IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > umutekano > Inkoho n’ibindi bikoresho vya gisirikare vyafatiwe mu Cibitoki

Inkoho n’ibindi bikoresho vya gisirikare vyafatiwe mu Cibitoki

jeudi 2 Mukakaro 2015

Ibirwanisho bigizwe n’inkoho,Grenades amasasu hamwe n’ibindi bikoresho vya gisirikare,nivyo vyafashwe n’igipolisi c’Uburundi,inyuma y’isakwa ryakozwe muri quartier ya Mutakura,iri muri komine Cibitoki mu gisagara ca Bujumbura,kuwa gatatu igenekerezo rya 1 Mukakaro.

Mu kiganiro ku bamenyeshamakuru,icegera c’umuvugizi w’igipolisi Pierre Nkurikiye yavuze ko igipolisi cazindutse kija kurondera ibirwanisho biri mu banyagihugu, ariko gishitseyo abanyagihugu baca batangura kurasa,umupolisi umwe aca yitaba Imana.

Pierre Nkurikiye yavuze ko bafashe inkoho imwe yo mu bwoko bwa Mitrailleuse,kalashinkov,pistolet,grenade,lance roquette,I,puzu z’igisirikare,inkofero z’igisirikare ,amasasu n’ibindi bikoresho vya gisirikare.

Muri ico gikorwa cahavuye kivamwo ubwicanyi,abantu batandatu barishwe.Icegera c’umuvugizi w’igipolisi avuga ko bari mubicanyi bishe umupolisi,ariko abanyagihugu bakavuga ko abo bantu ata bintu vya politike barimwo.

Mwomenya ko aho mu Cibitoki,kuva mu gatondo ata muntu n’umwe yasohoka,abantu bagiye gusohoka inyuma y’umutaga.

Messages

  • arabamara byibuze akwije abandi 20 igitambo kigakwira mwitege n abandi

  • abobantu bafise ibirwanisho ntibokwiyumvira bakabisubiza?nibanka kubisubiza kuneza bazobisubiza kunguvu!

  • HARIHABAGUYE MUMPORERO ZIVYO BATAZI BIRAGOYE KWEMERA IVYIGIPOLICE CUBURUNDI NAMANYANGA GUSA

  • Reta niyo izana inkoho kumihana y’abantu bagaca baja gusaka kuko baba bazi iyo bazitwaye hama bakaza baravyegeka kubanyagihugu,arikohrabuze numwe yokwiyemeza akarwanya ubwo butegetsi? Mukabona abatwaranye mandat 3,azoce afuta imigambwe yose ihari hama hasigare imigabwe ibiri gusa nicipfuzo canje kuko sinumva ukuntu urunani rwonanirwa nugukura umugambwe umwe namwe nimurindire muzohera nk’ifu yimijira nimwaguma mwicaye gusa ngo muroreye ibiganiro vyose ni plan ya govnment muzokwibuka bitagishoboka.

  • IRYO REMENTANYA IMANA IZOBABAZE IZONZIRAKARENGANE BARIKO BAGANDAGURA!!!BASHATSE UKO BAMARA ABANTU IVYOBO BIRAZWI!!

  • NIBAJINYIKIRE IZO MBURAKIMAZI

  • YEMWE TURAGOWE IMANA IDUFASHE

  • IMANA ni garukire,uburundi kuko intanbara ntumenya uwo ihitana nuw,ireka ndasenze (( mwami YESU tabara uburundi ntibusubire muntambara orosha imitima yimpande zose amen ))

  • Mwabapolisi Mwe Murikomuca Ubujumbu Buboze Kko Amaraso Arahuma!Ariko Ndaberetse Yezu!

  • Nibabako Meshe Izontonva

  • jewe nosaba abanyagihugu bo kumutakura kuvayo bakasigira izo nkozi zikibi hama leta bagakubitana kuko ntawutabiziko arya martiye yabayemwo imwiyerekano hariyo inkoho, ariko bishe umupolisi bamenyeko baba bakwegeye umunyagihu, nibareke rero kwinyegeza mubanyagihugu nibababwire baveyo kobisinye kugwana barwane.

  • Uwo muvugizi wigipolici nyagupfa aturitse asunurira igi polici ninterahamwe kubanyagihugu bagaca batako bakabeshra abanyagihigu ngo babafatany ibigwanisho Imana yo sumuntu umusi izokuihora none na badya bana basize bagandaguye bovuga ngo babahoyiki? Amaraso arahuma

  • Nkuko mwagiye murabibona kuva intambara itangura,amaquartiers nka CIBITOKE;NGAGARA;MUSAGA na JABE zaranzwe n,ububegito bwinshi ;mukabonako kandi uyu musi bumviye Pacifique akabagira ikiraro acishako imigambi mibi yiwe ari naco gituma bazoguma mubibazo batabizi.Nsaba reta bitebe bitebuke ikore umugambi wo kwimura abo bantu ibashire mubindi bice;aho ihakorere iyindi migambi kuko reta Vyose irabishoboye banka bakunda.Barundi b,umutima murwanye ababasubiza mwihumbi,intambara izana ubukene.

  • Nibazifate Abo Ni Za Mbonerakure Zikizura Ijoro Zimwe Zavuga Ko Zidashikiye Mandat Ya2 Ya President Ariko Mumenye Ko Yavuze Ati Uwuzowatsa Bazowubazimirizako Reka Rero Abo Banyacibitoke Bawote

  • Ariko mwabapolisi murizerako hari ibigenda joro bimwe twita satelite?

