IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Muri FOCODE basaba ukuri ku banyeshure biciwe muri Kaminuza y’Uburundi

Muri FOCODE basaba ukuri ku banyeshure biciwe muri Kaminuza y’Uburundi

mercredi 11 Ruheshi 2014

Mu ntumbero yo kwibuka imyaka 19 iheze abanyeshure bo muri kaminuza y’Uburundi bagandaguwe, ishirahamwe FOCODE ryasohoye urwandiko aho ryifadikanya n’imiryango yabuze hamwe n’abacitse kw’icumu. Risaba ukuri ku bakoze ubwo bwicanyi, eka no ku bundi bwicanyi bwabaye. Ivyapfundikiwe i Arusha ku murwi wo kumenya ukuri n’ukurekuriranira akaba arivyo vyofatirwako mu gushiraho uwo murwi.

JPEG - 1.1 Mo
Ndayishemeze Denis icegera c’uwurongoye FOCODE

Inyuma y’imyaka 19 iheze habaye ubwicanyi mu kigo ca kaminuza y’Uburundi kiri ku Mutanga, aho abanyeshure benshi bari mu bwoko bw’abahutu bagandaguwe ata camira, urwandiko rwasohowe n’ishirahamwe FOCODE rusaba ukuri kw’igandagurwa ry’abo bana b’igihugu.

Urwandiko rwasomwe n’icegera c’uwurongoye FOCODE Ndayishemeze Denis, rusaba ko abarundi bose bapfuye bahitanywe n’intambara bohabwa iteka mu kubibuka mu gihugu cose, kakaba akaryo keza ko kwemanga akahise kabishe. Ikindi n’uko inyuma y’iyo myaka hari abanyeshure muri kaminuza bashobora kuzira ivyakozwe n’abo batazi, ari naco gituma kwibukira hamwe abo bose bahitanywe n’intambara vyobera hamwe.

Ishirahamwe FOCODE ribona ko ko kumenya ukuri kuri kahise k’igihugu yoba inzira nziza yo gusubiza hamwe, ariko iryo shirahamwe rikagira amakenga kw’itegeko rishasha rizogenga umurwi wo kumenya ukuri n’ukurekuriranira. Itangazo basohoye rivuga ko iryo tegeko ata cizere co kumenya ukuri ritanga, niko gusaba abatwara iguhugu ko bokurikiza amasezerano y’i Arusha mu gishiraho umurwi wizewe na bose.

Ishirahamwe FOCODE rirangiza ryibutsa ubutegetsi ko guhuza abarundi coba igikorwa gihurikiyemwo bose, kandi kikaraba abo bose bahitanywe n’intambara zihitiye mu Burundi.


Cherif Nkeshimana

Messages

  • Twarababariranye vyaraheze uhu si igihe c’ivyibutso

  • "Mw’ijoro, imbeba mu kugusemura irahuha". Iyi nkuru ya FOCODE kugarukira abanyeshure b’abahutu biciwe kuri Universite en 1995, n’aho ihumuriza, ntaho itaniye na ya article RDC-L’information piegee ya Christian Bigirimana na Dieudonne Hakizimana b’Ikinyamakuru IWACU@Antoine Kaburahe. Ku bwanje, ego le ridicule ne tue pas, mugabo mvuga ko ari uburyo bw’abo bantu bwo gupfukapfuka amakosa y’agahomerabunwa bagiye bakora mu gutukisha no gusiba u Burundi na benegihugu. Kwihenda ni ibisanzwe ariko guhemukira igihugu bikaba ibindi. Aho bigeze, ngira nti "ve ibuzimu muje ibuntu" kandi "ubugabo burihabwa". Iyaba ndi mu kibanza ca Ndayishemeze Denis wa FOCODE, nari kwanka Pacifique Nininahazwe akaba ari we asoma urwo rwandiko. Ariko numva aya mazina, Ndayishemeze na Nininahazwe, asigura kimwe.

  • AKO KAGAYE NIKO KATUMAZE !!!!MWABATUTSI MWE...

  • Mbe Pacifique vyagenzegute kubatariwe yavuze gayemwe!!!???

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.