IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > umutekano > Zimwe mu nyubakwa zubatswe ku mfashanyo y’Ubuholande zuguruwe

Zimwe mu nyubakwa zubatswe ku mfashanyo y’Ubuholande zuguruwe

mercredi 12 Munyonyo 2014

Amahoro n’umutekano n’inkingi y’imigenderanire iri hagati y’Uburundi n’Ubuhalande, nk’uko vyashikirijwe mu bikorwa vyo kwugurura inyubakwa iri mu bitaro vy’abasirikare mu Kamenge.

Muri ivyo birori vyari vyatewe iteka n’umushikiranganji wo kwivuna abansi n’abahoze ku rugamba ari kumwe n’uwuserukira Ubuholande mu Burundi, Posiyano Gaciyubenge akaba yavuze ko anezerejwe n’ivyo bikorwa vyari bihejeje gukorwa ndetse n’ibindi birangurwa n’umurwi w’abasirikare b’Ubuholande, harimwo kwugurura izo nyubakwa z’ubuvuzi aho mu bitaro vy’abasirikare mu Kamenge. Imigenderanire y’Uburundi n’Ubuholande rero ikaba yifashe neza nk’uko umushikiranganji yabivuze. Gaciyubwenge akaba yamenyesheje ko ugufashanya mu gisata c’umutekano biri ku rugero rushimishije, ubu naho ukwo gufashanya kukaba kugeze ndetse no mu gisata c’amagara y’abantu.

Jolke Oppewal aserukira Ubuholande mu Burundi, akaba nawe yamenyesheje ko igisata c’umutekano ari igisata gikomeye mu buzima bw’igihugu. Uwo aserukira Ubuholande abandanya avuga ko Uburundi buri mu bihugu 15 bisanzwe bifashwa n’ico gihugu kuva mu mwaka w’2011. Imigenderanire hagati y’ivyo bihugu uko ari bibiri, ikaba ikomezwa na bimwe mu bikorwa vy’iterambere.


Aristide Nizigire

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.