  • Ivyo birwanisho ni aba police babizana kugira baronke ingene bica abantu. None Gerard na bana biwe hari ibirwanisho bari bafise, ko Adolphe yamugandaguye apfukamye, akamurasa mu mutima hanyuma aca agandagura bana biwe bazize iki.
    Je ne sais pas la nature a horreur du vide, continuer àtuer le temps viendra où vous payerez vos forfaits impinus.
    Wait and see

  • P.Nkurikiye nagend yiririmbir kuk umeng nivy afisemw talent nah kary karirimb atak kamez!La P.N.B en général et P.Nkurikiye en particulier manquent de professionalisme!Tury twana twar utwicany?Ahoho bananiw kuk Leta mu bih vy’umutekan muk isabw gukingira abana vy’umwiharik!Je crains le pire demain!Le Pays va mal et nos pseudoleaders continuent de jouer àleur politique qui n’est rien d’autre que la démagogie!

  • Ikibabaje mu Burundi abashikana amajwi kure barataye ubuntu. Ntibakimaramara bisigura yuko batimirije gukira. Urashobora kuvuga yuko barya bana bakimiranije bariko bararasa? Arya mahasa yari imuhira bariko bararasa abo "bapolisi?" Bavuze ko bafise uwundi mugambi vyokwumvikana kandi ntakiriko kirababuza kuwurangura ariko haragera igihe bigahagarara canke bigahindukira

  • Ikibabaje mu Burundi abashikana amajwi kure barataye ubuntu. Ntibakimaramara bisigura yuko batimirije gukira. Urashobora kuvuga yuko barya bana bakimiranije bariko bararasa? Arya mahasa yari imuhira bariko bararasa abo "bapolisi?" Bavuze ko bafise uwundi mugambi vyokwumvikana kandi ntakiriko kirababuza kuwurangura ariko haragera igihe bigahagarara canke bigahindukira

  • I Burundi ni byiza ko Leta ishyiraho ingamba zo kubaka amazu mashya muma Quartier nka Musaga, Mutakura, Ngagara, Nyakabiga maze izo nkozi zikibi zikava mumujyi.

  • Abantu basemerera atinyabuna abobana bu Burundi bahurikiye mumuhari w’Imbonerakure ntabirwanishobafi ahubwobarabazizako bakomeza kubangamira abantu bafise ibirwanisho muguyungira agatoke igipolisi cigihugu. Barundi barundikazi nimuze dukorane nigipolisi cigihuhu mukugitungira agatoke mwibanga aharibirwanisho nkuko hariho abarimwobarabikora nezacane, ubukugerubu hariho abandobantu najewendimwo twazindutse tujagutungiragatoki abajejwe umutekano tubabwira abantu haribirwanisho rindiramumisimike ariko turakomeza. Nukugerageza kuzaturazimiriza imiriro imbere yimiryangoyanyu ntantambwe muzoduterana.

  • Bahora baharira ngo ntabigwanisho batanz noneho raba barik barimena igihute ubworo bwanyu turabuz nayubweng nubwimana

  • IMANA IZIGAME UBURUND IMANA YACU IZOBIKORA TUVE MUBUKORONI BWANKURUNZIZA

  • Abantu Bose Basenga Nimusabire Uburundi Kugira ngo Imana Igire Imbabazi Kugira Igihugu Kironke Amahoro

  • sha iyo leta imana iriho amaraso yabana babatumye bameny ko igihe kije kandi kirasohoye aho uwicishije inkota agiye kwicwa nayo amaraso arahuma nayo kuvuga ngo bariko barihora72 sha iconzi nuko nabo bavyaye nibashishikare umugambi wabo nka heronde bidatevy bagiy gupfa rubi

  • Abanyagihugu bo mu ma quartiere yagumutse aho kwidogera abapolisi nyabuna musabwe guhagurukira abo banywarumogi mubitse mu mazu zanyu mukabimenyesha abajejwe umutekano eka nivyo birwanisho bafise. Nato ubundi ho nimwabandanya kubakingira ikibaba ingwano bakwega izoza ihitana na mwebwe nyene. Kugira ngo mube mu mutekano bibavako nimwitandukanye n’abawuhungabanya. Nato uwambaza imana mu gukora ikibi amenye ko ata mihezagiro aronka.

  • Ooo nukuri uwomuporisi ntakund agapfuye kabazwivu reka tugandare

  • huhu abo baporis barabarab nez harigih bob arib bazizany hoh gsk bisigur kwic ahubn tuzopf turush harigih bazosanga bish abiwab

  • None ndababaze inzoka yoyizingiye kugisabo mukkuyica bigendagute? ( canke umwana avakumyaka ingahe agashika kuringahe? gerageze kuzamurabona ibintukumwe umuntu wimyaka 22 arashoboora kugwana vyarabatekurukanye humurw

  • None umukuru w’igihugu arindiye iki kugira yimure umugwa awushire mukindi gisagara nka Gitega canke ahandi IBUJA akagira ubudandarizo kugirango ahindura ivyiyumviro vyabamwe bamwe bibaza ko bazobaho kubera politique.

  • UMWAKU UBAHO UWO MUPOLISI AHUYE NURUVA GUSENYA

  • Iconosaba Nibareke Benewacu Kubakorera Ayomabi Kuko Imana Irobabaza Nimba Barondera Ibirwanisho Babibonye Nibareke Kuca Babagirira Nabi Kuko Nikiremwa C’Imana Murakoze

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.