IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > umutekano > Ikiziga catowe muri Mubarazi coba ari ic’umumenyeshamakuru Jean (...)

Ikiziga catowe muri Mubarazi coba ari ic’umumenyeshamakuru Jean BIGIRIMANA?

lundi 8 Myandagaro 2016, par Egide NDUWIMANA

Inyuma y’iminsi itatu abamenyeshamakuru b’ikinyamakuru IWACU bariko bararondeza amakanda y’umumenyeshamakuru Jean BIGIRIMANA yaburiwe irengero, habonetse ikiziga c’umuntu, mu kibanza cazimanganiyemwo uwo mumenyeshamakuru, nk’uko isoko y’inkuru ku matohoza y’ico kinyamakuru ribivuga.

JPEG - 86.1 ko
Ikiziga catowe muri Mubarazi coba ari ic’umumenyeshamakuru Jean BIGIRIMANA ?

Amakuru yose afiswe n’ikinyamakuru IWACU hamwe n’umurwi w’igihugu ujejwe agateka ka zina muntu (CNIDH), yerekana ko umumenyeshamakuru Jean BIGIRIMANA yazimanganiye i Bugarama, anyurujwe kw’igenekerezo rya 22 Mukakaro 2016, ku muhingamo. Ico kinyamakuru carabandanije amatohoza.

Ku munsi wa gatanu igenekerezo rya 5 Myandagaro 2016, nk’igihe c’isaha umunani z’umuhingamo, isoko ry’amakuru rya IWACU ryavuze ko hari ikiziga c’umuntu kiri mu ruzi Mubarazi, ruri muri komine n’intara ya Muramvya. Umurwi w’abamenyeshamakuru bakora amatohoza baciye bafata urugendo rubashikana ahari havuzwe ko hari ico kiziga, ariko umugoroba ukaba warinze ugera bataratora ahari ico kiziga, bataha uko bagiye.

Mu gatondo ko munsi wa gatandatu, abo bamenyeshamakuru bazindukiye muri ico kibanza nyene, ariko bakaba basanze amakuru y’uko bariko baratohoza kuri ico kiziga kitari bwaboneke yamaze kumenyekana. Muri ico kibanza, bahasanze umukuru w’ikirindiro c’igiporisi c’i Muramvya, ari kumwe n’abaporisi bandi babiri bashobora kuba ari abamurindira ubuzima. N’abagize umurwi w’igihugu ujejwe agateka ka zina muntu (CNIDH : Commission Nationale Indépendante des Droits de l’Homme) bari muri ico kibanza. Mu nyuma n’umushikirizamanza wa Repuburika mu ntara ya Muramvya yarahishikiye, ari kumwe n’inyamiramabi, haza imodoka rusehabaniha (Ambulance) irimwo umuganga, hamwe n’imodoka ifise ibiyo bitabonerana, yo mw’igendereza, yarimwo abantu babiri bambaye impuzu zisanzwe, hamwe n’abandi babiri bambaye impuzu z’igiporisi.

Umurwi ugizwe n’abamenyeshamakuru ya IWACU, abakozi b’igendereza, abagize umurwi w’igihugu ujejwe agateka ka zina muntu hamwe n’umushikirizamanza wa Repuburika mu ntara ya Muramvya, waciye ubandaniriza hamwe ibikorwa vy’ukurondera ico kiziga vyavugwa ko kireremba mu ruzi Mubarazi, n’aho nyene uwo murwi wose ukaba ataco washoboye kubona, ariko abamenyeshamakuru ba IWACU bakaba bagumanye amakenga, ari nakwo gufata ingingo y’ukugaruka muri ico kibanza bukeye ku munsi w’Imana, bonyene, kandi mw’ibanga ntangere. Abo bamenyeshamakuru bari baronse ku minsi ya gatanu n’iya gatandatu, amakuru y’abanyagihugu bo ku musozi Gatamera, yemeza ko hari ikiziga c’umuntu kimaze iminsi kireremba mu ruzi Mubarazi, ariko abo banyagihugu bakanka kugira vyinshi babivugako, ku mvo z’umutekano wabo. Abo banyagihugu bavuga mbere ko baheruka n’ukwumva amasasu mw’ijoro, umwe muribo ndetse akavuga ko ayo masasu yumvikanye afitaniye isano n’ico kiziga kireremba mu ruzi Mubarazi.

