IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Inama ya ASSECAA ku bibazo vy’umutekano yatanguye i Bujumbura

Inama ya ASSECAA ku bibazo vy’umutekano yatanguye i Bujumbura

vendredi 29 Munyonyo 2013

Mu gihugu c’Uburundi hatanguye kuri uwu gatanu inama igira indwi ihuza amanama nkenguzamateka y’ibihugu bigize ishirahamwe ASSECAA ( Association des Sénats, Shoora et Conseils Equivalent d’Afrique et du Monde Arabe). Muri iyo nama izomara iminsi ibiri, bazorabirabira hamwe icivugo kijanye n’uruhara rw’amanama nshingamateka na nkenguzamateka mu guteza imbere, gukingira n’ukugarukira amahoro n’imico kama.

ASSECAA ni ishirahamwe rihuza amanama nkenguzamateka yo mu bihugu vya Afrika n’ivy’abarabu, ryihaye intumbero yo gukomeza imigenderanire muvy’ubutunzi, imibano n’imico kama. Mu bikorwa risanzwe rirangura, harimwo n’ugufashanya gutsimbataza amahoro n’umutekano mu gukinga ivyotuma haduka amatati. Gabriel Ntisezerana, umukuru w’inama nkenguzamateka y’Uburundi, mw’ijambo ryo kwugurura ivyo bikorwa vy’inama igira indwi y’ishirahamwe ASSECAA yagarutse ku ntureka zicibonekeza mu bihugu vya Afrika n’ivy’abarabu, nk’akarorero k’ibiriko bibera mu gihugu ca Misiri, Centrafrika, Mali, bigahungabanya amahoro, umutekano n’ubutunzi bw’ivyo bihugu, abanyagihugu nabo batari bake bagateshwa izabo. Nk’abatowe n’abanyagihugu, Gabriel Ntisezerana, umukuru w’inama nkenguzamateka y’Uburundi, yahamahariye abitavye iyo nama guhagurukira rimwe, bafatane mu nda mu kurwanya indyane za poritike zicibonekeza mu bihugu bigize ishirahamwe ASSECAA.

Gabriel Ntisezerana yibukije uruhara rw’igihugu c’Uburundi mu kugarukira kuri ivyo bihugu bikiri mu ntambara, aho abasirikare b’abarundi barungitswe kugarukana amahoro mu bihugu nka Somaliya, Tchad, Sudani, Mali, Côte d’Ivoire, Haïti, hamwe n’abiteze kurungikwa mu gihugu ca Centrafrika. Nk’uko Gabriel Ntisezerana yabimenyesheje, Uburundi bwafashe iyo ntumbero yo gufata mu mugongo ibindi bihugu bikiri mu ntambara kuko bwatahuye ko abanyagihugu bo muri Afrika n’ibihugu vy’abarabu navyo bakeneye amahoro.

Muri iyo nama izosozerwa ku munsi w’ejo, Reta y’Uburundi yiyemeje kuzoshira mu ngiro n’ukwubahiriza ibizoba vyapfunditswe n’amanama nkenguzamateka y’ibihugu vyo muri Afrika n’ivy’abarabu vyitavye iyo nama yabereye i Bujumbura.


Egide Nduwimana

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.