IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > umutekano > Imodoka n’ipikipiki zunguruza abantu zigiye gushirwako ibiziranga

Imodoka n’ipikipiki zunguruza abantu zigiye gushirwako ibiziranga

samedi 2 Nzero 2016

Igipolisi kijejwe uruja n’uruza mu mabarabara kimenyesha ko imodoka n’amapikipiki vyose bikora akazi ko kwunguruza abantu bigiye kuronswa ibibiranga mu gihugu cose.

Alfred Innocent Museremu umukuru w’igipolisi kijejwe uruja n’uruza mu mabarabara amenyesha ko hari uburyo bwo mu buhinga bwa none bwamaze gushirwaho kugira buzokurikirane imodoka canke ipikipiki yogira isanganya canke yokoreshwa mu bundi bugizi bwa nabi.

Umukuru w’igipolisi kijejwe uruja n’uruza mu mabarabara asaba kandi abafise amapikipiki aca amafaranga mu kwunguruza abantu kuba bazisigishije amarangi ahuye na komine zikoreramwo gushika kuwa 11 Nzero 2016.

Alfred Innocent Museremu arongoye ico gipolisi yaboneyeho akaryo ko kumenyesha ko ishirahamwe ry’abunguruza abantu ATRABU rigiye gushira ibiro vyayo mu ntara za Gitega,Ngozi na Makamba mu ntumbero yo kwotosha igikorwa co gushira ibiranga ku modoka n’amapikipiki akorera hagati mu gihugu.


IGIHE

Messages

  • Ico gikorwa ndagishigikiye kubera benshi bakoresha ayo mapikipipi atagira ibiyaranga mu guhungabanya umutekano canke iyo bagirishije amasanganya bagaca binyuranganya. Ikindi naco noterera n’uko mu makomine yose agize igihugu abo bagendesha amapikipiki ko borondera umwambaro ubaranga umwumwe wesr afise inumero yiwe. Contraintes umwanyavni muto murongeza kwayandi mataliki.Murakoze.

  • Ndashigikiye uwo mugambi wa PSR kuko hari akajagari karenze twosaba kuzisiga bose hama bikagenda muzuri

  • Ubu yagarutse gukora akazi ajejwe? Abantu yabamaze none agomba akora akazi ka PSR? Ivyo ni vyo yari kuba yakoze ariko nta mwanya yaronse kuko yariko yica abana b’Uburundi abahora yuko ari abatutsi.

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.