Mu gatondo k’ejo ku munsi w’Imana igenekerezo rya 7 Myandagaro, abamenyeshamakuru ba IWACU baretse guca muri Ruyenzi aho bari bajanye kuwa gatanu no kuwa gatandatu, bafata iyindi nzira ya Nyabisiga, bakaba bari kumwe n’uwubafasha kurondera ico kibanza kirimwo ikiziga.

Inyuma y’amasaha abiri bariko bararondeza, uwariko arabafasha yarahagaze abereka ico kiziga cari cazibiwe n’amabuye, ku ruhande rwa Nyabisiga, muri zone Bugarama. Ntivyashoboka ko abo bamenyeshamakuru bashika mu kibanza ico kiziga carimwo hagati mu ruzi, bakaba bafatiye amasanamu kwa kure, naho nyene babanje gukoresha ubuhinga bw’ukwiyegereza ico bashaka gufotora (zooms). Ico kiziga vyaboneka ko catanguye gusanguka (décomposition), umutwe ukaba utari ukiboneka neza. Abamenyeshamakuru ba IWACU ntibashoboye kumenya namba ico kiziga coba ari ic’umumenyeshamakuru Jean BIGIRIMANA.


IGIHE

Messages

  • NIBAGERAGEZEGUTOHOZANEZANTIBADUHINKURUZIKINYOMA

  • Mwarangiza ngo ntimushaka abaporisi baza kugarukana amahoro? Abantu birirwa bapfa? Uburundi nta mutekano ukicyera kabisa.... Habaye Somariya, sudani yepfo hakwiriye chapiter 7 ya UN abaturage bagatabarwa by force naho ubundi izi ngabo zizasanga abantu barashize.

  • ABOBA MENYESHA MAKURU BABACUNGE NTIBABE BARIKO BARARONDERA ABOBABE SERA MBEGA BUGARAMA HARIHO URUZI GONANIRANA KURABA IKIZIGA ? MURABE NTABE ARI IREMENTANYA

  • ABOBA MENYESHA MAKURU BABACUNGE NTIBABE BARIKO BARARONDERA ABOBABE SERA MBEGA BUGARAMA HARIHO URUZI GONANIRANA KURABA IKIZIGA ? MURABE NTABE ARI IREMENTANYA

  • Iyo ni imitwe ya gitutsi. Ikindi kandi aho ugereran nuburundi Sudan yepfo na somaria izo ngaho abantu bapfa zihari kuko akazi kazoguhagarara karazwi ni nka ka shetani barira bakica. Muburundi rero naho birazwi ko bahashaka za matieres premieras. Kwibanira niko kazi kabazungu ma mijeri

  • Mwihuse kuvuga iyi nkuru kuko kuba mutabonye kariwe mukwiye nokubihanigwa

  • un pays maudit le burundi !!!!!11

  • LETA Y’UBURUNDI IRAKWIYE KWIKEBUKA GUK IVYO VYOSE BIRIKO BIRABA IMPERA N’IMPERUKA BAZOBIBAZWA GUKO BIRAGARAGARA NEZA KO ATA DEMOCRATIE IRI MUBURUNDI.

  • Burya Mubamwishe Namwe Murimwo Mwomenya Gte Ko Ari Muri Urwo Ruzi Mutamushizemwo.Reka Kwiririsha Kubera Ivyanyu Nibindi.

  • ewe uburundi nuwubibona wose iyo manda 3 irahekuye uburundi kweri none nkuwo aziziki ? kazizu kuri nivyo bimwenyanye ngo nabakuru bigihugu re ntamuzamu wisi nabonyene ntawuzi umusi nisaha poit nter

  • Kibaye ari ikiziga cya Buyoya niho abarundi baruhuka. Naho Mutabazi ni iki?

  • Uwo yajanye abo bameshamakuru,mumpisho,ataatarikumwe ninzego zareta akweye gukogwaho amatohoza mugihe barikumwe ninzego ntiyacerekanye mumpisho yaracerekanye hahaa!....

  • Haaaaaaaaaaaaa,
    abo bamenyeshamakuru n’ ukubaraba neza.

