IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Urunani RANAC rwabujijwe gutanga ikiganiro kw’iyibwa ry’amatora ririko (...)

Urunani RANAC rwabujijwe gutanga ikiganiro kw’iyibwa ry’amatora ririko rikorwa na CENI

jeudi 12 Ntwarante 2015

Urugi rwinjira mu kigo c’abamenyeshamakuru rwazindutse rwugarijwe n’abaporisi kubera ikiganiro c’imigambwe ihurikiye mu runani RANAC cagira kihabere. Karori NDITIJE umwe mu baribateguye ico kiganiro avuga ko Reta iriko ihonyanga amasezerano yo gutegura amatora yituze bise "Charte de la non violence".

Karori NDITIJE ashitse ku bw’injiriro bw’ikigo c’abamenyeshamakuru yabubijwe kwinjira. Abajije igituma, umuporisi yararongoye abandi yamubwiye ko yoja kubariza mu ntwaro. Uwo mushingamateka akaba yasavye uwo muporisi ko yomubwira aho mu ntwaro bamubuza kwinjira kandi ari umushingamateka, uri uwundi arinumira, nta jambo yasubiye kuvuga.

Umushingamateka Karori Nditijeakaba yabwiye abamenyeshamakuru ko Reta iriko irenga ku rwandiko bise"Charte de non violence" imigambwe n’ubushikiranganji bw’intwaro yo hagati mu gihugu burongowe na Eduard Nduwimana bateyeko igikumu. Umushingamateka Karori Nditije asanzwe arongoye umugambwe UPRONA ishami ritari mu butegetsi, avuga kandi ko kumubuza kwinjira aho mu kigo c’abamenyeshamakuru, ari guhonyanga uburenganzira ahabwa nk’umushingamateka, akabivuga yerekana ndetse ivyanditse kw’ikarata yiwe y’umushingamateka.

None ico kiganiro ku bamenyeshamakuru cari kigamije iki?

Abo muri RANAC bamaze kwankirwa kugirisha ikiganiro, baciye batanga kubamenyeshamakuru urwandiko ruriko intumbero y’ikiganiro"point de presse". RANAC Dushayuruburundi bwogorore irongowe na Rwasa Agathon yari yateguye ikiganiro kijanye n’ubusuma bw’amatora buriko bukorwa n’umurwi utegura amatora CENI. RANAC yandika ivugako narirya hasigaye amezi abiri kugira amatora ya mbere abe, yashaka gushikiriza amakenga, n’ivyo rusaba rufatiye ku nama CENI imaze kugirana n’aberwa cane n’ikibazo c’amatora.

Urunani rutavuga rumwe na CNDD FDD arirwo RANAC, rukavuga imbere ya vyose, iyandikwa rw’abazotora ryaranzwe n’ubunenge bwinshi, nko gutanga uburanga-muntu, kwandika abana, kugura amakarata y’abiyandikishije n’ibindi. Ivyo vyose RANAC ivyagiriza abatowe muri CNDD-FDD mu nzego zo hasi hamwe n’abakozi ba CENI, nk’uko vyerekanywe mu nama zo ku ma genekerezo ya 29 na 30 Nzero. Amakenga ya RANAC ku murwi CENI, iyerekana kandi ifatiye ko CENI itasubiye gutumako inama n’imwe inyuma y’izindi zabaye mu ntango za Nzero 2015 no ku magenekerezo ya 18 Ruhuhuma 2015 ariko CENI, igahamagara kuraba intonde z’abiyandikishije.

Umwikeko wa RANAC kuri CENI, uri kandi ko uwo murwi wanse kugura za "Lampe-torches a rayons ultra-violets" zofasha kugira ntihagire uwotora kabiri. Umushingamateka Karori Nditije ati:" Rirya tara, rimwe rigugwa amadorari 20". RANAC isaba CENI ko yosohora amahera iryo tara rikagurwa. Urwo runani rugasaba kandi CENI kwandika abanyeshure maze bakabandikira no ku mashure barimwo. RANAC ivuga kandi ko ifise amakuru ko Edouard Nduwimana yoba yarahagaritse gutanga uburangamuntu buriko buronderwa n’abatiyandikishije.

Kuri ivyo hamwe n’ibindi CENI yagirizwa, RANAC irangiza ivugako CENI iriko ibasiga inkore ku maso ko bariko bakorana mu gutegura ku mugaragaro amatora. Bavuga ko bigaragara ko CENI iriko ifasha CNDD-FDD kwiba amatora. Urwo runani rukavuga ko ko rutazovyihanganira ko kandi n’abanyagihugu bazoyihagurukira.


Cherif Nkeshimana

Messages

  • ntivyaribikwiy ko umupolice yokoreshwa mugutoteza abo bitavuga rumwe na letat ngeragej kuraba mugihugu ca sud afrika abo bitavuga rumwe nubutegetsi bashira hasi uwubayoboye bakamubaza ibitagenda neza ntanuwubarya urwara nyabuna ubutegetsi bwabujumbura niburengere amaronko ahubwo barabe inyungu yigihugu na barundi baboneko ivyapfundikiwe iyarusha bikwiye guhabwa agaciro kugira umurundi aho ari yunveko ari mumahoro nkaba nshimira kuba menyesha makuru ntako mudakora mukuvugira umunyagihugu nubwo bigoye nimukomeze mukomere kwibanga Imana izobaja imbere kandi muzotsinda umwuga wanyu utsimbatare mumahanga nkinyenyeri yumutwenzi

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.