IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Igisata c’umuyagankuba cugururiwe abanyamitahe bikorera ivyabo

Igisata c’umuyagankuba cugururiwe abanyamitahe bikorera ivyabo

mercredi 25 Ntwarante 2015, par Egide N

Inama nkenguzamateka y’Uburundi yemeje itegeko ritanga uburenganzira ku banyamitahe bigenga bwo gukorera mu gisata c’umuyagankuba mu Burundi.

Umushikiranganji w’ubutare n’agataka Come Manirakiza, niwe yari yagiye, kuri uwu wa kabiri, gusigurira abakenguzamateka ibiri mu nteguro y’itegeko ritanga uburenganzira ku banyamitahe bikorera ivyabo, bwo gushira imitahe yabo mu gisata c’umuyagankuba mu Burundi, yamenyesheje ko ubukene bw’umuyagankuba bwibonekeza cane, kandi ko Reta yonyene idashobora gutora umuti w’ico kibazo, ari naco gituma yafashe ingingo yo kwugururira ico gisata abikorera utwabo kugira bafashe Reta kurwiza umuyagankuba.
Umushikiranganji Come Manirakiza akaba yizera ko abarwizatunga bazokerera muri ico gisata bazoba benshi, yaba abarundi canke abanyamahanga.

JPEG - 32.9 ko
Come Manirakiza, umushikiranganji w’ubutare n’agataka

Mu bibazo abakenguzamateka bagiye baragaruka, twobabwira nk’amakenga y’uko abo banyamitahe bashobora gukoresha ibikoresho bitajanye, bigashobora gukwega amasanganya. Umushikiranganji Come Manirakiza yasiguriye abakenguzamateka ko hari ishirahamwe ata kindi rishinzwe atari ugukurikirana ko ibikoresho bikoreshwa vyubahiriza amategeko, akamenyesha kandi n’abo banyamitahe badashobora kwihomvya isoko mu guca kubiri n’amategeko.

Ku bijanye n’ikibazo c’ukumenya igihe ikurakuranwa mu kuronka umuyagankuba (Délestage) rizohera, umushikiranganji w’ubutare n’agataka, Come Manirakiza yishuye ko atabona neza ryari iryo kurakuranwa rizoherera, kuko amamashini atanga umuyagankuba mu gusahiriza, akoreshwa muri kino gihe, bigoye ingene yokwongerezwa kubera azimvye cane.

Abakenguzamateka 33 bari bahari bose mu nama nkenguzamateka bakaba bameje ijana kw’ijana iryo tegeko ritanga uburenganzira ku banyamitahe bigenga bwo gukorera mu gisata c’umuyagankuba mu Burundi.


Egide Nduwimana

Messages

  • Ivyo nivyiza nakare kugirta igihugu giterimbere abanyamitahe baroroherzwa mugabo ntabe urugushaka kuronka ivyo mubakurako mubironse hanyuma ngo vyabananiye ni muborohereze murabe ingene Uburundi babugwiza mwamatara Ntimube bandarisizaho imvugo ibingiro murakoze

  • nimba mutazi ikizobima amajwi nico.ikindi kibitomora nuko ubazwa ikibazo cingene ingorane zukubura umuyagankuba cohera ngo ntuzi , none wewe mushikirangaji umaze iki ujejwe iki ? na reta yawe , ubu kumwisho mozorondera agahembo ataco mwamaze? ntwama tuvuga ntakindi ataruguheza izontebe ngo mwemeje ivyo mwemeza bitazopfa bibaye .kandi izo délestage zanyu zirimwo nakarenganyo ngirango gafatiye kugihagararo canke igitsure hariho ama quartier amwe amwe mubonera nkayo mubumanuko bwigisagara niyo muyabahaye muba mufise mission yukubaturirira ibintu kuko façon muyatangamwo biragaragara ko bitifashe neza

  • sha vyabananiye gutwara reka guheza nutwari dusigaye ngo muriko mushinga amategeko ataho azotugeza imyaka nimyishi muvyiyibukishije muteba.tumaze igihe kirekire turi mumwijima mwarakoze twarabonye , ese iyaba mwagira délestage ikiriri niho ikibazo bogitorera inyishu nayahandiho nimwihereze umwanya abanyagihugu turabarushe sitwe tuzobona amatora arageze tubikureko nimba mutazoya twiba birahaye bigaragara. mana dufashe uduhe umu yagankuba ukureho buno butegetsi bubi

  • singishaka nokubumva ayo tubonye kubera mwebwe kinanira, kibenga kanyosha umengo nitwe twacumuye , mukuyaduha barayaturika umengo nibinyoteri vyumuduga akarenganyo nimwe mwakazanye ntaco reka twihangane nakanya gato

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.