IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Imyiteguro irabandanya ya BNUB izohinduka umurwi muto

Imyiteguro irabandanya ya BNUB izohinduka umurwi muto

vendredi 21 Munyonyo 2014

Ubuserukizi bw’ishirahamwe mpuzamakungu ONU mu Burundi bumenyesha ko bubandanya imyiteguro yo guhinduka umurwi muto uzosubirira BNUB. Reta y’Uburundi, abasanzwe bafasha Uburundi, hamwe n’ubuserukizi bw’ishirahamwe mpuzamakungu ONU mu Burundi bahuriye kuri uwu wa kane mu nama y’ukurabira hamwe aho imyiteguro igeze.

Mu nama ya nyuma yabaye kuri uwu wa kane, irongowe na Parfait Onanga Anyanga, intumwa idasanzwe y’umunyamabanga mukuru w’ishirahamwe mpuzamakungu ONU mu Burundi, hamwe na Edouard Nduwimana, umushikiranganji w’intwaro yo hagati mu gihugu, umurwi ujejwe gutegura ihinduka rya BNUB igahinduka umurwi muto, werekanye aho imyiteguro igeze. Nk’uko ingingo y’inama y’umutekano y’ishirahamwe mpuzamakungu ONU ibitegekanya (résolution 2137 (2014), kw’igenekerezo rya 31 Kigarama 2014, BNUB izohinduka umurwi muto, imyiteguro ikaba igeze ku ntambwe ishimishije.

Iyo nama yabaye mu gihe Parfait Onanga Anyanga yaheruka gushikiriza ko muri BNUB bamaze gutangura kwitegurira gukinjura, agatanga akarorero k’abakozi batanguye kugabanurwa, hamwe n’ukwongerereza ubumenyi umurwi muto uzosubirira BNUB (Équipe de pays des Nations Unies). Onanga Anyanga yemeza ko BNUB yiteguriye kugenda, ariko akamenyesha hazosigara igihengeri kinini. N’aho biri uko, Parfait Onanga Anyanga amenyesha ko bazoba kabaye akaryo ka Reta y’Uburundi, ko kwerekana ko ishoboye kwirangurira amabanga ijejwe yonyene, ibifashijwemwo n’abo bazosigara barakorana mu bijanye n’agateka ka zina muntu hamwe n’iterambere.

Tubibutse ko umunyamabanga mukuru w’ishirahamwe mpuzamakungu ONU, Ban Ki Moon aheruka kugena nk’intumwa idasanzwe yiwe mu Burundi, Cassam Uteem, yigeze kuba ari umukuru w’igihugu ca Ile Maurice. Cassam Uteem niwe kandi agiye kurongora igisata ca ONU mu Burundi gikurikirana amatora, MENUB (Chef de la Mission d’observation Electorale des Nations Unies au Burundi.). Mu gihe bitegekanijwe ko ibikorwa vya BNUB mu Burundi bizohagarara ku genekerezo rya 31 Kigarama 2014, bitegekanijwe ko ico gisata ca ONU mu Burundi kije gukurikirana amatora kizoca gitangura gukora ku genekerezo rya mbere Nzero 2015, ubwo nyene BNUB igiheza kwugara.


Egide Nduwimana

Messages

  • Ico gisata ca O N U kije hageze,baze bakore badahengamye,birinde akosho,bafashe gukurikirana amatora,bazobere abarundi "témoins",mu makungu.

  • Kwirinda uturimi twabaraho bavuga kugezabakwemeje ukageranaho ubonako ivyobavuze arukuri kokongaha muburundi utwoturimi turiganje kanditumazigihe kitarigito cane and uhereye muri 2010 nimwatwirinda rizobariterambere namahoro muzobamuzaniye abarundi.

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.