IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Intwaro ibereye > Igiturire kirazingamitse igisata co kwimba ubutare mu Burundi

Igiturire kirazingamitse igisata co kwimba ubutare mu Burundi

jeudi 28 Myandagaro 2014

Uruganda rwari rwatunganijwe n’ishirahamwe ryishinze kurwanya igiturire n’abanyonyeza amatungo ya Reta rujanye n’inyigisho hamwe no kuganira ku vyerekeye umuco mu gisata co kwimba ubutare, rwarangiye bemeranije gukora ibishoboka vyose kugira habeho ishirwa mu ngiro ry’umugambi ITIE .

Imwe mu ntumbero y’ivyo bikorwa vyari bimaze iminsi itatu, nk’uko vyamenyeshejwe na Prudent Bararunyeretse icegera c’umukuru wa Olucome , igihe yariko yugurura ivyo bikorwa, kwari uguhimiriza abasanzwe bakorera muri ico gisata bose gukurikiranira hagufi, ivyo kwimba ubutare mu Burundi, hamwe n’amafranga ava muri ico gisata iyo ajanwa . Vyagaragaye ko mu Burundi ubutare bugurishwa mu kinyegero budakurikije amategeko, ugasanga butungisha akarwi kamwe k’abantu kandi yaba ico gisata abakirimwo bokorera mu muco, coshobora kwungura ubutunzi bw’igihugu.

Ku munsi ugira gatatu w’urwo ruganda, igenekerezo rya 27 Myandagaro, abahinga bari bitavye ivyo bikorwa bavuye mu bihugu bitatu Congo Brazzaville, Tanzanie hamwe na Republika iharanira intwaro rusangi ya Congo, bahanahanye ivyiyumviro n’abari bagwitavye uko ibintu vyifashe mw’ishirwa mu ngiro ry’umugambi ITIE mu bihugu vyabo. Mu nyuma abari bitavye urwo ruganda bafashe akanya ko kuja mu mirwi baraserangurira hamwe ingorane zituma ivyo gucukura ubutare bikorerwa ku mugaragaro, hamwe n’icokorwa kugira ibintu bihinduke. Ugushaka guke kwa Reta , ukudahana , nta muco muri ico gisata , igiturire cariraye kigatuma ibintu bidahinduka na none, nta biganiro bihari hagati y’abo bose bakorera muri ico gisata , hamwe n’ibihangange bitari bike usanga bifise umwimbu utari muke n’ibindi n’ibindi.

Tubamenyeshe ko uwo mugambi ITIE uhuza ibihugu ,amashirahamwe adaharanira ivyicaro vya poritike ,abanyamitahe hamwe n’amashirahamwe mpuzamakungu, kugira igihugu cemererwa kujamwo amareta harivyo asabwa . Ishirwa mu ngiro ry’uwo mugambi rikaba riherekezwa n’ibikorwa bitari bike na cane cane ko igihugu cemeye gica gishira ku mugaragaro umwimbu uva mu kwimbura ubutare hamwe n’amafranga arihwa n’ayo mashirahamwe yo kwimba ubutare. Mw’ishirahamwe Olucome bakabona ko uwo mugambi ari kimwe mu nyishu yotuma haba umuco mu vyo kwimba ubutare mu Burundi.


Aristide Nizigire

Messages

  • Yemwe karashize ingana abanyonyezi bononere uburundi abategetsi barore nutwo ikigega ca reta coronka bagaca bakevya .Mana tabara uburundi hamwe nabakunda abarundi

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.