitoroshe! Aha kw’isi twese turi ingenzi.

  • Icambere nagomba nihanganishe imiryango yabuze,hama ndahojeje uburundi na abarundi ubwivyago vyabaye.mboneyeho guter’akamo leta hamwe namashirahamwe ajejwe gutabara imbabare,kobatofata minegwe ibi vyago vyabaye,bite kubabuze nokubwuburaro bwabasamburiw amazu.hama ndibukije abasenga bose uko umw-umwe wese ukwashoboye ko yofata akanya ko gusenger’uburundi,tukaraba kw’imana yogir’icikoze.murakoze

  • Jewe ndababaye bimwe vyahatari, arikoreka nidananize mpoze ababuze boze.
    Ariko irihindagurika ryibihe vyabaye ndase mbereriteye ubwoba, igihugu kibanyi cu Rwanda na Tanzania imvura iherutse kuduhekura rabamu Burundinaho turahekuwe mubihugu vya Buraya nishano America numvango ntibagisohoka kubera imbeho idasanzwe, Astralia isuba riherutseyo ngo warotsa inya zigasha, harigihugu mperutse kwumva abantubishwe nimbeho bifatikanije ngo nivyobita snow.

  • Ndagushikira iwyo wavuze,ahubwo barundi, mbarunkanzi.nimukure,amaboko mumpunzu.wiyamanze,ibiriko birandushikira,Birakomeye.umuntu,apfa rimwe nta pfa kabiri nimuze ndukorere imana ntureke ngukorera ibigirwamana. Ntutigizenkana ibiriko birakorwa,Mu Burundi twese nturabibona.ubu nti murabe ibihano imana iriko iranduha. Ikimbaje nuko hangenda ambandakwiye,ndungeda kandi hanguruka ndusenge imana ntiyimbagira,abambo.

  • Mana mushobora vyose, turagusavyeuhoze wongere ushumbushe abakozwekon iyiyimvura.turabona ko ar inkebuzo no kugabishwa uwanyuma, muze rero duhinduke kuko Ibibintu ntavyari bwashike muburundi

  • Nukuri birambabaje cane,umubabaro nimwishi kumutima

  • Mana turagusavye urengere ivyaha dukora utugirire ikigongwe,ntitube nko kuri Nowa,Ababuze mwihangane.Imana ntakosa ikora,satani niwe adukorera amabi!

  • Aaron Nduwayo muri Canada jewe ndababajwe cane nivyashikiye bene wacu mwijoro ryo kuwa mungu ndahojeje bene data ababuze igihe navyumva nakubiswe ninkuba ndabura ico mfata nico deka

  • Imana ibashire mukibanza yabateguriye dukomeze amasengesho dusengere igihugu cacu

  • Ndahojeje abantu baburiye ababo nivyabo mur ikikiza,imana nyen imbabazi,iremeshe aba bihebuye ibashumbushe.Ndashigikiye iciyumviro ko leta yoshiraho ikigega,kugira umuntu aterere icafise,ariko kandi ikibonetse gishikire izo mbabare.

  • Utwigishe guharura imisi yacu uburyobutuma dutunga imitima yubwengezaburi90:12

  • Pole abarundi bene wacu... ariko nta morgue mugira??? ko mbona imirambo irihanze....

  • MU NTARA YA BUJUMBURA RURAL TWABWIWE ISEGENYA RY’UBUMWE BWABARUNDI ITARIKI 5 ZUKWAKABIRI, NONE ISEGENYA IRADUHITANYE BASHA INYUMA Y’IMISI INE, KANDI KUMUSI WA MUNGU.

  • Ababuze ababo tubahaye pole cyane, nimwihangane mwisi niko bimera, Leta nifashe abo basigaye badafite aho kuba,

  • Mbe vyoba ari ibimenyetso vy’ibihe? Imana ni yo ibizi. Ariko dushiremwo ubwitonzi bwinshi mugushishoza kuri ivyo bintu. Seulement ico nzi, n’uko tubaho canke dupfa tuguma turi ab’Imana. Hamwe ivyo bintu vyoba biva kuri bamwe muri twebwe, twoba tugowe tutisubiyeko. Hamwe naho vyoba biva kukindi kintu, tuninahaze Imana Yo Muremyi wacu n’Indavyi yacu. Ico nzi n’uko ubuzima bwacu ari yo Ibugenza. Uwufise amatwi yo kwumva ni yumve ariko akoreshe neza agatima mpanuzi kiwe.

    Mana Nzima, duhe amaso y’umutima kugira ngo dutahure ivyo binyegezwa. Amen.

  • ndahojeje imiryango yosi yabuze ababo nivyabo,umwakuheze amasoko yarahiye,uyumwaka naho imvura yishabantu,Leta niyisuzume kandi yisubireko,abantu batobato bo twihangane!

  • nukuri ndababajwe nikiza cashikiye uburundi nabarundi b0se ndah0jeje imiryag0 yabuzeb0 imana bakiremubwamibway0 nkeshimana jh0ne arimbiya

  • Nikuri b’irababaje aribo, mungu awaweke maali pema

  • Poleni sana nduguzangu warundi mlio fiwa hamja kosa pekeenu ila tumekosa sote warundi. Basi tufuteni machozi nimpango wake Mungu aliopangilia mda mrefu. Mungu ndie anaetowa pia ndie anaetwaa , polenisana Mungu awalaze mahali pema Amen.

  • Pole sana kwa walio kutwa na musiba na Mungu ayilaze mioyo yawo mahali pema peponi.Amen

  • Ndahojeje,imiryangoyabunimwihanganetubandanyedusabira,abobitavyimana

  • Nukuribirababaj,arikonukwihangana,dusabire,abitavyImanakugirango ibakire,polesanakubarokotse mwihangane

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.