IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Ikiziga kigira kabiri catowe mu ruzi Mubarazi

Ikiziga kigira kabiri catowe mu ruzi Mubarazi

mercredi 10 Myandagaro 2016, par Egide NDUWIMANA

Ikindi kiziga c’umuntu ataramenyekana catowe mu kibanza kirimwo ikiziga cabonwe n’abamenyeshamakuru b’Ikinyamakuru IWACU.

Umurwi ugizwe n’abamenyeshamakuru ba IWACU, abaserukira umurwi w’igihugu ujejwe agateka ka zina muntu (CNIDH : Commission Nationale Indépendante des Droits de l’Homme), abo mu giporisi hamwe n’igendereza i Muramvya, baragiye kuri uwu wa kabiri mu kibanza abamenyeshamakuru ba IWACU babonyemwo ikiziga c’umuntu batashoboye kumenya namba yoba ari umumenyeshamakuru Jean BIGIRIMANA amaze indwi zibiri zirenga aburiwe irengero.

Ku ruzi Mubarazi, uwo murwi wahatoye ikindi kiziga kigira kabiri, ciyongera kuco abamenyeshamakuru ba IWACU bari babonye.

Ikiziga ca mbere cabonetse ku munsi w’Imana, kizibiwe n’amabuye, mu ruzi Mubarazi, ku ruhande rwa Nyabisiga, muri zone Bugarama. Ntivyashoboka ko abo bamenyeshamakuru bashika mu kibanza ico kiziga carimwo hagati mu ruzi, bakaba bafatiye amasanamu kwa kure.

Ico kiziga vyaboneka ko catanguye gusanguka (décomposition), umutwe ukaba utari ukiboneka neza.


IGIHE

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.