IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Ubutungane > Imyaka cumi niyo ashobora gupfungwa hamwe yokwagirwa n’icaha

Imyaka cumi niyo ashobora gupfungwa hamwe yokwagirwa n’icaha

vendredi 20 Kigarama 2013

Inyuma yaho bivugiwe ko Ferederiko Bamvuginyumvira yoba yasabwe ingwati y’amafaranga angana n’umuriyoni w’amarundi kugira arekurwe ariko abamwitwariye bagaca bunguruza urubanza, umushingwamanza wiwe avuga ko bagire bunguruze muri sentare ntahinyuzwa kugira asubizwe umwidegemvyo.

Mu kiganiro yahaye ikinyamakuru IGIHE, umwe mu baburanira Ferederiko Bamvuginyumvira yatumenyesheje ko umushikirizamanza yaciye atanga umutahe wo kumugumiza mu munyororo. Umushingwamanza Fabiyano Segatwa akaba amenyesha ko icihutirwa muri uyu mwanya ari ukwunguruza muri sentare ntahinyuzwa kugira barabe ko ingingo y’umushikirizamanza ifise ifatiro. Umushingwamanza Segatwa agatangazwa n’ugushobora kugumiza umuntu mu munyororo kandi ataburenganzira yari abifitiye.

Umushingwamanza Fabiyano Segatwa

Avuga ko amasaha 48 yari yatanzwe kwari ukugira abitwaye bunguruze, kandi kwunguruza akaba ari uburenganzira bwa muntu wese, ariko kugumiza umuntu mu munyorororo kandi abacamanza bamurekuye bikaba atari uburenganzira bw’uwitwaye, uwari afitiye ububasha igumizwa rya Bamvuginyumvira mu munyororo akaba ari umucamanza, uyo nawe yaramurekuye. Segatwa ati : ’’ Ntakindi atari imvo za poritike zimupfunze’’.

N’aho umwizero uriko uragabanuka bivanye n’uko ubutungane buriko burifata muri urwo rubanza, Segatwa avuga ko yizeye aho yunguruje ko hari ikizovamwo. Amenyesha rero ko kuvayo kwa Ferederiko Bamvuginyumvira atari uyu munsi canke ejo, barindiriye aho umukuru wa sentare ntahinyuzwa azofatira ingingo kw’iyugururwa ry’ idosiye ya Bamvuginyumvira.

Tukabamenyesha ko Ferederiko Bamvuginyumvira yahoze ari icegera c’umukuru w’igihugu, ku ntwaro ya Petero Buyoya. Hamwe rero icaha co gushaka gutanga igiturire comwagira, Ferederiko Bamvuginyumvira akaba yohanishwa n’imiburiburi imyaka cumi yo gupfungwa.


Aristide Nizigire

Messages

  • Uko Nukumuhohotera Kuko Batinyako Yohava Abatsinda Mumatora Agiyekuza

  • Ushakakumenya ko atarukumuhohotera jakuri youtube ahantuhatarurwamo bazewandikemwo ngo: Bamvuginyumvira Frederic et Nzeyimana Josephin, Urazakwiyumvirako yiyemerera ko uryamugore yamukubese ngobaryamane arateba aremera, hanyuma amazegufatwa yarakeneye gutangarushwa mazumwe amukubita icenga amubwirango ayomafranga genda uyahe uriya nayubwokwarugushaka aronke uko amukamera nikokuyashira wawundi akebutse asanga arikwarafotorwa acaravugango rekankunkamerandiiii rekangezaha yarincamakendabahaye.

  • Jakuri youtube wandike ngo: Frederic Bamvuginyumvira et Nzeyimana Joziphin uribonera ukuri.

  • Sha barabuze ihero ryimiti pe nko kudendereza umuntu nkuko bamucira urubanza akera ariko bagasubira kumushirako irindi tonga,,mbega muburundi tuzoronka invugakuri atari bansumirinda ryari??

  • wamuntu wiyita mama ubwo uriko urabesha nkuko ntabwoba wumva?muri you tube vyagizwe na documentation, none ngo niwe yavyiyemereye?abazi kuraba ibintu vy’amajwi, bavuga ko umunwa wa Frederic udakurikirana n’indome avuga, irementanya ridafashe, urya azoba nka mandela kabisa rindira 2015

  • je numva ariko azira ubusa nibamureke yidegemvye atanico barinze kumusaba hama aserukire na ADC mumatora nkuko bivugwa sinon womenga nukuburabuza ibikorwa vya ADC

  • Jane, Wewe niwewe ushaka kwivugira ivyawe nayojewe ivyuvuga ngo nivyobarementanije ngosivyoyavuze birakureba jewembonako ariweyabivuze washaka kurikirananeza urazakubona aho Frederic yamezenkuwuzeka amera nkuwiyegereza umuntubaribicayehamwe bibonekako ashakakumwiyegerezacane muriyontumberonyene yogutanga igiturire, haragakomeza kuza ubuhingabwanone.

  • Hariho abarundi basigayebagoye kumenya posistion yabo, ugiraguti ukumvango reta irakwiye kurwanya ibiturire, reta yagirirafata abariko baratanga ibiturire babandi bahimiriza retango irwanye ibiturire ukumvango reta iriko irarenganya abantu! Ivyorero nivyobitwerekako bamwe murabobirirwabavugango reta ishigikiye abaryibiturire nibobarungika abantu gutanga ibiturire uwobarungitse akagaruka ababwirango vyakuze ngontuzeya namuhaye yayatoye! Nuworero Bamvuginyumvira yovyamukundira agatangigiturire bigakunda yarigucagenda kuvugango ntuzeya namuhaye igiturire. Mboneyeho guterakamo mbwira abobakira ibiturire bashaka bobireka uwukibahaye niwacagenda kubivuga koyahaye igiturire umuntakora ahanaha! Zamuraryabike mwitahirakare uwariye yarariye ivyunomusi nirdyankurye muraryantimumye murahanze!!!!

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.