IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Ishirahamwe CIRGL‬ ryakuye abakozi baryo mu Burundi

Ishirahamwe CIRGL‬ ryakuye abakozi baryo mu Burundi

vendredi 20 Munyonyo 2015, par egide

Ishirahamwe CIRGL (Conférence Internationale sur la Région des Grands Lacs) ryahora rikorera i Bujumbura ryamenyesheje ko ryimuriye vy’agateganyo ibikorwa vyaryo mu gisagara ca Lusaka, muri Zambiya. Iryo shirahamwe rimenyesha ko iyo ngingo yafashwe ku mvo z’umutekano muke uri i Bujumbura.

Mw’ikete yanditse, umukuru w’iryo yamenyesheje ko adatekaniwe kubw’umutekano wiwe, hamwe n’uw’abakozi bose muri rusangi. Uwurongoye CIRGL avuga ko mu gisagara ca Bujumbura, ku ndwi ku ndwi, no ku munsi ku munsi ibiziga bibandanya gutorwa, ivyo bikibonekeza kandi no mu yindi mihingo y’igihugu c’Uburundi.

NTUMBA LUABA, umunyamabanga nshingwabikorwa wa CIRGL (Conférence Internationale sur la Région des Grands Lacs) i Bujumbura, avuga kandi ko habandanya kwibonekeza ugutana mu mitwe kw’abaporisi n’abandi bantu bitwaje ibirwanisho, aho n’amagerenade asigaye aterwa mu gisagara ca Bujumbura ku murango izuba riva.

Muri CIRGL bakamenyesha ko iyo ngingo y’ukwimukira muri Zambiya ari iy’agateganyo, bakazogaruka gukorera mu Burundi mu gihe amahoro azoba yasubiriye gusasagara.

Messages

  • Komera mutama nimuhunge aka karwi ka nkurumbi ki mbonerakunya n’abagumyabondo ntikabahitane.

  • Nimwigire na mahoro uburundi bwabaye ndanse aho gupfimikeke hapfa abantu kubera intwaro mbi yimihimbiri ibisuma ibinywa maraso

  • CIRGL n’amanyanga gusa, ayo ma organisations regionales ntaco amariye abanyagihugu. Baragize itohoza kuri FDRL ikorana n’imbonerakure ariko gushika uno musi nta muntu n’umwe yigeze akubita ijisho rapport yivyavuyemwo. Nguma nibaza ko Hari ivyo bariko barahisha

  • jyewe nosaba nayandi mashirahamwe asanzwe akorera i burundi ko yota akomoka nahubundi barabamena imitwe igihugu kiri mu ntambara nibahunge bakivemo tugisigaremo twenyine aba cndd fdd

  • Nibifatirakayira bigire nti babagandagure murazi akokarwi kinkora bara, kigi porisi ntaco kibanga, mwibuke abanyamahanga bamaze kugandagurirwa ngaho mugisagara ca Bujumbura atacobazira ni beshi.

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.