IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Inama nshingamateka yatoye amafaranga Reta izokoresha mu mwaka (...)

Inama nshingamateka yatoye amafaranga Reta izokoresha mu mwaka w’2013

jeudi 27 Kigarama 2012

Itegeko rigenga amafaranga Reta izokoresha mu mwaka w’2013 ririmwo amafaranga arenga imiliaridi 1300 y’amarundi. Ibice 50 kw’ijana azova mu mfashanyo. Hiyongereyeko ibice 17,6 ku yari yakoreshejwe mu mwaka w’2012.

Abashingamateka batoye iryo tegeko ata n’umwe avuyemwo kuri uyu wa gatatu igenekerezo rya 26 Kigarama 2012 mw’ijoro isaha zine.

Iryo tegeko ririmwo amafaranga arenga imiliaridi 1380 y’amarundi. Ibice 50 kw’ijana vy’ayo azova mu mfashanyo mvamakungu. Ibisata vyo kugwiza umwimbu n’ubutunzi ngo nivyo vyahawe amafaranga menshi nk’uko umushikiranganji w’ikigega ca Reta yabisiguye.

Kuri uyu mwaka uriko urahera w’2012 hariko hakoreshwa mafaranga arenga gato imiliaridi 1210 y’amarundi. N’ukuvuga ko hiyongereyeko ibice 17,6 kw’ijana. Muri ayo, hari hitezwe ayangana n’ibice 48 kw’ijana ava mu mfashanyo mvamakungu ariko habonetse ibice 20 kw’ijana gusa.

Mu mafaranga Reta izokoresha mu mwaka w’2013 hariho igihengeri c’amafaranga arenga imiliaridi 68. Umushikiranganki w’ikigega ca Reta amenyesha ko ico gihengeri kizova mu makori n’amatagisi y’ikigo OBR.

Abashingamateka barashikirije amakenga yabo ko amafaranga ava hanze ashobora kutaboneka hanyuma imigambi ya Reta myinshi ntikorwe nk’uko vyagenze muri uyu mwaka. Ikindi bashikirije n’uko iryo tegeko ryama rija mu nama nshingamateka ritevye hasigaye iminsi idashika 5 gusa kugira umwaka urangiye hanyuma ntibaronke umwanya ukwiye wo kurihinyanyura. Basavye ko hanyuma ryoza kare hanyuma ayo mafaranga agatorwa mu kwezi kwa Gitugutu.


Pierre Claver Niyonkuru

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.