IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Intumwa zidasanzwe z’akarere k’ibiyaga binini zashigikiye ubumwe bwa (...)

Intumwa zidasanzwe z’akarere k’ibiyaga binini zashigikiye ubumwe bwa Afrika

lundi 26 Gitugutu 2015, par egide

Umurwi w’intumwa zidasanzwe z’akarere k’ibiyaga binini umenyesha ko ushigikiye ingingo zafashwe n’inama y’umutekano n’amahoro y’ishirahamwe mpuzamakungu ONU, ku bibazo biri mu Burundi. Uwo murwi uvuga ko nawo wemera ko ibiganiro bihuza bose kandi bishingiye kw’iyubahirizwa ry’amasezerano ya Arusha arivyo vyonyene vyogarukana amahoro mu Burundi.

Mw’itangazo basohoye kuri uwu wa mbere, intumwa zidasanzwe z’akarere k’ibiyaga binini zivuga ko zishigikiye bimwe bikomeye ishirahamwe ry’ubumwe bwa Afrika, ku cegeranyo iryo shirahamwe ryasohoye c’ivyokorwa kugira amahoro, umutekano, hamwe n’intwaro ibereye bigaruke mu Burundi. Izo ntumwa zimenyesha kandi ko zishigikiye umuhuza Kaguta Yoweri Museveni yahurijweko n’ishirahamwe ry’ubumwe za Afrika, ko ariwe yohagararira ivyo biganiro. Nk’uko biri muri iryo tangazo, izo ntumwa zimenyesha ko zashimishijwe kandi n’ingingo y’uko ivyo biganiro vyobera hanze y’igihugu c’Uburundi, i Kampala canke Addis Abeba, kugira n’abatari mu Burundi bazoshobore kwivyitaba.

Tubibutse ko inyuma y’inama ku Burundi yagizwe n’umurwi ujejwe amahoro n’umutekano mw’ishirahamwe ry’ubumwe bwa Afrika, icegeranyo casohotse kimenyesha ko ibihugu bigize uwo muryango vyumvikanye ko hagiye gukorwa amatohoza akomeye kw’ihohoterwa rya kiremwa muntu hamwe n’ubwicanyi bibandanya gukorerwa abanyagihugu b’abarundi kuva imbere n’inyuma y’amatora yo mu 2015.

Kuva kuwa gatandatu igenekerezo rya 17 Gitugutu 2015, iminsi 45 akaba ariyo yatanzwe kugira icegeranyo c’ayo matohoza kizobe casohotse.

Ishirahamwe ry’ubumwe bwa Afrika rimenyesha ko ibihano bizofatirwa abazokwagirwa n’ivyo vyaha, ivyo navyo akaba ari kubabuza ingendo (interdictions de voyage), gufata ubutunzi bwabo (Gel d’avoirs). Mu bazofatirwa ibihano kandi hakaba harimwo n’abazoba bakoresheje imvugo zikwegera abantu mu bugizi bwa nabi.

Iryo tangazo ry’ishirahamwe ry’ubumwe bwa Afrika rimenyesha ko ubwicanyi mu Burundi bwiyongereye cane, kuva mu mpera z’ukwezi kwa kane 2015, igihe Petero NKURUNZIZA ashizwe imbere mu kirongo ca gatatu, mu kibanza c’uguserukira umugambwe CNDD FDD mu matora y’umukuru w’igihugu, ivyiyamirijwe n’abatavuga rumwe n’ubutegetsi hamwe n’abari mu mashirahamwe adaharanira ivyicaro vya poritike bamenyessheje ko yahonyanze amasezerano y’i Arusha.


IGIHE

Messages

  • Muri Abagabo Pe!Ko Ko Ahari Abagabo Ntiharwa Ibara.

  • Nkurumbi genda genda ugurishe amavoka warimye areze,imbonerakunya nabagumyabondo bagushigikiye bazogufasha gucungera amavoka ntiyibwe uriko urayagurisha,ONU,UE,UA,KOMERA KWIJAMBO uyu mukungu nkurumbi azoteba aje kumurongo kuko burya ntiyarusha inguvu SADAM,KADHAFI.

  • ndashigikiye ivyo bikorwa vyashikirijwe kandi iyo babinyarutsa.

  • nta gihugu gipfakara naveho nabandi batware

  • Mwitonde ibimubona sibwobwambere bibaye kw’Isi bwibuke uyodusomye muri bibiriya turasangaho ibintu bisa nibibiriko birakorwa ngaha Burundi ndavuga mugihe ca Mosi nsinzikomwibuka ico Imana yabakoreye? Mwebwe barundi mwifatikanije nabobanyamahanga mugukorera amabibi uburundi nabenebwo uburake bw’Imana mugihe kidashika imyaka ibiri nimbamutururutse ngomureke kugumamukora mujisho uburundi bitarenze muricogihe navuze mugiye kubona ibara, ibihugu vyabigizemwo uruhara muzobona ibizobibako, abantubabigizemwo uruhare muzobona ibizobabako umwumwewese kugatwekiwe nihomuzobona gushira nkifuyimijira bisigura.

