IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Ubutungane > Imyaka 10 niyo yaciriwe abasinzikarije ubuzima Yannick Nihangaza

Imyaka 10 niyo yaciriwe abasinzikarije ubuzima Yannick Nihangaza

vendredi 25 Gitugutu 2013

Nk’uko tubimenyeshwa na NDTV ikinyamakuru co mu Buhindi , abahindi indwi nibo bagiriwe n’icaha co gusizikaza ubuzima bwa Yannick Nihangaza, bakaba baciriwe umwe wese imyaka cumi hamwe no kuriha ihadabu ringana ibihumbi 20.000 vy’amaroupie, aganana angina ibihumbi 500.000 vy’amafaranga y’amarundi.

Mu bokerewe n’intahe, harimwo Romi Uppal umuhungu w’uwahoze atwara igipolisi Punjab, yitavye Imana imisi mike inyuma y’iryo shano, ahitanywe n’indwara y’umutima.
Umushirizamanza Madeep Sachdevab yabwiye ibinyamakuru vyo mu Buhindi kuri uyu wa gatanu, ko abagiriwe n’ico caha ko bazofungwa imyaka 10 bongere barihe ihadabu ringana n’ 20.000 vy’amaroupie, k’uwutazoshobora kuriha iyo hadabu, azotegerezwa kwongerako imyaka 2. Naho hariho abatashimishijwe n’urwo rubanza, bivugwako abaserukira ibihugu vyabo mu Buhindi bafashije cane kugira urwo rubanza rucike.

Amakuru dukesha bagenzi bacu ba radiyo Isanganiro, akaba avuga ko abaserukira ibihugu vyabo mu Buhindi bafashije cane kugira urwo rubanza rucibwe, aha bakavuga nka Aloys Rubuka uwuserukira Uburundi mu Buhindi. Umuvyeyi wa yannick Nihangaza akaba yamenyesheje ko ico gihano kidahuye n’icaha bakoze, kuko gushika ubu, ubuzima bwa Yannick bukimeze nabi.


Aristide Nizigire

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.