IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Iradiyo y’igihugu igiye gusubira kwumvikana mu buseruko bw’igihugu

Iradiyo y’igihugu igiye gusubira kwumvikana mu buseruko bw’igihugu

jeudi 10 Kigarama 2015

Inyuma y’igihe kitari gito itumvikana mu gice c’ubuseruko bw’igihugu,Iradiyo y’igihugu igiye gusubira kwumvika.

Nkuko amakuru dukesha iradiyo y’igihugu abimenyesha,iradiyo y’igihugu yari yaretse kwumvikana mu buseruko bw’igihugu inyuma y’aho imoteri ikoresha ivyuma birungika amajwi ipfiriye.

Iyo moteri yari ku musozi wa Birime muri Komine Bweru y’intara ya Ruyigi yatuma ivyuma birungika amajwi bikora yapfuye haraheze igihe kitari gito,ivyatumye iradiyo y’igihugu idasubira kwumvikana.

Imoteri yari yaragize ikibazo yarasubirijwe,iradiyo y’igihugu ikaremesha abanyagihugu bo mu ntara na Ruyigi na Cankuzo ko mu minsi ya vuba bagiye gusubira kwumva iradiyo y’igihugu isamirana.


Van Naris Mugisha

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.