Accueil > Amakuru > Ubutungane > Imyaka 10 niyo yaciriwe abasinzikarije ubuzima Yannick Nihangaza
Imyaka 10 niyo yaciriwe abasinzikarije ubuzima Yannick Nihangaza
vendredi 25 Gitugutu 2013
Nk’uko tubimenyeshwa na NDTV ikinyamakuru co mu Buhindi , abahindi indwi nibo bagiriwe n’icaha co gusizikaza ubuzima bwa Yannick Nihangaza, bakaba baciriwe umwe wese imyaka cumi hamwe no kuriha ihadabu ringana ibihumbi 20.000 vy’amaroupie, aganana angina ibihumbi 500.000 vy’amafaranga y’amarundi.
Mu bokerewe n’intahe, harimwo Romi Uppal umuhungu w’uwahoze atwara igipolisi Punjab, yitavye Imana imisi mike inyuma y’iryo shano, ahitanywe n’indwara y’umutima.
Umushirizamanza Madeep Sachdevab yabwiye ibinyamakuru vyo mu Buhindi kuri uyu wa gatanu, ko abagiriwe n’ico caha ko bazofungwa imyaka 10 bongere barihe ihadabu ringana n’ 20.000 vy’amaroupie, k’uwutazoshobora kuriha iyo hadabu, azotegerezwa kwongerako imyaka 2. Naho hariho abatashimishijwe n’urwo rubanza, bivugwako abaserukira ibihugu vyabo mu Buhindi bafashije cane kugira urwo rubanza rucike.
Amakuru dukesha bagenzi bacu ba radiyo Isanganiro, akaba avuga ko abaserukira ibihugu vyabo mu Buhindi bafashije cane kugira urwo rubanza rucibwe, aha bakavuga nka Aloys Rubuka uwuserukira Uburundi mu Buhindi. Umuvyeyi wa yannick Nihangaza akaba yamenyesheje ko ico gihano kidahuye n’icaha bakoze, kuko gushika ubu, ubuzima bwa Yannick bukimeze nabi.
Aristide Nizigire