IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Amashuri > Igitigiri c’abigeme baja mu mashure kiracari gito

Igitigiri c’abigeme baja mu mashure kiracari gito

samedi 28 Nyakanga 2013

Inyigisho ku bigeme mu Burundi ziracari kure ugereranije n’abahungu. Ivyo biharuro vyerekanywe kuva hafashwe ingingo yo kwigisha abana ku buntu kuva mu mwaka w’2005 biremeza neza ko abakobwa batiga amashure ku rugero rumwe n’abahungu. Mu mwaka w’2011 ushira uw’2012, mu mashure y’intango, ku bana bakwije imyaka yo gutangura ishure, ibice 93 kw’ijana ni abigeme mu gihe 96,8 ari abahungu.

Abana b’abigeme bafise imyaka yo gutangura ishure, ibice 75,8 kw’ijana batangura mu mwaka wa mbere ku bice 82 vy’abahungu. Mu mashure yisumbuye, ivyo bice vy’abaja mu mashure birakoroka ku bice 18,4 ku bigeme. Ibice 18,2 kw’ijana vy’abakobwa nibo bashika mu gice ca mbere c’amashure yisumbuye, kuri 27,8 vy’abahungu. Hageze mu gice ca nyuma c’amashure yisumbuye, ivyo bice bica bija kuri 4,9 ku bigeme hamwe n’ibice 13,7 ku bahungu.

Ivyo biharuro birerekana ubwo budasa neza mu mashure. Kugira ukwo kutangana kuhave rero, ibintu nyamukuru bikwiye gukorwa, nk’uko bivugwa n’umurwi w’urunani rw’abigisha b’abarundi muri Afrika (section burundaise des éducatrices africaines), abana bose boronswa inyigisho kandi bagahabwa ubushobozi mu nyigisho bahabwa, kuko iyo umwigeme agiye mw’ishure bifise akamaro kanini muri kazoza kiwe.

Ariko rero nabo bigeme usanga baragiye mu mashure akenshi ntibagumayo, baca bayaheba. Mu gihe mu gihugu c’Uburundi biboneka ko abagabo aribo bafise ijambo n’ubushobozi, bica bituma abakenyezi batagira ubwigenge bukwiye. Hari abavyeyi bacibaza ko ikibanza c’ abigeme ari muhira, gusenya, kuvoma. Abana b’abakobwa bamwe bamwe ugasanga ntibajanwa mu mashure, aho ndetse usanga baca barongorwa bakiri bato cane.

Inda z’ishushu mu mashure si agaseseshwarumuri mu mashure mato, ivyo bikerekanwa n’ibitigiri bigera ku 484 vy’abigeme batwara inda mu mashure yisumbuye mu mwaka w’2011 ushira uw’2012. Ariko rero, naho vyemewe ko umwigeme yavyaye ashobora gusubira kw’ishure, ni gake abo banyeshure basubira kwiga kuko mbere akenshi usanga imiryango yabo idasubira kubafasha, yaba uwo mwigeme canke uwo mwana aba yavyaye.

Abigeme bakwiye guhimirizwa kwijukira amashure kugira bategure kazoza kabo n’ak’igihugu. Abayatanguye nabo, bokwirinda kuyacira hagati, bakamenya ko nabo bashoboye, ko bashobora kuba incabwenge nk’abahungu, canke mbere bakanabarusha.


Floxella Karire

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.