  • EREGA YARAMASE!HASIGAY KUMUMATURA!!IBIGANIRO NTIYOVYITABA!

  • Naveho kuko nta Bugabo afise kanatsinda abenshi muba hutu yaraduhemukiye.Nta Politique azi kuko igihugu yagisubije inyuma cane nko mu ntwaro ya Micombero.Nta ntambwe twatereye nagato.

  • Ariko jewe hariho igihe abantu bikoresha ibintu nkasanga ninkudukino barimwo barikorera! Umvanamwe , umubosi canke uwugukuriye, akagutuma atigenda kwanaka undebere imyitwarire yabo at uzoheze ugaruke uvuga ukwowabibonye, noneho ukiriyo utaranasubira inyuma ukumva wamu boss yagutumye aratangaje Ko afashumwanzuro kandi utaribwamubwire ukowewe wabibinye, nizereko abahejeje kukubwirango niwagaruka uzovuge nkukwondavyiyumvira jewe. Ababantu nikwobakoze kandinanje uwunkuriye andungitse abantu kumutohoreza inkuru ngonzohezengaruke ndamubwire ukonabibonye ntaramuha inkuru zukonabibonye nkumva yafashe icemezo cukuntu bizogenda nanje nocansubiramwo ivyoyavuze. Mbega Africa!!!?.

  • erega #falcon#uzicwa nagahinda.mbe ahuvugango kadafi canke sadam ubona kadafi canke sadam vyaribishigikiwe nuburusiya nubushinwa.uri ikintazi hoho perezida ubona yongana nawe?bawitonda ukoresha nimvugo nkiyumuntu afise indero bizogufasha.kuko perezida abamuri inyuma namamiriyoni namamiriyoni.mbe aribo bagumutse ubona hatoca haka umuriro?

  • Nibagire Badutabare Badukureko Inontwaro Bigeze Imana

  • We Mugabo Nama Naadakubwira Ntiwumva! Sha Vaho Hakirikare Wambwawe Ngwaho Ama Dron Yabazungu,nkenda Mama, Ee Wewe Ntubibona,ugwo Rotwe Bararumongora Mwishwanje. Wishinga Kujebajeba Nkimboro Yimbata,barayigegena Nkenda Mama Uzoca Wahukana Na Dénise.

  • AHUBWO NIBANYARUTSE BATUGWANEKO NAYAHANDIHO ABARUNDI TURAHONA

  • ABIYITA DODO HAGABIMANA SEMERERA FARCON MUZOPFA MWIPFUZA TEKEREZE TUBAMESE KOMUHAMAGARAMAKUNGU?GUMEHAMWE TUBASHISHIME KUKO INKONA NTIYARUZWA,KANATSINDA NTAWUBUZINKONA KWARARA

  • NUKUR AMASENGE SHO NAMARIRA YABARUNDI NGIRA IMANA YAYABONYE NAKARE NGO AHARI ABAGABO NTIHAGWA IBARA JEWE NAHO NDI MUBUHUNGIR NDA BISHIMY ARIKO NYAMBA HARIHO IBIHAN KURI NGURUKA NABUMENY NIBAZ BARAHANA ABO BATUKANA HARI HO INTU USHO BORA GUSOMA NAWE NISONI RIKAZ MURAKOZ

  • NUKUR AMASENGE SHO NAMARIRA YABARUNDI NGIRA IMANA YAYABONYE NAKARE NGO AHARI ABAGABO NTIHAGWA IBARA JEWE NAHO NDI MUBUHUNGIR NDA BISHIMY ARIKO NYAMBA HARIHO IBIHAN KURI NGURUKA NABUMENY NIBAZ BARAHANA ABO BATUKANA HARI HO INTU USHO BORA GUSOMA NAWE NISONI RIKAZ MURAKOZ

  • Murabesha twaramutoye.tuzorasana gushika imyaka itanu iheze.kumeza umurego ubuho ico mwarondera mwitwaza ngo ni mandat caramenyekanye.

  • yemye.mwese.abandika.mwandike.ivyubaka.vyukuri.peter.reka.gusesa.amaraso.yabarundi.nvuze.wewe.kuko.vyose.vyavuye.kuri.we.ndashigikiye.ue.onu.nibindi.bihugu.

  • (URUGO NTINTIGWUBAKIRA URUNDI.)

  • iryo ri DD ryishimikiza abashinwa n’abarusiya mbe batumariyiki ?abarundi twenyene tuzomwishoborera.