  • Abatayeyo uwo muntu uwariwe wese nabo ntibibagire ko urwo rubi rubarindiriye, nabo bazopfa bareremba ku mazi

  • murabe neza abo bamenyesha,makuru kuk iryo nirementanya... icokiziga,babonye aruko bagiye batarikumwe nabaserukira reta.. abo bamenyesha makuru nibo bagitaye muruzi kugira bacafuze reta

  • NUGUSABA IMANA IKADUFASHA NONE KUBERIKI ABO BAMENYESHA MAKURU BATARONDEYE ABANTU BABAFASHA KUGIKURAYO CANKE INZEGO ZUMUTKANO NGO DUHER AMAKENGA

  • None Yoba Yishwe Nabande?Mbeho Azira Iki Nimutohoze Mugabo Asangwa Atariwe ?Namahwe Namb Agihari Bamubazeneze Icoyakorera Murwanda Hanyuma Bamuhane Gusa

  • None Yoba Yishwe Nabande?Mbeho Azira Iki Nimutohoze Mugabo Asangwa Atariwe ?Namahwe Namb Agihari Bamubazeneze Icoyakorera Murwanda Hanyuma Bamuhane Gusa

  • Buryamwabonye Ko Bart’s bagiye kurondera uwomuntu ataramenyekana uwariwe bamwemuribo bari mubamwivuganye. kubona bajayo babanje kwinyegeza abajejwe umutekano? Mubafate kandi ivyobitabo birimwo amategeko yigihugu birabibarekurira.

  • naturellement. l’Etat qui ne garantit pas la securite a ses populations doit deguerpir

  • None mutangajwe n’iki ko Uwamahoro n’API tubizi ko aribo banigagura abantu, après Hafsa Mossi ubu les journalistes nibo bari àla page d’être tués, Nzobonariba ko yibagiwe kuvuga ko ari URwanda??

  • Ndabona abobabundabunda mukujayo harimwo abagize uruhare mwiyicwa ryicokiziga ariko bamwishe muntumbero yogushaka kwambika ibara reta nicogituma mwabonye uyumwanditsi harahoyigeze kwandika agerageza guhengekereza avugamwo umukuru waba polisi ngonabamucungera harya nimuntumbero yogutegura docie yirementanya nkakumwe bazabarandika bongerabavuga ngo imbonerakure ziriko zirahabwa ibirwanisho kandi ukuri bakareka kukuvuga bakuzi ko hariho akarwi cabarundi barwanya reta bakanka nizombonerakure ariko kirirwa karashombera muburundi ibirwanisho canecane mudukaritiye tumwetumwe basanaho baribarigaruriye .

  • Ivyuburundi birayobey pe!mbe nubuhinga bwa cane cank nubwenge bwa cane bwo kumenyak hari ikiziga muruzi ham bakajay mwibanga????reta nay yikebuk abo bapfa bazobabazwa!

  • Uwupfuye apfuka ikinogo ciwe icabamwishe kiguma cuguruye kibarindiriye!

  • ABO BANTU BAGUMA BICWA ABANDI BANYURUZWA TUZOBAGIRIZA ND?BURACA BIRAZA NITWIHANGANE KUKO NTAWUHORAHOYABAY KAND IMANA ISUMBAVYOS IRIHO IZOKWISHURA

  • Nkuk Aband Babivuga Nanje Sinumva Ingene Umwaka Ushobora Guhera Abantu Bicwa Ntihagire Ninkuru Abanyagihugu Duhabwa Kubwo Bwicanyi Kand Inzego Z’umutekano Ziriho:mwoba Mwibaza Ko Inzego Zo Hejuru Zihagaze Neza.Kuberi Wafanya Kazi Fisadi Banyaruka Kubamenya Arik Abicanyi Bakinyegeza Mugomba Kuvuga Ko Amahera Aruta Agaciro Kumuntu?Inzego Zigihugu Zirafise Uruhara Kubwicanyi Bubera Mugihugu Ntamunt Ashobora Kurutisha Agaciro Amahera Abaturongoye Bashira Imbere Ineza Zabo.

  • NONE MWEBWE MWIBAZ ABAPFA KARI BIGIRIMANA GUS?MUVUGA KORETA YOBA IBIFISEMWURUHARA MURUPFU RWIWE?HA MURAGAB

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.