IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Ikiganiro c’abamenyeshamakuru b’abarundi bahungiye mu Rwanda

Ikiganiro c’abamenyeshamakuru b’abarundi bahungiye mu Rwanda

jeudi 25 Ruheshi 2015

Inyuma y’aho amwe mu maradiyo yigenga atuririwe, ayandi akagabwako ibitero, abamenyeshamakuru batandukanye baciye bahunga igihugu, baja mu bihugu bitandukanye.

Abamenyeshamakuru bari mu gihugu c’Urwanda, igihugu gisanzwe gihana urubibe n’Uburundi ndetse kimwe mu cakiriye impunzi hafi ibihumbi 40 kuva hatanguye kuvugwa ukwitoza ubwa gatatu kw’umukuru w’igihugu, bakaba batunganije ikiganiro kidasanzwe, ico naco kikakaba caciye ku maradiyo atandatu y’Urwanda, amaradiyo yumvikana no mu bice bitandukanye vy’igihugu c’Uburundi, na cane cane mu ntara zo mu Buraruko. Intumbero y’abo bamenyeshamakuru, bavuga ko ari uguha amakuru abarundi, muri iki gihe amaradiyo yigenga yasambuwe, akanabuzwa gukora.

Kuri uyu wa kabiri, igenekerezo rya 24 Ruheshi, ico kiganiro kikaba ariho catangura ubwa mberea, muri studio za Radiyo Isango Star yo mu Rwanda. Muri ico kigairo, c’isaha yose mu rurimi rw’ikirundi, kikaba cabaye ikibiriraho, ndetse kiranasubirwamwo mu ntumbero yo kumenyesha abarundi bahungiye muri ico gihugu uko vyifashe iyo baje bava.

JPEG - 19.2 ko
Patrick Nduwimana, umuyobozi wa Bonesha FM

Ku bwa Patrick Nduwimana, umuyobozi wa Bonesha FM, akaba ndetse n’umwe mu bari bahagarariye ico kiganiro, yavuze ko kuba ico kiganiro cari gitunganijwe neza, bose bahawe ijambo, yaba abari muri CENI, umugambwe CNDD FDD hamwe n’abatavuga rumwe na Reta. Patrick Nduwimana ati :’’ Twashatse kwerekana ko naho twabaye bwirukweko, tugata ivyacu, turi aha, kandi turacariho’’.

Twobamenyesha ko abamenyeshamakuru barenga 40, aribo bahungiye muri ico gihugu c’Urwanda.


IGIHE

Messages

  • BANDANYA MWIHANGANA NTAMVURIDAHITA NATWABAKIRH MUBURUNDI TUMEZE NKABARI MUGASHO KUKO TUTABUMVIRIZA AMAKURU ATOMOYE KUKO AMAKURUTWUMVA NIBIHUHA GUSA MUGIHE RADIO ERPA NA BONESHA NA ISANGANIRO NA LESAMSE ARIZO ZADUHA AMAKURU YOKWIZERA ARIKO NIMUREME NTAMVURIDAHITA

  • gerageza zaradiyo munwa zotuma duhunga

  • AHO NI SAWA VYEREKANA KO MUKUNDA IGIHUGU CANYU....ARIKO VYIZA MWOGARUKA MUKAGIKORERA SAWA SAWA KUKO IGIHUGU NI CANYU NI ICACU...MBEGA AHO MUHUNGA NUKO MUFISE IYO MUJA....TWEBWE RERO NTAMARASO TUVA KO ABARI I BURUNDI ARIBO BENSHI PAR RAPPORT YABAHUNZE VYIZA RERO MWOTAHA MU GIHUGU CANYU CAMAVUKIRO TUKUBAKA IGIHUGU CACU CANKE MUHITEMWO MWIBERE ABANYARWANDA UBONA KO BENSHI BAVUKIYE INO.

