IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > umutekano > Inama nkuru y’umutekano yaneguye ibikorwa vya bimwe mu bimenyeshamakuru

Inama nkuru y’umutekano yaneguye ibikorwa vya bimwe mu bimenyeshamakuru

lundi 17 Ntwarante 2014

Inama nkuru y’umutekano irashima inyifato imaze iminsi yerekanwa n’inzego z’umutekano mu ntumbero yo kurwanya akajagari. Mw’itangazo iyo nama nkuru y’umutekano yasohoye, baranegura ibikorwa vy’ibimenyeshamakuru bimwe bimwe bitanga amakuru iyo nama yita "ayo kugumura abanyagihugu."

N’aho hamaze iminsi hibonekeza ubwicanyi n’ayandi matati, inama nkuru y’umurekano irakeza ubukerebutsi bwerekanwe n’abajejwe umutekano mu kubuza imigumuko n’ibindi bikorwa vy’uguhungabanya umutekano w’igihugu. Général de Brigade, Ildephonse HABARUREMA amenyesha ko abanyagihugu n’amakungu borema kuko umutekano w’igihugu wifashe neza. Ariko rero, iyo nama nkuru y’umutekano iratera ivyatsi ibimenyeshamakuru n’amashirahamwe adaharanira ivyicaro vya poritike asasira indava abahungabanya umutekano, aho bagatanga akarorero k’insamirizi RPA yashikirije amakuru y’ikibiriraho (en direct), ku genekerezo rya 8 Ntwarante, umunsi abanywanyi ba MSD bariko batana mu mitwe n’abaporisi. Kubwa Général de Brigade, Ildephonse HABARUREMA, ayo makuru nta yindi ntumbero afise atari ukugumura abanyagihugu.

Inama nkuru y’umutekano yasavye urwego CNC gusubiza ku murongo ivyo bimenyeshamakuru, umukuru w’igisagara ca Bujumbura nawe agasabwa gutunganya neza ingene ukwinonora imitsi mu kivunga vyogenda (Sport de masse), n’ibibanza bizwi vyokorerwamwo, kuko kenshi bishika abashaka guhungabanya umutekano bakinyegeza inyuma y’ukwinonora imitsi mu kivunga.


Egide Nduwimana

Messages

  • Uwo mu Gerneral ahubwo nikirwarudubi kuko ntivyunvikana ukungene abantu bavuze ukuri hama akaja kubatuka niba ari ikijumba bamuhaye nakirye neza areke kukiryana abantu.

  • BRAVO RPA,et toute la presse du Burundi!!Komeza mutanga amakuru yo kandi ataho yegamiye mukuye ahabereye ibintu!!Naho mutobitangaza Amakungu azobisanga aho Ubutegetsi bubihishije maze ukuri kuje ahabona!!Guys ntimuterw’ubwoba n’ubashaka ko muvuga ivyo bashaka ariko bitabaye!!

  • ABO BIHENDA NGO BABUNGA BUNGA UMUTEKANO KANDI ARIBO BAWUHUNGABANYA
    NTAHO NDIGERA MBONA KWISI YOSE AHO ABASODA BEREKANA AHO BEGAMIYE
    TUGIYE GUSABA AMAKUNGU AHAGARIKE IMFASHANYO
    TURAVYE IVYABAYE HOSE NIBARA

  • None Ngoamhoronumutekanongon’ivyose Muburundi Nn Mwebwe Iyoabantubarikobrapfamubonakoamahoroariyose?Hamabadapfanahongo Mwabuz Amahoro?

  • Imanay’abluham,izahake Na Yakobo Irabibonakanditwizereko Izabasubirizamunkoko

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.