  • Classement 2015 : Les 25 pays les plus
    pauvres du monde
    ACTUALITÉ 24 octobre 2015 ,
    ï µ45 commentaires ï ®26574
    Partager sur Facebook Partager sur Twitter
    Partager sur Google
    Selon le classement de Forbes, basé sur des
    données du FMI, le continent le plus riche du
    monde (Afrique) a les habitants les plus
    pauvres au monde. En effet, parmi les 25 pays
    les plus pauvres au monde, seuls trois ne sont
    pas africains.
    Ci-dessous, un tableau listant les 25 pays les
    plus pauvres au monde.
    Rang
    Pays
    PIB par habitant (en dollars US)
    1
    Burundi
    315,2
    2
    République centrafricaine
    338,7
    3
    Malawi
    352,7
    4
    Gambie
    384,2
    5
    Madagascar
    392,6
    6
    Niger
    403,4
    7
    Libéria
    469,1
    8
    République démocratique du Congo
    478,2
    9
    Guinée
    545,6
    10
    Togo
    578,1
    11
    Guinée-Bissau
    582,2
    12
    Afghanistan
    614,9
    13
    Ouganda
    625,3
    14
    Mozambique
    626,2
    15
    Erythrée
    630,3
    16
    Burkina Faso
    631,4
    17
    Mali
    672,2
    18
    Sierra Leone
    675,2
    19
    Ethiopie
    702,1
    20
    Bénin
    709
    21
    Comores
    736,8
    22
    Rwanda
    742,9
    23
    Népal
    751,1
    24
    Haïti
    829,6
    25
    Sénégal
    934,6

  • ukonabibona,abantubakorerumugambwurikubutegetsi umengontabwengebagirabwarabaheranye nibarorere amategeko yagiyekuza nonebobontiyazobafata?igihugukigiyekugwamukaga mugabikinryohera nukonabonyenebarimwo

  • ASHA NAKAMARAMAZA BASI MBE NKIZIMBWA NI ABA POLISI CANKE NI INTERAHAMWE NIMBONERAKURE? NI HEHE UMU POLISI ASHOBORA KWIYADUKIZA MUBANYAGIHUGU AKABAMARA ABARASA ASHA NKURUMBI HAMWE YAMA ADUHENDA NGO ARASENGA UBU TWARAMUHINYUYE BURYA YARI INGWE YIYAMBITSE URUSHATO RWINTAMA! ASHA NTAMURUNDI AZOSUBIRA GUHENDWA NA NKURUMBI BASI HAMA ABO BA BONO BABA DD BIHENDA NGO BAZORWANA MPAKA IMYAKA 5 NGWIHEZE NIBARORERE GATOYI ARYA MEZI AZOHERE IYOMBWA PETER ITISHIKANYE IMBERE YA KIZIGENZA MUKURU ARONGOYE UBUMWE BWUBURAYI HAMA ZOCE ARABA YUKO CNARED ITAZOMUTOZA IMINWE AKAMERA NKA LAURENT GBAGBO!

  • nisenge bizocamwo. uwuri kur vola niyesu

    .

  • Ntashobora kwitabibiganiro,abikuzimu,bamuhaye gasopo gusubira kwurira indege,nne azoshika kampala ninkaranobe?natimbire ngoho tumutozintoke ari mwikareso,hanyuma tumuhonde muri rurya ruhara ,namavya tuyace

  • Abakoze Ivyaha Nkivyo Nibahanwe Kuko N Imana Ntizo Bababarira.

  • Luc
    Komera ivyo uvuze nivyo,je ndi umututsi akorana na peter nahisemwo gukorana n’abahutu kubera bahohotewe,komera nivyo nama mvuga nibareke kwihutisha dialogue tubanze turasane ,jewe ariko nongerako 5 ans ikaba ibaye 10 ans,donc 10 ans y’umuziki muri ville hazosigare uwo imana ishaka

  • Naho Amakungu Ahagarara Ku masezerano Ya Arusha Je Mbona Aribo Bashigikiye Ibintu Vy’amoko Vyari Bikwiyeko Ikibazo C’amoko Kiva Mumitima Yabantu Amasezerano Ya Arusha Akavanwaho Kuko Ashimangira Ivy’amoko Maze Bagaha Ubushobozi Abanyagihugu Bwo Kwitorera Indongozi Bataravye Ngo Uyu N’umuhutu Canke N’umututsi Canke Ngo Ivyegera Ngo Biva Murububwoko Canke Buriya!

  • Mwavyanka mwavyemera tuzoganira ibindi iyi ni ntwaro yitorewe na benegihugu mubandanije mugagaza twe abenegihugu tuzoyihagarira democratie ntigende akagirire

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.