  • Mwakoze ikintu ciza ubona iyo kinyuzwa no kuyandi maradiyo yumvikanira kure ngo natwe turi USA,Austraria,Canada nahandi tukacumva!? erega natwe turacari abarundi kandi dutegerezwa kumenya ibiri kubera iwacu na canecane iyo biri kuvugwa nabahari canke bahegereye.Murakoze

  • Mbe abo bamenyesha makuru bahunz nabahutu cnk nabatutsi?mb nukuberiki babanj guturira rema fm kuberiki bataherey ku RPA duharabir neza nabamenyesha makuru bariyorobeka muvya politik mb irya radio rpa abamenyesha makur bwar ubwoko bumw mb serg yagiy heh?twaramukunda nn nukuberiki abo bamenyash makuru badahungira mur tanzanie bagum baja mu rwanda turabe neza

  • NIMUKUMBURE MUTAHE MUZE KWUBAKA IGIHUGU CANYU

  • Mwodutabara iyo radio ikumvikana muri sud y’uburundi naho. Murakoze hanyuma Imana ibazigame. Natwe kuri terrain turi maso.

  • nibigumire iyo mubuhunguro gusa umusi tutazi uburundi buzoronka amahoro umwe wese atahuke

  • mwebw sana kuko mwaratuguyeko abarundi bandanya mudutohoreza

  • EGO NIVYO MBEGAHO BATAJAYO BASE SIYO BARI?NIBAGARUKE NYABUNA TUJE MUMATORA TWITORERADUTWARA ATARARAHO NABONYE BOBA BAKINA POLITK ATABABIZ.NGOBAKUNDIGIHUGU GT?KANDI<>UMUGABONYAMUGABO BOBA BAZICAKORA?NTARUSAKU AKORERAKO.

  • nimwishinyire amenyo mwanike ngo hahunga abatutsi.

  • none kubwanyu mugiye gukora iki?mbega mwoba mugiy kugurura radio nshasha yabarundi hiyo mu rwanda kugirango abarundi bagume bakwirikirana ibiba muburundi?

  • NDABATEY INTEGE NI MWE BASHINGAMATEKA DUSIGARANYE IRYO JWI RYANYU RIZ RISHIKE KURE

  • Nibahunge kanatsinda nibo barukweze batumenyesha amakuru aducanishamwo twebwe abarundi.none ko bahunze bavuga ngo bariko bashakisha amahoro na gateka k’abarundi bakaba basize badutaye?ahubwo nibamureke Nkurunziza yitwarire igihugu kuko ntushobora gutwara igihugu ufita ubwoba muri poritike.

  • Numvirije nduwimana ibintu avuga namba abikura hehe,vyanyobeye batahe bubake nanyu mubomora, mwebwe namba hari ivyo mwubatse ntimugomba muvyisamburireko nk’intungwa? Wewe nawe urumwe muribo,manyina nimwigumire iyo mukwabahenda yibaza ko ntamaso mugira canke amatwi yo kumva? Nabandi baracagenda mudahevye iyo nzira mwihaye kuberiki ubita abarundi? Ukabica uziko arabarundi? None ntimwashatse kukibamwo mwenyene,ariko ntibizobakundira, alshababu namba yarinjiye ibura kudahera kubategetsi bakurubakuru nayo yabuze ubwenge.Impongo ihotora abahigi bayihiga namwe abo mudashaka ko babaho,bazobaho kandi intwaro zihinduke bagaruke babatware nanyu harigihe mubona ivyo mukora karivyo vyiza ejo nivyakugarukira niho uzomenya ko vyari bibi UKUBAHO K’UMUSWI NTABWO ARI IMPUHWE Z’AGACA!

  • Muntu ukivuga umututsi canke umuhutu ntaho bizodushikana.

  • Nos Chers Journalistes Nous Vous Soutenons Dans Votre Combat Pour La Liberte D,expression,pilier De La Democratie.Le Combat Pourrait Etre Long,ne Vous Lassé Jamais.Que L,emprisonnement De Mandela Pdt 27ans puisse vous inspirer,

  • Ndabateyintege Turikumwenamwe Kanditurabasengera Komezurugendo Turikumwe Hama Ntanvuridahita Buzoca Kandi Ingomidashira nagahangakimbwa Ndabateyintege Turikumwenamwe Kanditurabasengera Komezurugendo Turikumwe Hama Ntanvuridahita Buzoca Kandi Ingomidashira nagahangakimbwa Courrage

  • Koko mwari mukwiye gushima IMANA ko yabikoze mugahashika,kuko hariho bamwe muri benshi aha muriko murerekana ibi,boba batashoboye gucika mu bizara ivy’aba na bariya.dusenge:"IN GOD WE TRUST"

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.